Abagalatiya
1 Jewe Paulo+, uwabaye intumwa+ bitavuye ku bantu canke biciye ku muntu, ariko biciye kuri Yezu Kristu+ no ku Mana ari yo Data+, imwe yamuzura mu bapfuye+, 2 hamwe na bene wacu bose turi kumwe+, turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya+:
3 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro+ biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu. 4 Yaritanze ku bw’ibicumuro vyacu+ kugira aturokore mu vy’iki gihe* kibi+, nk’uko ukugomba+ kw’Imana yacu ikaba na Data kuri; 5 ubuninahazwa bube ubwayo ibihe bitazoshira+. Amen.
6 Ndatangazwa n’ingene muriko mukurwa ningoga gutyo kuri Umwe+ yabahamagaza ubuntu ata wari abukwiriye bwa Kristu+, mukaja ku nkuru nziza y’ubundi bwoko+. 7 Mugabo si iyindi; ni uko gusa hari abantu bamwebamwe bariko barabadurumbanya+ kandi bagashaka gutitura inkuru nziza yerekeye Kristu+. 8 Ariko naho yoba twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza abamenyesha icitwa inkuru nziza kirenze inkuru nziza twebwe twabamenyesheje, arakavumwa+. 9 Nk’uko duhejeje kubivuga, n’ubu ndabivuze: Uwo wese abamenyesha icitwa inkuru nziza kirenze ico mwakiriye+, arakavumwa.
10 Mbega none, mugira ngo ubu abo ndiko ngerageza gutuma banyurwa ni abantu canke Imana? Canke ndiko ndondera gushimisha abantu+? Hamwe noba ngishimisha abantu+, sinoba ndi umushumba wa Kristu+. 11 Kuko mbamenyesheje, bene wacu, yuko inkuru nziza jewe namenyesheje bwa nkuru nziza, atari ikintu gikomoka ku muntu+; 12 kuko ntayihawe n’umuntu canke ngo ndayigishwe, atari uko nayironse biciye ku guhishurirwa na Yezu Kristu+.
13 Nkako, mwarumvise ivy’ingeso zanje za kera mw’idini ry’Abayuda+, yuko naheba nkimonogoza mu kuguma mpama+ ishengero ry’Imana nongera ndaritikiza+, 14 kandi naguma ntera imbere mw’idini ry’Abayuda kurusha benshi mu runganwe rwanje no mu bwoko bwanje+, kuko narusha abandi kure n’iyo kugirira umwete+ imigenzo+ ya ba dawe. 15 Mugabo Imana, imwe yantandukanya n’inda ya mama ikongera ikampamagara+ biciye ku buntu ata wari abukwiriye bwayo+, igihe yiyumvira ko ari vyiza 16 guhishura Umwana wayo biciye muri jewe+, kugira ngo menyeshe amahanga inkuru nziza imwerekeye+, sinaciye nja mu vyo kugisha inama inyama n’amaraso+. 17 Eka mbere sinaduze i Yeruzalemu ku babaye intumwa imbere yanje+, ahubwo naciye nja muri Arabiya, hanyuma nongera kugaruka i Damasiko+.
18 Maze haciye imyaka itatu, naraduze i Yeruzalemu+ kuramutsa Kefa+, marana na we imisi cumi n’itanu. 19 Ariko nta wundi nabonye mu ntumwa, atari Yakobo+ mwene wabo+ n’Umukama. 20 Nayo ku vyo ndabandikiye, ehe raba, imbere y’Imana sindiko ndabesha+.
21 Inyuma y’ivyo, nagiye+ mu turere two muri Siriya n’utwo muri Silisiya. 22 Ariko amashengero y’i Yudaya yari yunze ubumwe na Kristu ntiyari azi uko nsa+; 23 bahora bumva gusa ngo: “Wa muntu yahora aduhama+, ubu asigaye amenyekanisha inkuru nziza yerekeye kwa kwizera yahora atikiza+.” 24 Baca batangura kuninahaza+ Imana kubera jewe.