Imigani
9 Ubukerebutsi nyakuri+ bwubatse inzu yabwo+; bwabaje inkingi indwi zabwo. 2 Bwaringanije ivy’ukubaga inyama zabwo; bwavanze umuvinyu wabwo; ikigeretseko, bwatunganije imeza yabwo+. 3 Bwarungitse abasukukazi babwo, kugira busemerere kw’isonga ry’ahantu hakirurutse h’igisagara, buti: 4 “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese, nakebereze ng’aha+.” Uwutagira umutima wese+, bwamubwiye buti: 5 “Ingo murye umukate wanje, munywe no ku muvinyu navanze+. 6 Nimuhebe abantu batazi utuntu n’utundi mubandanye kubaho+, kandi mugende indamvu mu nzira y’ugutegera+.”
7 Uwukosora umushinyaguzi aba yikwegeye agateterwe+, kandi uwukangira umuntu w’umubisha, agira agahonzi+. 8 Ntukangire umushinyaguzi, kugira ngo ntakwanke+. Kangira umuntu w’inkerebutsi, na we azogukunda+. 9 Nuhe umuntu w’inkerebutsi, na we azorushiriza kuba inkerebutsi+. Nuronse ubumenyi umugororotsi, na we azorushiriza kwiga amenye.
10 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera+. 11 Kuko biciye kuri jewe imisi yawe izoba myinshi+, kandi uzokwongerwa imyaka y’ubuzima+. 12 Nimba wacitse inkerebutsi, wacitse inkerebutsi ku neza yawe+; nimba na ho warashinyaguye, bizoja ku gatwe kawe, wewe wenyene+.
13 Umugore w’ikijuju arasebagirika+. Ni igihwiji buhwiji, kandi nta kintu na kimwe yamenye+. 14 Yicaye ku bwinjiriro bw’inzu yiwe, ku cicaro, mu bibanza bikirurutse* vy’igisagara+, 15 ngo asemerere abwira abarengana mu nzira, abagenda batumbereye imbere yabo mu minyuro yabo+, ati: 16 “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese, nakebereze ng’aha+.” Kandi uwutagira umutima+ wese na we, uno mugore yamubwiye ati: 17 “Amazi y’amibano arasosa+, kandi umukate uririwe mu mpisho, emwe, uraryoha+.” 18 Mugabo ntiyamenye yuko barya ata co bashoboye mu rupfu ari yo bari, yuko abahamagawe na we bari mu bibanza vy’epfo vy’ukuzimu+.