Yona
3 Maze ijambo rya Yehova riza kuri Yona ubugira kabiri+, riti: 2 “Haguruka uje i Ninewe ca gisagara gikomeye, ugitangarize ijambo+ ngira nkubwire.”
3 Yona aca arahaguruka aja i Ninewe, nk’uko ijambo rya Yehova rivuze+. Ico gihe Ninewe cari igisagara gikomeye ku Mana+, kukigenda bikaba vyasaba urugendo rw’imisi itatu. 4 Amaherezo Yona yinjira muri nya gisagara, agenda urugendo rw’umusi umwe, aguma atangaza ati: “Hasigaye imisi mirongo ine gusa Ninewe ikarandurwa+.”
5 Maze abantu b’i Ninewe batangura kwizera Imana+; nuko batangaza ukwisonzesha bongera bambara amagunira*+, kuva ku wuhambaye kuruta abandi muri bo gushika ku mutoyi muri bo. 6 Iryo jambo ngo rishikire umwami wa Ninewe+, aca ahaguruka ku ntebe yiwe y’ubwami, yambura impuzu yiwe y’ibango maze yambara igunira, araheza yicara mu minyota+. 7 Vyongeye, ategeka ko batangaza i Ninewe, nk’uko umwami n’abahambaye biwe bashinze, ngo:
“Ntihagire umuntu canke igitungwa canke ubusho canke umukuku bigira ico bihonja. Ntihagire uwurya imfungurwa. Mbere ntibinywe n’amazi+. 8 Kandi bambare amagunira, umuntu n’igitungwa; nibatakambire Imana bakobeje kandi bahindukire+, umwe wese ahebe inzira yiwe mbi n’ubukazi bwari buri mu maboko yabo. 9 Hari uwubizi? Kumbure Imana y’ukuri yohindukira ikicuza vy’ukuri+, ikareka ishavu ryayo rirurumba, ntituyogere+.”
10 Nuko Imana y’ukuri ibona ibikorwa vyabo+, yuko bari bahindukiye bagaheba inzira yabo mbi+; gutyo Imana y’ukuri iricuza+ ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza+.