Zaburi
104 Hezagira Yehova, mutima wanje+!
Ewe Yehova Mana yanje, wabonetse ko uhambaye cane+.
Wiyambika iteka n’ubwiza bwakaka+,
Uramvura amajuru nk’igitambara c’ihema+,
3 Ukaba Umwe yubaka mu mazi ivyumba vyiwe vyo hejuru akoresheje ibigiga+,
Akagira ibicu umukogote wiwe+,
Akagendera ku mababa y’umuyaga+,
4 Akagira abamarayika biwe impwemu+,
Abasuku biwe akabagira umuriro urigata+.
5 Yashinze isi ku bibanza vyayo bishimangiye+;
Ntizogenda inyiganyijwe gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera+.
7 Warahambaye atangura guhunga+;
Yumvise ijwi ry’umuturagaro wawe, yiruka yataye umutwe,
Ibiyaya vy’imibande bitangura kumanuka,
Yiruka aja mu kibanza wayashingiye.
12 Hejuru yazo ni ho ibiremwa biguruka vyo mu kirere vyikinga+;
Biguma bijwiragirira mu mababi azitanye+.
14 Amereza ibikoko ivyatsi bitoto+,
N’ibimera ngo abantu bavyikoreko+,
Ngo atume ibifungurwa bisokoroka biva mw’ivu+,
15 N’umuvinyu unezereza umutima w’umuntu buntu+,
Ngo akayanganishe mu maso amavuta+,
N’umukate utunga umutima w’umuntu apfa+.
16 Ibiti vya Yehova birahaga,
Amasederi y’i Libani yateragiye+,
Nayo agasoza, ibiti vy’imiberoshi ni vyo nzu yako+.
18 Imisozi miremire+ ni iy’impene zo mu misozi+;
Ibibuye vy’urutare ni ubuhungiro bw’inkezi zo mu bitandara+.
21 Intambwe z’imikangara z’imigāra ziroha zirondera ico zicakira+,
No kugira zirondere ku Mana ico zirya+.
24 Ewe kuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Yehova we+!
Vyose wabikoranye ubukerebutsi+.
Isi yuzuye ivyo wakoze+.
25 Nayo iki kiyaga amahanga kandi kigereza kure gutyo+,
Muri co hariyo ibigendagenda bitagira igitigiri+,
Ibinyabuzima, bitobito na bininibinini+.
29 Uhishije mu maso hawe, bihagarika umutima+.
Utwaye impwemu yavyo, biracikana+,
Bigasubira mu mukungugu wavyo+.