Ku muyobozi. Ururirimbo, agahibongozo.
66 Nimuvugirize Imana akaruru k’intsinzi, yemwe abo kw’isi mwese+!
2 Nimuhibongoreze ubuninahazwa bw’izina ryiwe+.
Nimutume ishemezo ryiwe riba irininahaye+.
3 Bwire Imana muti: “Ese ingene ibikorwa vyawe biteye ubwoba+!
Kubera ubwinshi bw’inkomezi zawe, abansi bawe bazoza kuri wewe bahinda agashitsi+.
4 Abo kw’isi bose bazokwunamira+,
Kandi bazoguhibongoreza, bazohibongoreza izina ryawe+.” Sela.
5 Nimuze murabe ibikorwa vy’Imana+.
Ivyo igirira abana b’abantu birateye ubwoba+.
6 Ikiyaga yagihinduye isi yumutse+;
Bajabutse n’amaguru baciye mu ruzi+.
Ng’aho, dutangura kunezerwa mu Mana+.
7 Iganzisha ubushobozi bwayo gushika igihe kitagira urugero+.
Amaso yayo aguma areretse amahanga+.
Nayo intagondwa, ntizishire hejuru+. Sela.
8 Hezagire Imana yacu, yemwe bisata vy’abantu+,
Mwumvikanishe ijwi ry’ukuyishemeza+.
9 Idushira mu buzima+,
Kandi ntiyaretse ikirenge cacu ngo kinyiganyige+.
10 Kuko wadusuzumye, ewe Mana+;
Wadutyoroye nk’uwutyorora ifeza+.
11 Watwinjije mu rusenga rw’uruhigi+;
Wadushize umukazo mu mafyinga.
12 Watumye umuntu buntu atugendera ku mutwe+;
Twaciye mu muriro no mu mazi+,
Uradusohora utuzana ku gutabarwa+.
13 Nzoza mu nzu yawe mfise amashikanwa aturirwa uko yakabaye+;
Nzoshitsa indagano zanje kuri wewe+,
14 Izo iminwa yanje yasamye ikavuga+,
N’umunwa wanje ukazivuga igihe nari ngeze habi+.
15 Nzogushikanira amashikanwa aturirwa uko yakabaye y’ibitungwa bikiri bito binuze+,
Kumwe n’umwotsi w’ibimazi w’impfizi z’intama.
Nzohereza ishūri hamwe n’amasuguru y’impene+. Sela.
16 Nimuze mwumvirize, yemwe abatinya Imana mwese, nigane+
Ivyo yankoreye+.
17 Narayihamagaye n’akanwa kanje+,
Ururimi rwanje na rwo rurayihayagiza+.
18 Nimba mu mutima wanje naritegereje ikibi na kimwe,
Yehova ntazonyumva+.
19 Vy’ukuri, Imana yarumvise+;
Yateze ugutwi ijwi ry’isengesho ryanje+.
20 Hahezagirwe Imana itigijeyo isengesho ryanje,
Canke ngo yigize ubuntu bwuzuye urukundo bwayo kure yanje+.