Gusubira mu vyagezwe
9 “Niwumve, ewe Isirayeli: uno musi ugira ujabuke Yorodani+ ngo winjire uheze womore amahanga ahambaye kandi akomeye kukuruta+, ibisagara bininibinini kandi bikingijwe ibihome gushika mu majuru+, 2 abantu bakomeye kandi barebare, bene Anakimu+, abo ubwawe wamenye ivyabo kandi ubwawe ukaba warumvise bivugwa ngo: ‘Ni nde ashobora guhagarara ashikamye imbere ya bene Anaki?’ 3 Kandi urazi neza uno musi yuko Yehova Imana yawe ariko arajabuka imbere yawe+. Ni umuriro uyigiza+. Azobazimanganya+, ubwiwe abamare igabo imbere yawe; kandi utegerezwa kubomora ubarandure vyihuta, nk’uko Yehova yakubariye+.
4 “Yehova Imana yawe niyabahinda bakava imbere yawe, ntuze uvuge mu mutima wawe, ngo: ‘Ubugororotsi bwanje bwite ni bwo bwatumye Yehova anzana ngo nigarurire iki gihugu+,’ kandi ububisha bw’aya mahanga ari bwo butumye Yehova ayirukana akava imbere yawe+. 5 Kuba uriko winjira kwigarurira igihugu cabo si ku bw’ubugororotsi+ bwawe canke ukugororoka kw’umutima wawe+. Nkako, ububisha bw’aya mahanga ni bwo butumye Yehova Imana yawe ayirukana akava imbere yawe+, ku bwo gushitsa ijambo Yehova yarahiye ba sogokuruza bawe, Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+. 6 Kandi utegerezwa kumenya yuko ubugororotsi bwawe atari bwo butumye Yehova Imana yawe aguha iki gihugu ciza ngo ucigarurire; kuko uri igisata c’izosi ridadaraye+.
7 “Ibuka: Ntiwibagire ingene wateye ishavu Yehova Imana yawe mu gahinga+. Kuva kuri wa musi wava mu gihugu ca Misiri gushika uje aha hantu, mwabaye abagarariji mu nyifato mugira kuri Yehova+. 8 Mbere n’i Horebu mwarateye ishavu Yehova, bituma Yehova abarurumbira ishavu gushika aho agomba kubazimanganya+. 9 Igihe naduga umusozi kwakira vya bisate vy’amabuye+, vya bisate vy’isezerano Yehova yari yagiranye namwe+, hanyuma nkaguma mba ku musozi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+, (sinarya umukate canke ngo nywe amazi,) 10 ni ho Yehova yampa vya bisate bibiri vy’amabuye vyanditseko n’urutoke rw’Imana+, kuri vyo hakaba hari ya majambo yose Yehova yari yavuganye namwe ku musozi hagati mu muriro kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+. 11 Hanyuma kw’iherezo rya nya misi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, Yehova ampa vya bisate bibiri vy’amabuye, ibisate vy’isezerano+. 12 Yehova ambarira ati: ‘Haguruka, manuka ningoga uve ng’aha, kuko ba bantu bawe wakura mu Misiri bikwegeye guhona+. Bakebeje ningoga bata inzira nabategetse. Bihinguriye igishusho c’icuma gishongeshejwe+.’ 13 Yehova abandanya kumbwira ati: ‘Aba bantu ndababonye: emwe, ni abantu b’izosi ridadaraye+. 14 Reka ndabazimanganye+, mpanagure amazina yabo munsi y’amajuru+, maze nawe nkugire ihanga ribarusha inkomezi n’ubwinshi+.’
15 “Inyuma y’ivyo ndahindukira, ndamanuka mva ku musozi, mu gihe nya musozi wariko uraka umuriro+. Kandi vya bisate vy’amabuye bibiri vy’isezerano vyari mu maboko yanje yompi+. 16 Maze ndaraba, nsanga mwari mwacumuye kuri Yehova Imana yanyu! Mwari mwihinguriye inyana y’icuma gishongeshejwe+. Mwari mwakebeje ningoga muta inzira Yehova yari yarabategetse+. 17 Nca mfata vya bisate bibiri, ndabitabira hasi bivuye mu maboko yanje, ndabisabiriza mu maso yanyu+. 18 Nuko nkubita inkoro hasi imbere ya Yehova nka mbere, imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine. Sinarya umukate canke ngo nywe amazi+, kubera igicumuro canyu cose mwari mwakoze mu gukora ikibi mu maso ya Yehova ku bwo kumubabaza+. 19 Kuko nari nagize ubwoba kubera ishavu rirurumba Yehova yari yabashavuriye gushika aho agomba kubazimanganya+. Ariko Yehova yaranyumvirije n’ico gihe+.
20 “Na Aroni nyene, Yehova yaramururumbiye ishavu gushika aho agomba kumuzimanganya+; mugabo ico gihe nyene naratakamvye+ no ku bwa Aroni. 21 Hanyuma ntora igicumuro canyu mwari mwakoze, ya nyana+, ndayiturira mu muriro, ndayijanjagura, ndayisya ndayinoza gushika inoze nk’umukungugu. Inyuma y’ivyo nterera umukungugu wayo mu ruzi rw’isumo rwamanuka ruva mu musozi+.
22 “Vyongeye, i Tabera+ n’i Masa+ n’i Kiburoti-hatayava+ mwarerekanye ko muri abatera ishavu Yehova+. 23 Kandi igihe Yehova yabarungika mukava i Kadeshi-baruneya+, ati: ‘Duga mwigarurire igihugu nzobaha!’, mwaciye mugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+; ntimwamwizeye+ canke ngo mwumvirize ijwi ryiwe+. 24 Mwarerekanye ko muri abagarariji mu nyifato mwagize kuri Yehova+ kuva umusi nabamenya.
25 “Nuko nkubita inkoro hasi imbere ya Yehova imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+; nkako, nakubita inkoro hasi gutyo kubera Yehova yavuga ivyo kubazimanganya+. 26 Hanyuma ntangura gutakambira+ Yehova mvuga nti: ‘Ewe Mukama Segaba Yehova, ntuhonye abantu bawe, inyegu wiharije+, abo wacunguje ubukuru bwawe, abo wakuje mu Misiri+ ikiganza gikomeye+. 27 Ibuka abasavyi bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo+. Nturabe ubukomantare bw’aba bantu n’ububisha bwabo n’igicumuro cabo+, 28 igihugu+ wadukuyemwo ntigihave kivuga ngo: “Kubera yuko Yehova atari ashoboye kubazana mu gihugu yari yarabasezeraniye, no kubera yuko yabanka, ni co catumye abakurayo kugira abicire mu gahinga+.” 29 Ni abantu bawe n’inyegu wiharije+, abo wakujeyo ububasha bwawe bukomeye n’ukuboko kwawe kuramvuye+.’