Yosuwa
20 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: 2 “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Nimwitorere vya bisagara vy’ubuhungiro+ nababwiye biciye kuri Musa, 3 kugira ngo uwishe umuntu+ akaba yamukubise atabishaka, atabizi, akamwica, ahungireyo; bize bibabere aho guhungira umuhōzi w’amaraso+. 4 Aze ahungire+ muri kimwe muri ivyo bisagara, ahagarare ku bwinjiriro bw’irembo+ ry’igisagara maze avuge ivyiwe abagabo b’inararibonye b’ico gisagara bumva+; baze bamwakire mu gisagara aho bari, bamuhe aho kuba, abane na bo. 5 Umuhōzi w’amaraso niyamwoma inyuma, ntibaze rero batange mu kuboko kwiwe uwo yishe umuntu+; kuko yakubise atabizi mugenziwe agapfa, kandi akaba atari asanzwe amwanka+. 6 Aze abe muri ico gisagara gushika ahagaze imbere y’ikoraniro ngo acirwe urubanza+, gushika umuherezi mukuru+ azoba ariho muri iyo misi apfuye. Ni ho uwo yishe umuntu azoshobora gusubira iwabo+; aze yinjire mu gisagara ciwe no mu nzu yiwe, mu gisagara yari yahunze avamwo.’”
7 Nuko igisagara ca Kedeshi+ muri Galilaya mu karere k’imisozi ka Nafutali, n’ica Shekemu+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, n’ica Kiriyati-aruba+, ari co Heburoni, mu karere k’imisozi ka Yuda, babigira vyeranda. 8 Mu karere ka Yorodani, aharabana na Yeriko, amaja mu buseruko, batanga Bezeri+ mu gahinga ku mataba mu muryango wa Rubeni+, na Ramoti+ muri Gileyadi mu muryango wa Gadi, be na Golani+ muri Bashani mu muryango wa Manase.
9 Ivyo ni vyo vyabaye ibisagara vyashiriweho bene Isirayeli bose na kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri bo, ngo uwo wese akubise umuntu atabishaka agapfa ahungireyo+, kugira ntagwe mu kuboko kw’umuhōzi w’amaraso, gushika ahagaze imbere y’ikoraniro+.