2 Abatesalonika
3 Ubwa nyuma, bene wacu, mubandanye kudusengera+, ngo ijambo rya Yehova+ rigume rija imbere ningoga+ ryongera rininahazwa, nk’uko mbere rimeze muri mwebwe; 2 kandi ngo turokorwe mu gukizwa abantu bakora ikibi kandi b’ababisha+, kuko ukwizera atari ikintu gifiswe na bose+. 3 Mugabo Umukama ni umwizigirwa, kandi azobashikamisha yongere abarinde wa mubisha+. 4 Vyongeye, turizigiye+ mu Mukama ku biberekeye, yuko muriko mukora ivyo dutegeka kandi ko muzobandanya kubikora+. 5 Umukama abandanye kuyobora neza imitima yanyu mu rukundo+ rw’Imana no mu kwihangana+ ku bwa Kristu.
6 Ubu rero turabategeka+, bene wacu, mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu, kwitandukanya+ na mwene wacu wese atagendera ku rutonde+, ntagende yisunga ivyo twabashikirije+. 7 Kuko mwebwe ubwanyu muzi ingene mubwirizwa kutwigana+, kuko muri mwebwe tutigenjeje nk’abatagendera ku rutonde+, 8 eka kandi nta n’umwe twaririye ibifungurwa ku buntu+. Ahubwo riho, mu kubira akuya no mu gucumukura+ ijoro n’umurango, twarakora kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe turemeka umuzigo uzimvye+. 9 Si uko tutabifitiye ububasha+, ahubwo ni ukugira ngo twitange bwa karorero kuri mwebwe ngo mutwigane+. 10 Nkako kandi, igihe twari kumwe namwe, twahora tubaha iri tegeko+: “Nimba hari uwudashaka gukora, no kurya ntarye+.” 11 Kuko twumva ko hari bamwe batagendera ku rutonde+ muri mwebwe, badakora na gatoyi, mugabo bita mu bitabaraba+. 12 Mwene abo bantu turabategeka tukongera tukabahimiriza mu Mukama Yezu Kristu yuko mu gukora batekanye ari ho bakwiye kurya ibifungurwa bo ubwabo bakoreye+.
13 Nayo mwebwe, bene wacu, ntimuhebe gukora ivyiza+. 14 Mugabo nimba hari uwutagamburuka ijambo+ tubabwiriye muri iri kete, uwo mugume mumushizeko ikimenyetso+, mureke kwifatanya na we+, kugira ngo amaramare+. 15 Yamara ntimumubone nk’umwansi, ahubwo mubandanye kumukebura+ nk’umuvukanyi.
16 Wa Mukama w’amahoro rero ubwiwe yame abaha amahoro mu buryo bwose+. Umukama abane namwe mwese.
17 Ng’iyi indamutso yanje, iya Paulo, n’ukuboko kwanje bwite+, kikaba ari ikimenyetso mw’ikete ryanje ryose; ukwo ni ko nandika.
18 Ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe mwese.