Zaburi
Ku muyobozi. Ni iy’umusavyi wa Yehova, iya Dawidi, uwabwiye Yehova amajambo y’uru ruririmbo ku musi Yehova yamurokora mu kiganza c’abansi biwe bose no mu kuboko kwa Sauli+. Avuga ati:
18 Nzokwiyumvamwo, ewe Yehova, wewe nkomezi zanje+!
2 Yehova ni we rutare rwanje, igihome canje gikomeye akaba na we ankiza+.
Imana yanje ni yo gitandara canje. Nzohungira muri yo+,
Ni yo nkinzo yanje n’ihembe ryanje ry’ubukiriro, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+.
4 Imigozi y’urupfu yarankikuje+;
Amasegenya akukumura y’abantu b’imburakimazi na yo yaguma antera ubwoba+.
6 Mu marushwa yanje, naguma nambaza Yehova,
Kandi Imana yanje naguma ndayitabaza+.
Nuko yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo+,
Ugutabaza kwanje imbere yayo kuraheza gushika mu matwi yayo+.
7 Maze isi itangura kuzungazunga no gutigita+,
Imishinge y’imisozi iranyiganga+,
Iguma izungazunga kuko Imana yari yatewe ishavu+.
8 Umwotsi warapfundutse mu mazuru yayo, umuriro uvuye mu kanwa kayo na wo uguma uyigiza+;
Amakara yararurumba, akarabagiza ava kuri yo.
11 Ica igira umwiza ubwihisho bwayo+,
Irya n’ino yayo, iwugira urusago rwayo,
Umwiza w’amazi yijimye, ibicu bizitanye+.
13 Maze mu majuru Yehova atangura guturagara+,
Musumbavyose ubwiwe atangura kurekura ijwi ryiwe+,
Urubura n’amakara yaka umuriro.
14 Kandi yaguma arungika imyampi yiwe, kugira abashwiragize+;
Arekura n’imiravyo, kugira abate mu muvurungano+.
15 Inzira z’imigezi y’amazi na zo zitangura kuboneka+,
Imishinge y’ubutaka bwimbuka irapfukurwa+
Bivuye ku guhambara kwawe, ewe Yehova, bivuye ku guhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yawe+.
20 Yehova ampemba nk’uko ubugororotsi bwanje buri+;
Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, ni ko anyishura+.
22 Kuko ingingo z’ubutungane zayo zose ziri imbere yanje+,
Kandi ivyagezwe vyayo sinzovyigiza kure yanje+.
24 Yehova nanyishure nk’uko ubugororotsi bwanje buri+,
Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, mu maso yiwe+.
25 Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka+;
Ku muntu w’umugabo atagira amahinyu, uzokwerekana ko utagira amahinyu+.
28 Kuko ari wewe uzokwatsa itara ryanje, ewe Yehova+!
Imana yanje ubwayo izotuma umwiza wanje ukayangana+.
29 Kuko ku bwawe nshobora gukinagiza akagwi k’abambuzi+;
Kandi ku bw’Imana yanje ndashobora kwurira uruhome+.
30 Nayo Imana y’ukuri, inzira yayo ntigira akanenge+;
Ijambo rya Yehova ni irityoroye+.
Abera inkinzo abahungira muri we bose+.
32 Imana y’ukuri ni yo inkenyeza cane inkomezi+,
Kandi izoha inzira yanje kutagira akanenge+,
33 Ni yo ihindura ibirenge vyanje nk’ivy’impongokazi+,
Kandi ahantu hakirurutse kuri jewe ni ho iguma impagaritse+.
35 Uzompa inkinzo yawe y’ubukiriro+,
Kandi ukuryo kwawe kuzonshigikira+,
Kandi ukwicisha bugufi kwawe kuzongira uwuhambaye+.
36 Uzotegura ikibanza cagutse bihagije ku bw’intambuko zanje munsi yanje+,
Kandi amaso y’ibirenge vyanje ntazogenda anyoganyoze+.
43 Uzonkiza ugutorana amahinyu kw’abantu+.
Uzongira umukuru* w’amahanga+.
Abantu ntamenye, abo ni bo bazonkorera+.
44 Bazokwumva inkuru ku matwi gusa bangamburukire+;
Abanyamahanga ubwabo bazoza kuri jewe bahinda agashitsi+.
46 Yehova ni muzima+, kandi Igitandara canje nigihezagirwe+,
Kandi Imana y’ubukiriro bwanje nishirwe hejuru+.