Nehemiya
6 Nuko Sanibalati+ na Tobiya+ na Geshemu+ Umwarabu+ n’abansi bacu basigaye bakimara kumenyeshwa yuko nari nasubiye kwubaka uruhome+ be n’uko ata gihengeri cari gisigaye muri rwo (naho gushika ico gihe ntari bwashire imiryango+ mu marembo+), 2 Sanibalati na Geshemu baca bantumako bati: “Nuze, duhure+ kw’isango mu bigwati vyo mu kiyaya c’umubande ca Ono+.” Mugabo bariko bategura umugambi wo kungirira nabi+. 3 Nuko ndabatumako intumwa+ nti: “Ndiko nkora igikorwa gihambaye+, sinshobora kumanuka. None igikorwa gihagarare bitumwe n’uko ndakivuyeko nkamanuka aho muri+?” 4 Ariko bantumako iryo jambo nyene incuro zine, nanje nguma ndabishura kwa kundi.
5 Amaherezo Sanibalati+ antumako umusuku wiwe rya jambo nyene ubugira gatanu, afise mu kuboko ikete ryuguruye. 6 Ryari ryanditswemwo ngo: “Vyarumviswe mu mahanga, kandi na Geshemu+ arabivuga, yuko wewe n’Abayuda muriko mutegura umugambi wo kugarariza+. Ni co gituma uriko wubaka uruhome; kandi ugomba kubabera umwami+, nk’uko ayo majambo ari. 7 Mbere hari abahanuzi washizeho ngo basemerere i Yeruzalemu hose ku bikwerekeye, ngo: ‘Hariho umwami muri Yuda!’ Ibintu nk’ivyo rero bizomenyeshwa umwami. None rero nuze tuje inama+.”
8 Ariko ndamutumako nti: “Ibintu nk’ivyo uvuga ntivyabayeho+, ahubwo uriko uvyigenera mu mutima wawe+.” 9 Kuko bose bariko barondera kudutera ubwoba, mu kuvuga ngo: “Amaboko+ yabo azoregera* areke igikorwa, ku buryo kitazokorwa.” Mugabo ubu nukomeze amaboko yanje+.
10 Nuko jewe ubwanje ninjira mu nzu ya Shemaya mwene Delaya, Delaya mwene Mehetabeli, mu gihe yari yiyugaranye+. Maze avuga ati: “Duhure kw’isango+ ku nzu y’Imana y’ukuri, mu rusengero+, duheze twugare imiryango y’urusengero; kuko bahava baza kukwica, egome, bahava baza kukwica mw’ijoro+.” 11 Mugabo mvuga nti: “Mbega umuntu nkanje yohunga+? Ni nde muntu nkanje yokwinjira mu rusengero akabaho+? Eka sininjira!” 12 Nuko ngira itohoza, nsanga Imana+ atari yo yari yamutumye, mugabo ubwo buhanuzi yari yabumvuzeko+ kubera Tobiya+ na Sanibalati bari bamuhêreye+. 13 Iki ni co cari catumye ahêrwa+: kugira ngo ngire ubwoba+, nkore gutyo, ncumure+ koko maze baronke akaryo ko gutuma ngira izina ribi+, kugira ngo bansige iceyi+.
14 Ewe Mana yanje, wibuke+ Tobiya+ na Sanibalati, nk’uko ibi bikorwa vy’umwumwe wese biri, na Nowadiya umuhanuzikazi+ be n’abandi bahanuzi baguma barondera kuntera ubwoba.
15 Amaherezo uruhome+ rurangira ku musi ugira mirongo ibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli, mu misi mirongo itanu n’ibiri.
16 Abansi bacu+ bose bakimara kuvyumva n’amahanga yose yari irya n’ino yacu akabibona, baca barajonjogora mu maso yabo, maze bamenya ko ico gikorwa cari cakozwe bivuye ku Mana yacu+. 17 Muri iyo misi kandi, abanyacubahiro+ ba Yuda bǎrarungikira amakete menshi Tobiya+, na bo bakaronka aya Tobiya. 18 Kuko benshi muri Yuda bari bacuditse na we biciye ku ndahiro, kubera ko yari umukwe wa Shekaniya mwene Ara+; kandi Yehohanani umuhungu wiwe yari yarabiriye umukobwa wa Meshulamu+ mwene Berekiya. 19 Vyongeye, bǎguma bamuvugako ibintu vyiza imbere yanje+. Kandi amajambo yanje baguma bayamushira. Hari n’amakete Tobiya yarungika kugira antere ubwoba+.