Malaki
1 Ijambo ryamenyeshejwe:
Ng’iri ijambo Yehova+ yavuze ku vyerekeye Isirayeli biciye kuri Malaki:
2 “Narabakunze+,” ni ko Yehova avuze.
Namwe mwavuze muti: “Wadukunze gute+?”
“Mbega Esawu ntiyari mwene wabo na Yakobo+?”, ni ko Yehova avuze. “Ariko nakunze Yakobo+, 3 Esawu+ na we naramwanse; kandi amaherezo imisozi yiwe nayihinduye igiharabuga+, intoranwa yiwe ndayiha imbwebwe zo mu gahinga+.”
4 “Ko Edomu aguma avuga ngo: ‘Twarajanjaguwe, ariko tuzogaruka twubake ibibanza vyatikijwe,’ ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo* avuze: ‘Bobo bazokwubaka, nanje nsambure+. Kandi ntibazobura kubita “akarere k’ububisha,” babite kandi “abantu Yehova yasutseko imisibo+ gushika igihe kitagira urugero*.” 5 Amaso yanyu azovyibonera, namwe ubwanyu muvuge muti: “Yehova ashimagizwe ku karere ka Isirayeli+.”’”
6 “‘Umwana aratera iteka se+, n’umusuku agatera iteka shebuja wiwe ahambaye+. None nimba ndi so+, iteka ryanje riri hehe+? Kandi nimba ndi Shobuja Ahambaye, ukuntinya+ kuri hehe?’ ni ko Yehova nyen’ingabo ababwiye, yemwe baherezi musuzugura izina ryanje+.
“‘Namwe mwavuze muti: “Izina ryawe twarisuzuguye gute?”’
7 “‘Mu gushikiriza ku gicaniro* canje umukate wanduye+.’
“‘Namwe muti: “Twakwanduje gute?”’
“‘Mu kuba muvuga ngo: “Imeza+ ya Yehova ni ikintu co gusuzugurwa+.” 8 Iyo mushikirije igitungwa gihumye ngo gitangweko ikimazi, muvuga ngo: “Nta kibi kirimwo.” Kandi iyo mushikirije igitungwa gicumbagira canke kirwaye, muvuga ngo: “Nta kibi kirimwo+.”’”
“Enda nuvyegereze buramatari wawe. Mbega yoguhimbarirwa, canke akakwakirana ubuntu?”, ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
9 “Enda rero nimutakambire+ Imana*, itugirire ubutoni+. Ivyo vyavuye mu kuboko kwanyu. Mbega hari n’umwe muri mwebwe izokwakirana ubuntu?”, ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
10 “Mbega hoho ni nde muri mwebwe yokwugara imiryango+? Kandi mwebwe ntimwocana umuriro ku gicaniro canje—ivyo ngo mubigire ata co muhawe+. Ntimumpimbara na gatoyi,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “n’ishikanwa ryo mu kuboko kwanyu ntirinezera na gatoyi+.”
11 “Kuko kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera*, izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+, kandi ahantu hose bazohafumbishiriza umwotsi w’ibimazi+, bashikirize ishikanwa ku bw’izina ryanje, emwe, ituro ridahumanye+; kuko izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
12 “Ariko mwebwe murampumanya+ mu kuvuga ngo: ‘Imeza ya Yehova ni ikintu canduye, kandi icamwa cayo, ari vyo bifungurwa bishirwa kuri yo, ni ikintu co gusuzugurwa+.’ 13 Kandi mwavuze ngo: ‘Ewe muruho uraho+!’, kandi mwatumye bibonwa nk’akanuka,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Mwazanye icatwawe ku nguvu, n’igicumbagira, n’ikirwaye+; egome, mwabizanye ngo bibe ituro. Mbega mubimpaye vyompimbara+?”, ni ko Yehova avuze.
14 “Aravumwe uwukorana urwenge kandi mu busho bwiwe hariyo igitungwa c’ikigabo, akagira indagano hanyuma agashikanira Yehova icononekaye+. Kuko ndi Umwami ahambaye+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “kandi izina ryanje rizoba iriteye ubwoba mu mahanga+.”