Yohani
10 “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwutinjira mu ruhongore aciye mu muryango+ mugabo akurirana ahandi hantu, uyo ni igisuma n’umusahuzi+. 2 Mugabo uwinjira aciye mu muryango+ ni we mwungere+ w’intama+. 3 Umurinzi w’umuryango+ aramwugururira, kandi intama+ zirumviriza ijwi ryiwe, na we agahamagara intama ziwe mu mazina, akaziturutsa. 4 Amaze gusohora iziwe zose, azija imbere, intama na zo zikamukurikira+, kuko zizi ijwi ryiwe+. 5 Uw’ahandi ntizigenda zimukurikiye ahubwo ziramuhunga+, kuko zitazi ijwi ry’ab’ahandi+.” 6 Ico kigereranyo ni bo Yezu yagihaye; mugabo ntibamenye insobanuro y’ibintu yariko arababwira+.
7 Yezu rero yongera kuvuga ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Ni jewe muryango+ w’intama. 8 Abaje banyiyitirira bose ni ibisuma n’abasahuzi+; mugabo intama ntizabumvirije+. 9 Ni jewe muryango+; uwo wese yinjira aciye muri jewe azokizwa, kandi azokwinjira yongere asohoke, aronke uburagiriro+. 10 Igisuma+ ntikiza kitazanywe no kwiba no kwica no gutikiza+. Jewe naje kugira ngo zironke ubuzima kandi ziburonke ari umurengera. 11 Ni jewe mwungere w’agahebuza+; umwungere w’agahebuza arigura intama+. 12 Umucangero+, atari umwungere kandi n’intama zikaba atari iziwe bwite, abona ibingira rije agata nya ntama agahunga—rya bingira na ryo rikazinyakura, rikazisanzaza+— 13 kubera ko ari umucangero+ akaba atababaye intama+. 14 Ni jewe mwungere w’agahebuza, kandi ndazi intama+ zanje, n’intama zanje ziranzi+, 15 nk’uko Data anzi nanje nkamenya Data+; kandi ndigura intama+.
16 “Kandi ndafise izindi ntama+ zitari izo muri uru ruhongore+; izo na zo nyene ntegerezwa kuzizana, kandi zizokwumviriza ijwi ryanje+, kandi zizocika ubusho bumwe, zigire umwungere umwe+. 17 Ni co gituma Data ankunda+, kuko mpeba ubuzima bwanje+ kugira ngo nongere kuburonka. 18 Nta wabunyatse, mugabo ndabuheba ku gushaka kwanje. Ndafise ububasha bwo kubuheba, nkagira n’ububasha bwo kwongera kuburonka+. Ibwirizwa+ ry’ivyo narironse ndarihawe na Dawe.”
19 Hongera kuba ukwicamwo ibice+ mu Bayuda kubera ayo majambo. 20 Benshi muri bo bariko bavuga ngo: “Arimwo idayimoni+ kandi arasara. Mumwumviririza iki?” 21 Abandi bakavuga bati: “Ayo si amajambo y’umuntu arimwo idayimoni. Mbega idayimoni yoshobora guhumura amaso y’abantu b’impumyi?”
22 Ico gihe i Yeruzalemu haba umusi mukuru w’iyegura. Hari mu rushana, 23 Yezu na we akaba yariko agendagenda mu rusengero mw’ibaraza rya Salomo+. 24 Abayuda baramukikuza rero, batangura kumubwira bati: “Uzogeza ryari kugumiza imitima yacu mu kirere? Nimba ari wewe Kristu+, bitubwire utomora+.” 25 Yezu abishura ati: “Nababwiye yamara ntimwemera. Ibikorwa nkora mw’izina rya Dawe, ni vyo binshingira intahe+. 26 Mugabo ntimwemera, kuko mutari abo mu ntama zanje+. 27 Intama+ zanje zirumviriza ijwi ryanje, nanje ndazizi kandi zirankurikira+. 28 Nanje ndaziha ubuzima budahera+, kandi ntizizokwigera zirandurwa+, kandi nta n’umwe azozishikura mu kuboko kwanje+. 29 Ico Dawe+ yampaye ni ikiruta ibindi bintu vyose+, kandi nta n’umwe ashobora kuzishikura mu kuboko kwa Data+. 30 Jewe na Data turi umwe*+.”
31 Abayuda bongera gutora amabuye ngo bamutere+. 32 Yezu abishura ati: “Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi biva kuri Data. Ni ikihe muri ivyo bikorwa gituma muntera amabuye?” 33 Abayuda baramwishura bati: “Ntitugutera amabuye kubera igikorwa ciza, ahubwo tuyagutera kubera ukurogota+, egome, kubera ko wewe wigira imana, kandi uri umuntu+.” 34 Yezu abishura ati: “None ntivyanditswe mw’Itegeko+ ryanyu ngo: ‘Naravuze nti: “Muri imana+”’? 35 Nimba yise ‘imana+’ abo ijambo ry’Imana ryaziye, yamara Icanditswe kikaba kidashobora guhindurwa ubusa+, 36 none mubwira jewe uwo Data yejeje akanamutuma mw’isi, ngo: ‘Urarogose,’ kubera ko mvuze nti: Ndi Umwana w’Imana+? 37 Nimba ntariko nkora ibikorwa+ vya Dawe, ntimunyemere. 38 Mugabo nimba ndiko ndabikora, naho mutanyemera, nimwemere ivyo bikorwa+, kugira ngo mumenye kandi mugume muzi yuko Data yunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe na we+.” 39 Baca rero bongera kugerageza kumufata+; mugabo arabasiga+.
40 Nuko yongera kujabuka Yorodani aja aho Yohani yabatiriza+ mu ntango, aguma ng’aho. 41 Hanyuma abantu benshi baza kuri we, batangura kuvuga bati: “Yohani koko nta kimenyetso na kimwe yakoze, mugabo ibintu vyose Yohani yavuze kuri uyu muntu vyari ivy’ukuri+.” 42 Nuko ng’aho, benshi baramwizera+.