Imigani
4 Umvirize, bana, indero ya so+ kandi mutege ugutwi, kugira mumenye ugutegera+. 2 Kuko inyigisho nziza ari yo vy’ukuri ngira ndabahe+. Ntimuhebe itegeko ryanje+. 3 Kuko nabaye umwana nyawe kuri dawe+, yoroshe kandi w’ikinege imbere ya mawe+. 4 Yaranyigisha+ akambwira ati: “Umutima wawe+ nugumye rwose amajambo yanje+. Gumya amabwirizwa yanje, ubandanye kubaho+. 5 Niwironse ubukerebutsi+, wironse ugutegera+. Ntiwibagire, kandi ntukevye ngo uve ku majambo y’akanwa kanje+. 6 Ntubuhebe, na bwo buzokurinda. Bukunde, na bwo buzokuzigama. 7 Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru+. Niwironse ubukerebutsi; kandi hamwe n’ivyo wironsa vyose, niwironse ubwenge+. 8 Buhe agaciro rwose, na bwo buzogushira hejuru+. Buzokuninahaza kuko ubugumbira+. 9 Buzoha umutwe wawe igitsibo c’igikundiro+; buzokugabira urugori rw’ubwiza+.”
10 Niwumve, mwananje, kandi wemere amajambo yanje+. Ni ho imyaka y’ubuzima izokubera myinshi+. 11 Emwe, nzokwigisha inzira y’ubukerebutsi+; nzotuma ugendera mu mihora y’ukugororoka+. 12 Igihe ugenda, ingendo yawe ntizokwagirwa+; niwiruka na ho, ntuzotsitara+. 13 Fata indero ugumye+; nturekure+. Yizigame, kuko ari yo buzima bwawe+.
14 Ntiwinjire mu munyuro w’ababisha+, kandi ntugende indamvu uja mu nzira y’ababi+. 15 Yizibukire+, ntuyicemwo+; kevya uyireke, urengane+. 16 Kuko badasinzira badakoze ikibi+, n’itiro ryabo rigatwarwa iyo badatsitaje umuntu+. 17 Kuko bigaburiye umukate w’ububisha+, kandi umuvinyu w’ibikorwa vy’ubukazi ni wo banywa+. 18 Mugabo umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose+. 19 Inzira y’ababisha imeze nk’umuzimagiza+; ntibazi ico baguma batsitarako+.
20 Mwananje, niwumve amajambo yanje+. Tega ugutwi ivyo mvuga+. 21 Ntibije kure y’amaso yawe+. Bigumize hagati mu mutima wawe+. 22 Kuko ari ubuzima ku babironka+, n’amagara ku mubiri wabo wose+. 23 Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa+, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima+. 24 Kura iruhande yawe imvugo ihetaraye+; kandi iminwa y’uruyeri nuyishire kure yawe+. 25 Nayo amaso yawe, akwiye kuraba imbere adakebaguzwa+, emwe amaso aca ibibatsi yawe akwiye kuguma ahanze imbere yawe adakebaguzwa+. 26 Sena inzira y’ikirenge cawe+, kandi inzira zawe zose zibe izishimangiwe+. 27 Ntuhengamire iburyo canke ibubamfu+. Kura ikirenge cawe mu bibi+.