Yesaya
43 Ubu rero, ibi ni vyo Yehova avuze, Umuremyi wawe+, ewe Yakobo, akaba n’Umubumvyi wawe+, ewe Isirayeli: “Ntutinye, kuko nagucunguye+. Naguhamagaye mw’izina ryawe+. Uri uwanje+. 2 Niwaca mu mazi+, nzobana nawe+; mu nzuzi na ho, ntizizokurengera+. Niwaca mu muriro, ntuzobabuka, eka n’urubeya ntiruzoguturira+. 3 Kuko ndi Yehova Imana yawe, wa Mweranda wa Isirayeli, Umukiza wawe+. Natanze Misiri ngo ikubere incungu*+, Etiyopiya+ na Seba mu kibanza cawe. 4 Kubera wabaye uw’agaciro mu maso yanje+, wabonywe nk’uwuteye iteka, kandi jewe naragukunze+. Kandi nzotanga abantu mu kibanza cawe, n’imiryango y’amahanga mu kibanza cawe+.
5 “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe+. Nzozana uruvyaro* rwawe ndarukuye i burasirazuba, ndakwegeranirize hamwe ngukuye i burengerazuba+. 6 Nzobwira uburaruko nti+: ‘Rekura!’, ubumanuko na bwo nti: ‘Ntugumye. Nzanira abana banje ubakuye kure, n’abakobwa banje ubakuye ku mpera y’isi+, 7 uwitirirwa izina ryanje wese+ akaba n’uwo naremye ku bw’ubuninahazwa bwanje+, uwo nabumvye, egome, uwo nakoze+.’
8 “Nimuzane igisata gihumye, naho gifise amaso, n’ibipfamatwi, naho bifise amatwi+. 9 Amahanga yose nakoranire hamwe mu kibanza kimwe, n’imiryango y’amahanga nikoranire hamwe+. Muri bo ni nde ashobora kubivuga+? Canke, mbega botwumvisha ivya mbere+? Nibazane ivyabona vyabo+, kugira bitwe abagororotsi, canke na ho bumve maze bavuge bati: ‘Ni ukuri+!’”
10 “Muri ivyabona vyanje+,” ni ko Yehova avuze, “mbere umusavyi wanje natoye+, kugira ngo mumenye+ kandi munyizere+, no kugira ngo mutegere ko ndi wa wundi nyene+. Imbere yanje nta Mana yabumbwe+, kandi inyuma yanje nta yigeze ihaba+. 11 Jewe—ndi Yehova+, kandi uretse jewe nta mukiza ariho+.”
12 “Jewe narahishuye, ndakiza, ndavyumvikanisha+, igihe ata mana y’ahandi yariho+. Muri rero ivyabona vyanje+,” ni ko Yehova avuze, “kandi ni jewe Mana+. 13 Vyongeye, igihe cose ndi wa wundi nyene+; kandi nta n’umwe arokora mu kuboko kwanje+. Nzogira ico nkoze+, kandi ni nde yogusubiza inyuma+?”
14 Ibi ni vyo Yehova avuze, Umucunguzi wanyu+, wa Mweranda wa Isirayeli+: “Ku bwanyu nzorungika abantu i Babiloni, manure ibihindizo vy’amabohero+, manure n’Abakaludaya mu meri, bavuze amaruru y’ukwanira+. 15 Ndi Yehova Umweranda wanyu+, Umuremyi wa Isirayeli+, Umwami wanyu+.”
16 Ibi ni vyo Yehova avuze, Umwe aca inzira mu kiyaga, n’ibarabara mu mazi akomeye+, 17 Umwe asohora umukogote w’intambara be n’ifarasi, inteko za gisirikare n’abakomeye, icarimwe+: “Bazoryama hasi+. Ntibazovyuka+. Bazozima koko+. Bazotegerezwa kuzima nk’urutambi+.”
18 “Ntimwibuke ivya mbere, kandi ntimwiyumvire ivya kera. 19 Raba! Ndiko nkora ikintu gishasha+. Ubu kizoseruka. None ntimuzokimenya+? Vy’ukuri, nzoshiraho inzira ica mu gahinga+, nshireho inzuzi zica mu bugaragwa+. 20 Igikoko co mu gahinga kizoninahaza+, imbwebwe n’ibinyoni vyitwa imbuni+; kuko nzoba natanze amazi mu gahinga+, inzuzi mu bugaragwa, ngo nyweshe igisata canje, uwo natoye+, 21 abantu nibumbiye, ngo badonde ishemezo ryanje+.
22 “Mugabo ntiwampamagaye+, ewe Yakobo, kuko wandambiwe, ewe Isirayeli+! 23 Ntiwanzaniye intama z’amashikanwa yawe aturirwa uko yakabaye, kandi ntiwaninaharishije ibimazi vyawe+. Sinakugobereye kunshikanira ituro, canke ngo ntume urambirwa n’itangwa ry’imibavu ya olibani+. 24 Nta kanehe* imota neza+ wanguriye amahera; kandi ntiwanyujuje ikinure c’ibimazi vyawe+. Mu vy’ukuri, wangobereye kugukorera kubera ibicumuro vyawe; watumye ndambirwa n’amakosa yawe+.
25 “Jewe—ni jewe mpanagura+ ibigabitanyo+ vyawe ku bwanje+, kandi ibicumuro vyawe sinzovyibuka+. 26 Nyibutsa; ingo tuburane+; bivuge uko ubwawe ubizi kugira ngo ube mu kuri+. 27 So wawe, uwa mbere, yaracumuye+, kandi abavugizi bawe barangabitanijeko+. 28 Ni co gituma nzohumanya abaganwa b’ahantu heranda, ntange Yakobo nk’uwo gutikizwa, Isirayeli ndamutange ku majambo y’ibitutsi+.