Abanyefeso
1 Jewe Paulo, intumwa+ ya Kristu Yezu biciye ku kugomba kw’Imana+, ndabandikiye mwebwe aberanda bari i Efeso n’abizigirwa+ bunze ubumwe+ na Kristu Yezu:
2 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye+ n’amahoro+ biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu.
3 Hahezagirwe Imana ari yo Se w’Umukama wacu Yezu Kristu+, kuko yaduhezagije+ umuhezagiro wose wo mu vy’impwemu mu bibanza vyo mw’ijuru+ mu bumwe na Kristu, 4 nk’uko nyene yadutoye+ mu bumwe na we imbere y’ishingwa+ ry’isi, kugira ngo tube beranda, tutagira ikirabagu+ imbere yayo mu rukundo+. 5 Kuko yatugeneye imbere y’igihe+ kugirwa abana bayo+ bwite biciye kuri Yezu Kristu+, nk’uko bihimbara ukugomba kwayo+, 6 ngo hashemezwe+ ubuntu ata wari abukwiriye bwayo+ buninahaye, ubwo yatugiriye n’umutima ukunze biciye ku mukundwa wayo+. 7 Muri we, turaronka ukubohorwa biciye ku ncungu* tubihawe n’amaraso+ y’uwo, egome, ukubabarirwa+ amakosa yacu, nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo buri+.
8 Ubwo buntu yarabugwije kuri twebwe mu bukerebutsi+ bwose no mu gutahura ibintu neza kwose, 9 kuko yatumenyesheje rya banga ryeranda+ ry’ukugomba kwayo. Rirahuye n’ibiyihimbara, ivyo yiyemeje muri yo ubwayo+, 10 kugira ngo habe ubuyobozi+ ibihe vyashinzwe bimaze gukwira+, ni ukuvuga ukwongera gukoraniriza hamwe+ ibintu vyose muri Kristu+, ivyo mw’ijuru+ n’ivyo kw’isi+. Egome, muri we, 11 mu bumwe na we tukaba kandi twatorewe kuba ba samuragwa+, kuko twagenywe imbere y’igihe hisunzwe intumbero y’umwe akora vyose nk’uko ukugomba kwiwe guhanura+, 12 kugira ngo dukorere ishemezwa ry’ubuninahazwa bwiwe+, twebwe ababaye aba mbere mu kwizigira Kristu+. 13 Mugabo na mwebwe mwaramwizigiye aho mumariye kwumva rya jambo ry’ukuri+, ya nkuru nziza y’ubukiriro bwanyu+. Biciye kuri we kandi, aho mumariye kwemera, mwaradomweko ikidodo+ ca ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe+, 14 ikaba ari icemeza+ twahawe hakiri kare c’intoranwa yacu+, kugira ngo inyegu+ y’Imana ibohorwe biciye ku ncungu+, kugira ngo ubuninahazwa bwayo bushemezwe.
15 Ni co gituma na jewe, kuva aho numviye ukwizera mufise mu Mukama Yezu no ku bijanye n’aberanda bose+, 16 ntahengeshanya gushima ku bwanyu. Mbandanya kubashira mu masengesho yanje+, 17 kugira ngo ya Mana y’Umukama wacu Yezu Kristu, ari yo Data w’ubuninahazwa, ibahe impwemu y’ubukerebutsi+ n’iy’uguhishurirwa mu bumenyi butagira amakosa buyerekeye+. 18 Vyongeye, kubera yuko amaso+ y’umutima wanyu yamurikiwe+, nsenga kandi kugira ngo mumenye icizigiro+ yabahamagariye ico ari co, mumenye ubutunzi buninahaye+ ibikiye aberanda+ bwa ntoranwa ubwo ari bwo, 19 mumenye n’ubukuru buhebuje bw’ububasha+ bwayo ubwo ari bwo kuri twebwe abemera. Ubwo bukuru bubonekera mw’ikora+ ry’ubushobozi bw’inkomezi zayo, 20 iryo yakoresheje mu bijanye na Kristu hamwe yamuzura mu bapfuye+ ikamwicarika iburyo bwayo+ mu bibanza vyo mw’ijuru+, 21 hejuru cane y’intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose n’ubutware bwose+ n’amazina yose avugwa+, atari muri iki gihe*+ gusa, ariko no mu kizoza+. 22 Yashize kandi ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe+ ngo abiganze, yongera imugira umutwe ku bintu vyose+ ku bw’ishengero, 23 ari ryo mubiri wiwe+, ukunengesera+ kw’umwe yuzura vyose muri vyose+.