1 Samweli
8 Samweli amaze gusaza agena+ abahungu biwe ngo babe abacamanza ba Isirayeli. 2 Umuhungu wiwe w’imfura yitwa Yoweli+, umuhungu wiwe agira kabiri na we akitwa Abiya+. Bacira imanza i Beyeri-sheba. 3 Abahungu biwe ntibagendera mu nzira ziwe+, mugabo bari bahengamiye ku kurondera inyungu y’akarenganyo+ kandi baremera igiturire+, bakagoreka urubanza+.
4 Mu nyuma abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ bose bakoranira hamwe, baza kuri Samweli i Rama, 5 bamubwira bati: “Ehe washaje, mugabo abahungu bawe ntibagendeye mu nzira zawe. Ubu rero nutugenere umwami+ wo kuducira imanza, nk’ayandi mahanga yose.” 6 Mugabo ico kintu kiba kibi mu maso ya Samweli, kuko bari bavuze ngo: “Duhe umwami wo kuducira imanza,” nuko Samweli atangura gusenga Yehova+. 7 Maze Yehova abwira Samweli ati+: “Niwumvirize ijwi ry’abo bantu ku vyo bakubwira vyose+; kuko atari wewe banse, mugabo ni jewe banse ngo sindababere umwami+. 8 Nk’uko ibikorwa vyabo vyose biri, ivyo bakoze kuva umusi nabadugana ndabakuye mu Misiri+ gushika uyu musi, mu kuba bagumye banta+ bagakorera izindi mana+, ni ko nawe bariko bakugirira. 9 Ubu rero niwumvirize ijwi ryabo. Ariko ubaburire ushimitse, kandi ntubure kubamenyesha uburenganzira bw’umwami azobaganza+.”
10 Nuko Samweli abwira amajambo yose ya Yehova abantu bariko bamusaba umwami. 11 Avuga ati: “Ubu ni bwo buzoba uburenganzira+ bw’umwami azobaganza: Abahungu banyu azobatwara+ abashire mu mikogote+ yiwe ari abiwe, no mu bagendera ku mafarasi biwe+, kandi bamwe bazobwirizwa kwiruka imbere y’imikogote yiwe+; 12 kandi azokwigenera abakuru baganza ibihumbi+ n’abakuru baganza mirongo itanitanu+, abandi na bo kugira bamurimire+ no kugira bashwabure umwimbu wiwe+ no kugira bahingure ibirwanisho+ vyiwe n’ivyuma vy’imikogote yiwe+. 13 Abakobwa banyu azobatwara kugira babe abavanzi b’amavuta manovu n’abatetsi n’abakora igikorwa co kwotsa+. 14 Imirima yanyu n’imirima yanyu y’imizabibu+, n’imirima yanyu y’imyelayo+, imyiza kuruta iyindi, azoyitwara ayihe koko abasuku biwe. 15 Azotwara ic’icumi ku mirima yanyu y’imbuto n’ic’icumi ku mirima yanyu y’imizabibu+, abihe abakozi biwe bo ku kirimba+ n’abasuku biwe. 16 Azotwara abasuku banyu n’abasukukazi banyu n’amasho yanyu meza kuruta ayandi, n’indogobwa zanyu, abikoreshe mu gikorwa ciwe+. 17 Azotwara ic’icumi ku mikuku+ yanyu, namwe ubwanyu muzoba abasuku biwe. 18 Emwe, uwo musi muzoboroga kubera umwami wanyu mwitoreye+, mugabo uwo musi Yehova ntazobishura+.”
19 Ariko abantu banka kwumviriza ijwi rya Samweli+, bavuga bati: “Oya, ahubwo umwami ni we azotuganza. 20 Na twebwe nyene tubwirizwa kumera nk’ayandi mahanga yose+; umwami wacu azoducira koko imanza kandi asohoke imbere yacu, arwane intambara zacu.” 21 Nuko Samweli yumviriza amajambo yose y’abo bantu; maze ayavugira mu matwi ya Yehova+. 22 Nuko Yehova abwira Samweli ati: “Niwumvirize ijwi ryabo, ubashirireho umwami wo kubaganza+.” Samweli abwira rero abagabo ba Isirayeli ati: “Umwe wese naje mu gisagara ciwe.”