IGITABU CA GATANU
(Zaburi 107 – 150)
107 Yoo! nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.
2 Abahabujwe ba Yehova nibavuge gutyo+,
Abo yahabuje mu kuboko kw’umurwanizi+,
3 Akabegeraniriza hamwe abakuye mu bihugu+,
Abakuye i burasirazuba n’i burengerazuba+,
Abakuye mu buraruko no mu bumanuko+.
4 Barayerereye mu gahinga+, mu bugaragwa+;
Ntibaronse inzira n’imwe ijana ku gisagara co kubamwo+.
5 Barashonje, baranyoterwa+;
Batangura kudendebukirwa mu mutima+.
6 Baguma baririra Yehova mu marushwa yabo+;
Abarokora mu maganya barimwo+,
7 Abacisha mu nzira nziza+,
Kugira ngo bashikire igisagara co kubamwo+.
8 Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+
No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+!
9 Kuko yahagije imitima igadutse+;
Imitima ishonje yayujuje ivyiza+.
10 Hari abari babayeho mu mwiza no mu gitutu kizitanye+,
Imbohe ziri mu marushwa no mu vyuma+.
11 Kuko bari bagararije+ amajambo y’Imana+;
Kandi impanuro ya Musumbavyose bari bayigaye+.
12 Nuko umutima wabo awumara igabo akoresheje ivyago+;
Baratsitaye, kandi nta wufasha n’umwe yariho+.
13 Batangura gutaka Yehova ngo abatabare mu marushwa yabo+;
Abakiza amaganya barimwo nk’uko yama+.
14 Arabasohora abakura mu mwiza no mu gitutu kizitanye+,
Acagagura mbere n’imizana yabo+.
15 Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+
No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+!
16 Kuko yavunaguye imiryango y’umujumpu+,
Atemagurira hasi n’ibihindizo vy’icuma+.
17 Abari ibipfu, kubera inzira y’ukugabitanya kwabo+,
No kubera amakosa yabo, uburuhiro biteye amarushwa+.
18 Umutima wabo wanka urunuka ubwoko bwose bw’ibifungurwa+,
Bashika ku marembo y’urupfu+.
19 Batangura gutaka Yehova ngo abatabare mu marushwa yabo+;
Abakiza amaganya barimwo nk’uko yama+.
20 Arungika ijambo ryiwe, arabakiza+,
Arabakiza ivyobo vyabo+.
21 Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+
No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+!
22 Nibashikane ibimazi vy’ugukenguruka+,
Bamenyeshe ibikorwa vyiwe biha akamo k’umunezero+.
23 Abamanuka ku kiyaga bari mu meri+,
Bagakora urudandaza ku mazi agereza kure+,
24 Ni bo babonye ibikorwa vya Yehova+
N’ibikorwa vy’agatangaza vyiwe ibwina+;
25 Ingene avuga ijambo agatuma umuyaga w’igihuhusi uhaguruka+,
Ku buryo uvyura imipfunda yaco+.
26 Baraduga mu majuru,
Bakamanuka ibwina.
Kubera ivyago, umutima wabo urashonga+.
27 Baragira ibizunguzungu bakagenda badandabagirana nk’imborerwa+,
Mbere n’ubukerebutsi bwabo bwose bukavurungana+.
28 Batangura kuririra Yehova mu marushwa yabo+,
Akabakura mu maganya barimwo+.
29 Atururuza ikirura c’umuyaga kigatekana+,
Imipfunda y’ikiyaga igatekereza+.
30 Kandi baranezerwa kuko ivyo bigumye hamwe,
Na we akabayobora ku kivuko c’agahimbare kabo+.
31 Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+
No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+!
32 Nibamuhayagize mw’ishengero ry’abantu+;
Aho abahumure bicaye, nibamushemeze+!
33 Ahindura inzuzi agahinga+,
Amasôko atemba y’amazi akayahindura ubutaka bunyotewe+,
34 Isi yimbuka ayihindura igihugu c’umunyu+,
Kubera ububi bw’abahaba.
35 Ahindura agahinga ikidengeri c’amazi cuzuyeko amarenga+,
Isi yo mu ntara igadutse akayihindura amasôko atemba y’amazi+.
36 Kandi atuma abashonje bibera ng’aho+,
Ku buryo bashimangira igisagara co kubamwo+.
37 Barabiba amatongo bagatera n’imirima y’imizabibu+,
Kugira ngo bitange ivyimburwa bigwira+.
38 Arabahezagira bakagwira cane+;
Kandi ntareka ngo inka zabo zigabanuke+.
39 Barongera bakagabanuka, bakituna+
Kubera ukuzigirizwa, ivyago n’intuntu+.
40 Asuka agakengerwe ku banyacubahiro+,
Ku buryo atuma bayerera ahantu h’agahinga, hatagira inzira+.
41 Mugabo akingira umworo amarushwa+
Akamuhindura imiryāngo nk’umukuku+.
42 Abagororotsi barabibona bakanezerwa+;
Nayo ukutagororoka kwose, kubwirizwa kwugara akanwa+.
43 Ni nde ari inkerebutsi? Azokwitegereza ivyo bintu+
Yongere yiteho ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vya Yehova+.