135 Shemeze Ya+!
Nimushemeze izina rya Yehova+,
Mushikane ishemezo, yemwe basavyi ba Yehova+,
2 Mwebwe abahagarara mu nzu ya Yehova+,
Mu bigo vy’inzu y’Imana yacu+.
3 Shemeze Ya, kuko Yehova ari mwiza+.
Nimuhibongoreze izina ryiwe, kuko bihimbaye+.
4 Kuko Ya yitoreye Yakobo+,
Isirayeli ngo abe inyegu yiwe idasanzwe+.
5 Kuko jewe nzi neza yuko Yehova ahambaye+,
Kandi ko Umukama wacu aruta izindi mana zose+.
6 Ivyo Yehova yahimbawe no gukora vyose yarabikoze+
Mu majuru no mw’isi, mu biyaga no mu nyenga z’amazi zose+.
7 Atuma imyuka iduga kuva ku mpera y’isi+;
Yakoreye imvura ingomero+;
Asohora umuyaga mu bigega vyiwe+,
8 We yariritse imfura za Misiri+,
Umuntu hamwe n’igitungwa+.
9 Yarungitse ibimenyetso n’ibitangaro hagati yawe, ewe Misiri+,
Kuri Farawo no ku basavyi biwe bose+;
10 We yariritse amahanga menshi+
Akica abami b’abanyabushobozi+,
11 Mbere na Sihoni umwami w’Abamori+
Na Ogi umwami wa Bashani+
N’ubwami bwose bw’i Kanani+,
12 Ari na we yatanze igihugu cabo bwa ntoranwa+,
Intoranwa ihawe Isirayeli igisata ciwe+.
13 Ewe Yehova, izina ryawe ni iryo gushika igihe kitagira urugero+.
Ewe Yehova, icibutso cawe ni ic’iyaruka ku rindi+.
14 Kuko Yehova azoburanira abantu biwe+,
Kandi azokwicuza ku vyerekeye abasavyi biwe+.
15 Ibigirwamana vy’amahanga ni ifeza n’inzahabu+,
Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+.
16 Umunwa birafise, mugabo nta co bishobora kuvuga+;
Amaso birafise, mugabo nta co bishobora kubona+;
17 Amatwi birafise, mugabo nta co bishobora gutega ugutwi+.
Kandi nta mpwemu iri mu kanwa kavyo+.
18 Ababikora bazomera nka vyo+,
Umuntu wese avyizigira+.
19 Ewe nzu ya Isirayeli, nimuhezagire Yehova+!
Ewe nzu ya Aroni, nimuhezagire Yehova+!
20 Ewe nzu ya Lewi, nimuhezagire Yehova+!
Mwebwe abatinya Yehova, nimuhezagire Yehova+!
21 Yehova ahezagirwe kuva i Siyoni+,
We yibera i Yeruzalemu+.
Shemeze Ya+!