1 Timoteyo
2 Imbere ya vyose, ndahimiriza bose rero ngo intakambo, amasengesho+, ugusabira abandi, ugukenguruka, bigirwe ku vyerekeye abantu b’uburyo bwose+, 2 ku vyerekeye abami+ n’abo bose bari mu kibanza co hejuru+; kugira ngo tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro, turi n’ukwihebera Imana gukwiye kandi tudafyina+. 3 Ivyo ni vyiza kandi biremerwa+ imbere y’Umukiza wacu, Imana+, 4 umwe agomba ko abantu b’uburyo bwose+ bakizwa+ bagashika ku bumenyi butagira amakosa+ bwerekeye ukuri+. 5 Kuko hari Imana imwe+, n’umuhuza umwe+ hagati y’Imana+ n’abantu+, akaba ari umuntu, ni we Kristu Yezu+, 6 uwitanze ngo abe incungu* y’indinganire ku bwa bose+... ivyo ni vyo bikwiye gushingirwa intahe ku bihe vyavyo nyene. 7 Ku bw’iyo ntahe+ ni ho nagenywe kuba umwamamaji n’intumwa+—ndiko mvuga ukuri+, sindiko ndabesha—umwigisha w’amahanga+ mu bijanye n’ukwizera+ be n’ukuri.
8 Ndashaka rero yuko ahantu hose abagabo bashishikara gusenga, bataritse amaboko adahemuka+, ata burake+ n’impari+. 9 Vyongeye, ndashaka ko abagore bishariza mu nyambaro itunganije neza, mu rupfasoni+ no mu kurorana kw’umuzirikanyi, atari mu gushazisha imideri yo gutsiba imishatsi, n’inzahabu canke imaragarita canke impuzu zizimvye cane+, 10 ahubwo bibe mu buryo buberanye n’abagore bavuga ko batinya Imana+, ni ukuvuga mu bikorwa vyiza+.
11 Umugore niyige acereje mu kuyoboka gukwiye+. 12 Sindekurira umugore kwigisha+, canke kugira ubukuru ku mugabo+, ahubwo nacereze. 13 Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva+. 14 Vyongeye, Adamu ntiyahenzwe+, mugabo umugore yarahenzwe rwose+, ararenga itegeko+. 15 Ariko azozigamwa biciye ku kwibaruka+, bapfe gusa kuguma mu kwizera no mu rukundo no mu kwezwa hamwe n’ukurorana kw’umuzirikanyi+.