Zaburi
Ku muyobozi, kuri Gititi+. Agahibongozo ka Dawidi.
8 Ewe Yehova Mukama wacu, ese ukuntu izina ryawe ari agakomeye mw’isi yose+,
Wewe w’iteka riyagwa hejuru y’amajuru+!
2 Bivuye mu kanwa k’abana n’abonka washimangiye inkomezi+,
Kubera abakwanka+,
Kugira ngo bitume umwansi n’uwihora bateshwa bagata+.
3 Iyo mbonye amajuru yawe, ibikorwa vy’intoke zawe+,
Ukwezi n’inyenyeri wateguye+,
4 Umuntu buntu*+ ni iki ku buryo umwibuka+,
N’umwana w’umuntu yakuwe mw’ivu ku buryo umwitaho+?
5 Vyongeye wamugize uwuri munsi gatoyi y’abameze nk’Imana+,
Uraheza umwambika urugori rw’ubuninahazwa+ n’ubwiza bwakaka+.