Yoweli
2 “Nimuvuze inzamba i Siyoni+, mukome akaruru k’intambara+ ku musozi wanje mweranda+. Ababa mu gihugu bose nibahagarike umutima+; kuko umusi wa Yehova uriko uraza+, kuko uri hafi! 2 Ni umusi w’umwiza n’umuzimagiza+, umusi w’ibicu n’umuzimagiza w’umuzitanya, nk’umuco w’umutwenzi utambitse ku misozi+.
“Hari igisata kigwiriye kandi gikomeye+; nta kimeze nka co cigeze kubaho kuva mu bihe vya kera bitagira urugero*+, kandi mu nyuma zaco nta kizokwongera kubaho gushika mu myaka izoza uko iyaruka rikurikira irindi. 3 Imbere yaco umuriro warigase+, inyuma yaco na ho urubeya ruratongora+. Imbere yaco igihugu kimeze nka wa murima wa Edeni+, mugabo inyuma yaco ni agahinga k’umusaka; emwe, nta na kimwe gicika kw’icumu.
4 “Gifise ishusho nk’iy’amafarasi, kandi baguma biruka nk’amafarasi y’imbangutsi+. 5 Baguma bikina amatavu ukamengo ni urwamo rw’imikogote ku masonga y’imisozi+, ukamengo ni urwamo rw’umuriro ururumba urigata ibishakara+. Ni nk’igisata gikomeye, gitonze urugamba+. 6 Ibisata vy’abantu bizogira ububabare bukaze kubera co+. Nayo mu maso ha bose, ntihazobura kujonjogora+.
7 “Biruka nk’abanyabubasha+. Burira uruhome nk’abarwanyi. Umwe wese muri bo ajana inzira ziwe bwite, kandi ntibahindura iminyuro yabo+. 8 Ntibasunikana. Baguma bagenda nk’umugabo ari mu nzira yiwe; bishitse bamwe bakagwa mu myampi, abandi ntibahagarara.
9 “Bitera mu gisagara. Biruka ku ruhome. Burira ku mazu. Binjirana mu madirisha nk’igisuma. 10 Imbere y’ico gisata igihugu kirahagaritse umutima, amajuru yatigise. Izuba n’ukwezi vyacuze umwiza+, inyenyeri na zo zidohora ukwakaka kwazo+. 11 Emwe, Yehova ubwiwe azokwumvikanisha ijwi ryiwe+ imbere y’inteko ziwe za gisirikare+, kuko ikambi yiwe igwiriye cane+. Kuko uwushitsa ijambo ryiwe ari uw’inkomezi; kuko umusi wa Yehova uhambaye+ kandi uteye ubwoba cane; kandi ni nde yowihanganira+?”
12 “Kandi n’ubu nyene,” ni ko Yehova avuze, “nimungarukeko n’imitima yanyu yose+, mwisonzesha+, murira, muboroga+. 13 Nimutantamure imitima yanyu+, si impuzu zanyu+; nimugaruke kuri Yehova Imana yanyu, kuko ari umunyempuhwe n’umunyembabazi+, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, na we ntazobura kwicuza kuri ivyo vyago+. 14 Ni nde azi ko atazohindukira akicuza vy’ukuri+, inyuma yavyo agasiga umuhezagiro+, ari wo shikanwa ry’intete n’ishikanwa ry’ikinyobwa ku bwa Yehova Imana yanyu?
15 “Nimuvuze inzamba i Siyoni+. Nimweze igihe co kwisonzesha+. Nimukoranye ikoraniro ry’agakūra+. 16 Nimukoranirize hamwe abantu. Nimweze ishengero+. Nimwegeranirize hamwe abatama. Nimukoranirize hamwe abana n’abonka+. Umukwe nasohoke ave mu cumba ciwe, n’umugeni ave mu cumba ciwe c’ubugeni.
