Zakariya
8 Ijambo rya Yehova nyen’ingabo ryongera kuza, riti: 2 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo+ avuze: ‘Nzogira ishari ryinshi ku bwa Siyoni+, ngire ishari ku bwiwe mfise ubushangashirwe bwinshi+.’”
3 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nzogaruka i Siyoni+ mbe hagati muri Yeruzalemu+; kandi Yeruzalemu izokwitwa koko igisagara c’ukuri+, umusozi wa Yehova+ nyen’ingabo na wo witwe umusozi mweranda+.’”
4 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Abatama n’abatamakazi bazosubira kwicara mu bibanza vya bose vya Yeruzalemu+, umwe wese afise inkoni yiwe+ mu kuboko kubera amaze imisi myinshi. 5 Kandi ibibanza vya bose vy’ico gisagara bizokwuzura abahungu n’abakobwa bakinira mu bibanza vya bose vyaco+.’”
6 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Naho ivyo vyosa n’ibigoye rwose mu maso y’amasigarira y’aba bantu azoba asigaye muri iyo misi, mbega vyosa n’ibigoye rwose no mu maso yanje+?’, ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.”
7 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ehe ngira nkize abantu banje ndabakure mu gihugu c’i burasirazuba no mu gihugu c’i burengerazuba+. 8 Nzobazana koko, babe hagati muri Yeruzalemu+; bazoba koko abantu banje+, nanje mbe Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi+.’”
9 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Amaboko yanyu nakomere+, yemwe abumva muri iyi misi aya majambo yo mu kanwa k’abahanuzi+, ayo bavuze ku musi umushinge w’inzu ya Yehova nyen’ingabo washingwa, kugira ngo urusengero rwubakwe+. 10 Kuko imbere y’iyo misi ata mpembo y’abantu yariho+; nayo ku bijanye n’impembo y’ibitungwa, nta kintu nk’ico cariho; kandi ku wasohoka no ku winjira nta mahoro yariho kubera umurwanizi+, kuko naguma nshuhura abantu bose, umwe wese nkamushuhurira kuri mugenziwe+.’
11 “‘Ubu rero amasigarira y’aba bantu sinzoyagirira nko mu misi ya kera+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 12 ‘Kuko hazobibwa imbuto y’amahoro+; umuzabibu uzotanga icamwa cawo+, isi itange umwimbu wayo+, amajuru na yo atange ikime cayo+; nzotuma koko amasigarira+ y’aba bantu atorana ivyo vyose+. 13 Kandi nk’uko nyene mwabaye umuvumo mu mahanga+, ewe nzu ya Yuda nawe nzu ya Isirayeli+, ni ko nzobakiza, kandi muzoba koko umuhezagiro+. Ntimutinye+. Amaboko yanyu nakomere+.’
14 “Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘“Nk’uko nari nariyumviriye kubateza ivyago kubera ba sogokuruza banyu bandatsa+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nanje sinicuze+, 15 ni ko muri iyi misi nzokwongera kwiyumvira kugirira neza Yeruzalemu n’inzu ya Yuda+. Ntimutinye+.”’
16 “‘Ibi ni vyo mukwiye gukora+: Muvugane ukuri+. Mucire imanza mu marembo yanyu mu kuri kandi muce imanza z’amahoro+. 17 Ntimutegure mu mitima yanyu umugambi wo kugiriranira nabi+, kandi ntimukunde indahiro y’ikinyoma+; kuko ivyo bintu vyose ari vyo nanse+,’ ni ko Yehova avuze.”
18 Ijambo rya Yehova nyen’ingabo ryongera kunzako riti: 19 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira kane+, n’ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira gatanu+, n’ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira indwi+, n’ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira cumi+ kuzobera inzu ya Yuda umwigino n’umunezero n’ibiringo vy’imisi mikuru vyiza+. Mukunde rero ukuri n’amahoro+.’
20 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ibisata vy’abantu n’ababa mu bisagara vyinshi bizoza ata kabuza+; 21 kandi ababa mu gisagara kimwe bazoja koko ku baba mu kindi, bavuge bati: “Tabaranya tuje+ gutakambira*+ Yehova no kurondera Yehova nyen’ingabo. Na jewe nyene nzogenda+.” 22 Kandi ibisata vy’abantu vyinshi n’amahanga akomeye bizoza koko kurondera Yehova nyen’ingabo i Yeruzalemu+ no gutakambira Yehova.’
23 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Muri iyo misi, abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga+ bazofata+ koko impuzu* y’Umuyuda+, bavuge bati: “Turajana+, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe+.”’”