Mika
7 Ndagowe+, kuko nsigaye meze nk’igihe bamaze gusarura ivyamwa vyo mu ci, nk’udutororwa two mw’isarura ry’inzabibu+! Nta musoko w’inzabibu wo kurya uriho, eka nta nsukoni ya kare iriho umutima wanje wokwipfuza+! 2 Intahemuka yazimanganye mw’isi, kandi mu bantu nta wugororotse ariho+. Bose babundira gusesa amaraso+. Umwe wese ahigisha urusenga rw’umukwabu mwene wabo+. 3 Amaboko yabo ari ku kibi, kugira agikore neza+; umuganwa ari n’ico asaba, uwuca urubanza abigira ku bw’impera+, kandi uwuhambaye avuga ivyo umutima wiwe uhahamiye, uwiwe bwite+; ukwo ni ko babijishira hamwe. 4 Uwumeze neza kuruta abandi bose muri bo ameze nk’igihandambwa, uwugororotse kuruta abandi bose muri bo ni mubi kurusha uruzitiro rw’amahwa+. Umusi w’inderetsi zawe, umusi wo kukwitaho, uzoza ata kabuza+. Ubu rero bazozazanirwa+.
5 Ntimwizere umugenzi. Ntimwizigire umugenzi somambike+. Wirinde kwugururira akanwa kawe umugore aryama mu gikiriza cawe+. 6 Kuko umuhungu asuzugura se, umukobwa agakurira hasi nyina+, umukazana agahagurukira inabukwe+; abansi b’umuntu ni abantu bo mu rugo rwiwe+.
7 Jeho, Yehova ni we nzoguma nderetse+. Nzorindira Imana y’ubukiriro bwanje+. Imana yanje izonyumva+.
8 Ntunezerwe ku binyerekeye, ewe mugore uri umwansi wanje+! Naho natemvye, sinzobura guhaguruka+; naho mba mu mwiza+, Yehova azombera umuco+. 9 Nzokwihanganira ubushangashirwe bwa Yehova—kuko namucumuyeko+—gushika yifatiye mu minwe urubanza rwanje, akantunganiriza koko+. Azonsohokana anjane ku muco; nzokwitegereza ubugororotsi bwiwe+. 10 Umwansi wanje azobibona yicwe n’ibimaramare+, umwe yahora ambwira ngo: “Ari hehe Yehova Imana yawe+?” Amaso yanje azomwitegereza+. Ubu rero azocika ahantu ho guhonyanga, nk’urwondo rwo mu mabarabara+.
11 Umusi wo kwubaka impome z’amabuye zawe, uwo musi ingingo yashinzwe izoba iri kure+. 12 Uwo musi, bazoza gushika kuri wewe bavuye i Ashuri no mu bisagara vya Misiri, kuva mu Misiri gushika no kuri rwa Ruzi+; kuva ku kiyaga gushika ku kindi, no kuva ku musozi gushika ku wundi+. 13 Emwe, igihugu kizocika igiharabuga kubera abakibamwo, kubera icamwa c’ibikorwa vyabo+.
14 Ragiza abantu bawe ikibando cawe+, ari bo mukuku w’intoranwa yawe, abahora baba mu kibira ari bonyene—hagati mu murima w’ivyamwa+. Nibarishe i Bashani n’i Gileyadi+ nko mu misi ya kera+.
15 “Nzomwereka ibintu vy’agatangaza nko muri ya misi wava mu gihugu ca Misiri+. 16 Amahanga azobibona amaramazwe n’ubushobozi bwabo bwose+. Bazokwifata ku munwa+; amatwi yabo azoziba. 17 Bazorigata umukungugu nk’inzoka+; bazosohoka bavuye mu bibambazi vyabo nk’ibinyogomba vyo kw’isi bahinda agashitsi+. Bazoza kuri Yehova Imana yacu badegedwa, kandi bazogutinya+.”
18 Ni iyihe Mana imeze nkawe+, iharira ikosa ikirengagiza ukugabitanya+ kw’amasigarira y’intoranwa yayo+? Ntuzogumana ishavu ibihe bidahera, kuko uhimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+. 19 Uzokwongera kutugirira imbabazi+; uzotsinda amakosa yacu+. Uzoshiburira ibwina mu kiyaga ibicumuro vyabo vyose+. 20 Uzotanga kwa kuri kwahabwa Yakobo, bwa buntu bwuzuye urukundo bwahabwa Aburahamu, ivyo warahiye ba sogokuruza bacu kuva mu misi ya kera+.