Imigani
5 Mwananje, enda tega ugutwi ubukerebutsi bwanje+! Tega amatwi* ugutahura kwanje+, 2 kugira urinde ubushobozi bwo kwiyumvira+; kandi ese iminwa yawe yozigama ubumenyi+.
3 Kuko iminwa y’umugore w’igihumbu* iguma itonyanga nk’ikimamara c’ubuki+, kandi amagage yiwe yoroshe kurusha amavuta+. 4 Mugabo ingaruka ziva kuri we zirura nk’ibamba+; zikarishe nk’inkota y’ubugi bubiri+. 5 Ibirenge vyiwe bimanuka bija mu rupfu+. Intambuko ziwe zifashe ukuzimu+. 6 Umunyuro w’ubuzima ntawitegereza+. Imihora yiwe yangariye iyo atazi+. 7 Rero ga bana, nimunyumvirize+ kandi ntimuve ku majambo y’akanwa kanje+. 8 Gumiza inzira yawe kure y’aho ari, kandi ntiwegere ubwinjiriro bw’inzu yiwe+, 9 kugira ntuhe abandi iteka ryawe+, canke ngo imyaka yawe uyihe ibisesereza+; 10 kugira ab’ahandi ntibahage ububasha bwawe+, canke ngo ibintu waronse ucumukuye bibe mu nzu y’umunyamahanga+, 11 canke ngo ubwirizwe kuniha muri kazoza kawe+ igihe inyama zawe n’umubiri wawe bizoba birangiye+. 12 Kandi ntuzobura kuvuga ngo: “Ese ingene nanse indero+, n’umutima wanje ukagaya igikangiro+! 13 Sinumvirije ijwi ry’abampa inyigisho+, kandi sinateze ugutwi abigisha banje+. 14 Nashitse mu bibi vy’ubwoko bwose bitagoranye+, hagati mw’ishengero no hagati mw’ikoraniro+.”
15 Nywa amazi yo mw’itangi ryawe, n’ayatemba ava hagati mw’iriba ryawe+. 16 None imbizi zawe zisanzare hanze+, imigezi yawe y’amazi isanzare mu bibanza vya bose? 17 Nibibe ivyawe wenyene, ntibibe ivy’ab’ahandi bari kumwe nawe+. 18 Isôko ryawe ry’amazi nirihezagirwe+, kandi unezeranwe n’umugore wo mu buto bwawe+, 19 impongokazi yo gukundwa be n’impene y’igikundiro yo mu misozi+. Amabere yiwe nakuboreze ibihe vyose+. Wame watwawe ubwenge n’urukundo rwiwe+. 20 None ga mwananje, kubera iki wotwarwa ubwenge n’umugore w’igihumbu* canke ukagumbira igikiriza c’umugore w’umunyamahangakazi+? 21 Kuko inzira z’umuntu ziri imbere y’amaso ya Yehova+, kandi aritegereza imihora yiwe yose+. 22 Umubisha azofatwa n’amakosa yiwe bwite+, kandi azocakirirwa mu migozi y’igicumuro ciwe+. 23 Ni we azopfa kubera ata ndero ihari+, no kubera azimirira mu murengera w’ubupfu bwiwe+.