Hoseya
7 “Igihe nyene ngira nkize Isirayeli+, ikosa rya Efurayimu riciye rija ahabona+, be n’ibintu bibi vya Samariya+; kuko bamogoreye ikinyoma+: igisuma kirinjira; akagwi k’abambuzi kakagaba koko igitero hanze+. 2 Kandi ntibibwira mu mutima wabo+ yuko nzokwibuka ububi bwabo bwose+. Ubu ibikorwa vyabo birabakikuje+. Biri imbere y’amaso yanje+. 3 Banezeresha umwami ububi bwabo, bakanezeresha abaganwa ubuhendanyi bwabo+. 4 Bose ni abarenga ibigo+. Bameze nk’itanure ryakijwe n’uwukora igikorwa co kwotsa, areka kwegenyeza amaze gucumba igicumbe gushika gifashe umwambiro. 5 Ku musi mukuru w’umwami wacu, abaganwa bararwaye+: hari ubushangashirwe kubera umuvinyu+. Umwami yaramvuye ukuboko hamwe n’abatwengera mw’ijigo. 6 Kuko begereje umutima wabo nk’abawegereje itanure+; ururumbira muri bo+. Uwubakorera igikorwa co kwotsa amara ijoro ryose asinziriye; mu gitondo itanure riraka nk’umuriro ururumba+. 7 Bose barashuha nk’itanure, bakarotsa koko abacamanza babo. Abami babo baratemvye bose+; nta n’umwe muri bo asemerera ampamagara+.
8 “Nayo Efurayimu, yivanga n’ibisata vy’abantu+. Efurayimu yabaye agatsima kiburungushuye katahindukijwe+. 9 Ab’ahandi bararigase inkomezi ziwe+, ntiyabimenya+. Vyongeye, imvi zabaye izera ku mutwe wiwe, ntiyabimenya. 10 Ubwishime bwa Isirayeli bwaramwagirije amaso mu yandi+, yamara ntibagarutse kuri Yehova Imana yabo+, eka mbere ivyo vyose ntivyatumye bamurondera+. 11 Efurayimu ameze nk’inuma y’igihwiji+ itagira umutima+. Bahamagaye Misiri+; bagiye muri Ashuri+.
12 “Iyo bazoja hose, nzosanza urusenga rwanje hejuru yabo+. Nzobamanura nk’ibiremwa biguruka vyo mu kirere+. Nzobatoza indero nisunze inkuru yashikirijwe ikoraniro ryabo+. 13 Baragowe+, kuko bampunze+! Bazonyagwa, kuko bangabitanijeko! Jewe naratanguye kubacungura+, mugabo bo bamvuzeko ibinyoma+. 14 Ntibantabaje n’umutima wabo+, naho bagumye baborogera ku bitanda vyabo. Bagumye biraramangiye kubera intete zabo n’umuvinyu usosa wabo+; bagumye bangarariza+. 15 Jewe narabatoza indero koko+; narakomeza amaboko yabo+, mugabo bo bakaguma bangīra imigambi mibi+. 16 Maze batangura kugaruka, mugabo atari ku gusenga kw’ukuri+; bari bameze nk’umuheto utanangiriye+. Abaganwa babo bazogwishwa n’inkota kubera imisibo y’ururimi rwabo+. Ni co gituma bazobatwengera mw’ijigo mu gihugu ca Misiri+.”