17 “Hagati y’ibaraza n’igicaniro+, abaherezi, abasuku ba Yehova, nibarire bavuge bati: ‘Umvira akagongwe abantu bawe, Yehova we, kandi intoranwa yawe ntuyigire iceyi+, ngo amahanga abaganze. Kubera iki bokwirirwa baravugira mu bisata vy’abantu ngo: “Mbega Imana yabo iri he+?”’ 18 Yehova azogirira umwete igihugu ciwe+, agirire impuhwe abantu biwe+. 19 Kandi Yehova azokwishura abantu biwe ati: ‘Ehe ngira ndabarungikire intete n’umuvinyu mushasha n’amavuta, namwe ntimuzobura guhazwa na vyo+; kandi sinzokwongera kubagira iceyi mu mahanga+. 20 Umunyaburaruko+ nzomubakurako ndamushire kure yanyu, ndamushwiragirize koko mu gihugu kigadutse, ahantu h’igiharabuga, mu maso hiwe haraba ku kiyaga co mu buseruko+, igice ciwe c’inyuma na co kiraba ku kiyaga co mu burengero+. Kandi umuduhu umuvako uzoduga koko, umunuko umuvako na wo ugume uduga+; kuko vy’ukuri Imana izokora ikintu gikomeye mu vyo ikora.’
21 “Ntugire ubwoba, butaka we! Nunezerwe uhimbarwe; kuko vy’ukuri Yehova azokora ikintu gikomeye mu vyo akora+. 22 Ntimugire ubwoba, mwa bikoko vyo mu gahinga+, kuko amatongo y’uburagiriro yo mu gahinga atazobura gutotahara+. Kuko igiti kizotanga koko ivyamwa vyaco+. Igiti c’umusukoni be n’umuzabibu ntibizobura gutanga inkomezi zavyo+. 23 Namwe bana ba Siyoni, nimunezerwe muhimbarwe muri Yehova Imana yanyu+; kuko atazobura kubaha imvura y’agatasi ku rugero rukwiriye+, kandi azobacuncuburirako imvura, imvura y’agatasi n’imvura y’impeshi, nko mu ntango+. 24 Emwe, imbuga z’ikubitiro zizokwuzura intete zisukuye, n’ibikono muganiramwo bisesekare umuvinyu mushasha n’amavuta+. 25 Nzobashumbusha ku myaka yariwe n’uruzige be n’uruzige rutagira amababa rwikwega hasi, n’inyenzi n’ikinyabwoya, za nteko zanje za gisirikare zikomeye nabarungikamwo+. 26 Emwe, muzorya, murye muhage+, kandi ntimuzobura gushemeza izina rya Yehova Imana yanyu+ yabakoreye ibintu vy’agatangaza gutyo+; kandi abantu banje ntaho bazomaramara, gushika igihe kitagira urugero+. 27 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko ndi hagati muri Isirayeli+, be n’uko jewe ndi Yehova Imana yanyu kandi ko ata wundi ariho+. Kandi abantu banje ntaho bazomaramara, gushika igihe kitagira urugero.
28 “Kandi inyuma y’ivyo, uku ni ko bitegerezwa kuba: nzosuka impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose+, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu+ bazovuga koko ubuhanuzi. Abatama banyu bazorota indoto. N’abasore banyu bazobona ivyo beretswe. 29 Kandi nzosuka impwemu yanje mbere no ku basuku n’abasukukazi muri iyo misi+.
30 “Kandi nzotanga ibitangaza mu majuru+ no kw’isi, amaraso n’umuriro n’inkingi z’umwotsi+. 31 Izuba rizohinduka umwiza+, ukwezi guhinduke amaraso+, imbere y’uko haza wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova+. 32 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira+; kuko ku musozi Siyoni be n’i Yeruzalemu hazoboneka abacitse kw’icumu+, nk’uko Yehova yavuze, no mu barokotse, abo Yehova ahamagara+.”