Zaburi
Ni izaburi ya Dawidi.
28 Ewe Yehova, ni wewe nguma mpamagara+.
Ewe Gitandara canje, ntumbere igipfamatwi+,
Kugira ngo ntugume winumiye ku binyerekeye+,
Nanje simbwirizwe kumera nk’abamanuka mu cobo+.
2 Niwumve ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje igihe ngutabaza,
Igihe nduza amaboko yanje+ ndayerekeza ku cumba c’ahitereye c’ahantu heranda hawe+.
3 Ntunkwegane n’ababisha be n’abakora ibintu bibabaza+,
Abavugana ivy’amahoro na bagenzi babo+ mugabo mu mitima yabo hari ibibi+.
4 Nubahe ibihuye n’uko bakora+,
N’ibihuye n’ububi bw’ibikorwa vyabo+.
Ubahe koko ibihuye n’igikorwa c’amaboko yabo+.
Nubishure ivyo ubwabo bagira+.
6 Yehova nahezagirwe, kuko yumvise ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje+.
7 Yehova ni we nkomezi zanje+ n’inkinzo yanje+.
Ni we umutima wanje wizigiye+,
Kandi naratabawe, ku buryo umutima wanje wigina+,
Kandi nzomuhayisha ururirimbo rwanje+.