Yobu
41 “Woshobora gukwegesha Lewiyatani+ igera,
Canke woshobora kuguma ufyondeye hasi ururimi rwayo ukoresheje umugozi?
3 Mbega yokwinginga cane,
Canke yokubwira amajambo yo kuryosharyosha?
4 Mbega yogirana isezerano na wewe,
Kugira ngo uyigire nk’umushumba gushika igihe kitagira urugero?
5 Mbega woyikinisha nk’uwukinisha inyoni,
Canke woyiboha ku bw’udukobwa twawe?
6 Mbega abasangiye umutahe boyigirako urudandaza?
Mbega boyigabanganya mu bacuruza?
7 Mbega wokwuzuza urushato rwayo ibimito vy’ingobe+,
Canke umutwe wayo ukawuzuza amacumu acumita amafi?
8 Shira ikiganza cawe kuri yo.
Ibuka urwo rugamba. Ntusubire.
9 Raba! Ku vyo umuntu yiteze kuri yo, azotaha zirayoye.
Mbere umuntu azokubitwa hasi ayikubise ijisho gusa.
12 Sinzoguma ncereje ku bijanye n’ibihimba vyayo
Canke ku bijanye n’ubushobozi bwayo n’ubwiza bw’ukuntu ingana.
13 Ni nde yapfukuye ivyambarwa vyayo vyo hejuru?
Mu mubangabanga wayo urimwo ibiri ni nde yohinjira?
14 Imiryango yo mu maso hayo ni nde yayuguruye?
Amenyo yayo irya n’ino ni agacavutu.
15 Imirongo y’ibigaragamba ni yo bwibone bwayo,
Bikaba vyugawe nk’ivyugajwe ikidodo kirumya cane.
16 Kimwe kiranywana n’ikindi rwose,
Mbere n’umuyaga ntushobora kwinjira hagati yavyo.
17 Biramatanye kimwekimwe ku kindi;
Birafatanye kandi ntibishobora gutandukanywa.
18 Imyasamuro yayo iravya umuco,
Amaso yayo na yo ni nk’imishwarara y’umutwenzi.
19 Mu kanwa kayo havamwo imiravyo,
Mbere udusase tw’umuriro tugafyiruka.
20 Mu myenge y’izuru ryayo hafumbuka umwotsi,
Nk’itanure ridomekeshejwe urukangaga.
21 Impemu zayo zirurumbika amakara,
Mbere urubeya rukava mu kanwa kayo.
22 Mw’izosi ryayo ni ho inkomezi zatse indaro,
Imbere yayo umwiheburo ugasimba.
23 Imipfunyo y’umubiri wayo iramananye;
Imeze nk’iyashongesherejwe kuri yo, ntikakazwa.
24 Umutima wayo warashongeshejwe umera nk’ibuye,
Egome, warashongeshejwe umera nk’urusyo.
31 Ibiragiza ibwina nk’inkono;
Ihindura ikiyaga kikaba nk’inkono y’amavuta manovu.
32 Inyuma yayo ikayanganisha umunyuro;
Inyenga y’amazi womengo ni imvi ku mutwe.
33 Ku mukungugu nta kimeze nka yo,
Yo yakozwe ngo ntihagire ikiyica ivutu.
34 Ikintu cose kiri hejuru irakibona.
Ni umwami aganza ibikoko bikakaye vyose.”