Yosuwa
15 Akarere umuryango wa bene Yuda waheshejwe ubupfindo+ hakurikijwe imiryango yabo kagarukira ku rubibe rwa Edomu+, ni ukuvuga mu gahinga ka Zini+, ku mpera ya Negebu+ yo mu bumanuko. 2 Urubibe rwabo rwo mu bumanuko rwahera ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+, guhera ku kagobe karaba mu bumanuko. 3 Rwarasohoka amaja mu bumanuko rugana ku mudugo wa Akurabimu+, rukagenda rwerekeza i Zini+, hanyuma rukaduga ruvuye mu bumanuko rwerekeza i Kadeshi-baruneya+, rukagenda rwerekeza i Hezironi, rukaduga rugana i Adari maze rugakevya rwerekeza i Karuka. 4 Rwarabandanya i Azimoni+, rugasohoka ruja mu mwonga wa Misiri+; nya rubibe rwagarukira ku kiyaga. Urwo ni rwo rwabaye urubibe rwabo rwo mu bumanuko.
5 Urubibe rwo mu buseruko rwari ikiyaga c’Umunyu gushika ku mpera ya Yorodani, urubibe rwo mu mfuruka yo mu buraruko na rwo rukaba ku kagobe k’ico kiyaga, ku mpera ya Yorodani+. 6 Nya rubibe rwaraduga rwerekeza i Beti-hogula+ rukagenda mu buraruko bwa Beti-araba+, maze rukaduga ruja kw’ibuye rya Bohani+ mwene Rubeni. 7 Urwo rubibe rwaraduga rwerekeza i Debiri ku kiyaya co hasi ca Akori+ hanyuma rugakevya rwerekeza mu buraruko ruja i Gilugali+, aharabana n’umudugo wa Adumimu, uwuri mu bumanuko bw’umwonga; nya rubibe rwaragenda rwerekeza ku mazi ya Eni-shemeshi+, rukagarukira i Eni-rogeli+. 8 Rwaca ruduga rwerekeza ku mubande wa mwene Hinomu+, rwerekeza ku mumanuko w’Umuyebusi+ mu bumanuko, ari ho Yeruzalemu+; nya rubibe rwaca ruduga rwerekeza kw’isonga ry’umusozi urabana n’umubande wa Hinomu mu burengero, uwuri ku mpera y’ikiyaya co hasi ca Refayimu+ mu buraruko. 9 Nya rubibe rucishwa kw’isonga ry’umusozi gushika ku mbizi y’amazi ya Nefutowa+, maze rurasohoka rwerekeza ku bisagara vy’umusozi Efuroni; hanyuma urwo rubibe rushika i Bayala+, ari ho Kiriyati-yeyarimu+. 10 Nya rubibe rwarakevya ruvuye i Bayala amaja mu burengero rwerekeza ku musozi Seyiri, rukagenda rwerekeza ku mumanuko w’umusozi Yeyarimu mu buraruko, ni ukuvuga Kesaloni; rwaca rumanuka rwerekeza i Beti-shemeshi+, rukagenda rwerekeza i Timuna+. 11 Nya rubibe rwarasohoka rwerekeza ku mumanuko wa Ekuroni+ mu buraruko, maze rucishwa i Shikeroni; hanyuma rwagenda rwerekeza ku musozi Bayala, rugasohoka rwerekeza i Yabuneyeli; nya rubibe rwagarukira ku kiyaga.
12 Urubibe rwo mu burengero rwari ku Kiyaga Kinini+ n’inkengera yaco. Urwo ni rwo rwabaye urubibe rwa bene Yuda irya n’ino, hakurikijwe imiryango yabo.
13 Nayo Kalebu+ mwene Yefune amuha umuturi hagati muri bene Yuda kw’itegeko Yehova yahaye Yosuwa, egome amuha Kiriyati-aruba (uwo Aruba yari se wa Anaki), ari yo Heburoni+. 14 Nuko Kalebu ahirukana ba bahungu batatu ba Anaki+, ari bo Sheshayi+ na Ahimani na Talimayi+, abavutse kuri Anaki+. 15 Maze araduga avuye ng’aho aja ku baba i Debiri+. (Imbere y’aho, izina rya Debiri ryari Kiriyati-seferi+.) 16 Maze Kalebu avuga ati: “Uwuzokubita Kiriyati-seferi akahafata, nzomuha koko Akisa+ umukobwa wanje amubere umugore.” 17 Nuko Otiniyeli+ mwene Kenazi+, mwene wabo na Kalebu, arahafata. Amuha rero Akisa+ umukobwa wiwe ngo amubere umugore. 18 Maze Akisa ariko araja iw’umugabo, aguma ahimiriza umugabo wiwe ngo asabe se wiwe* itongo. Nuko Akisa akomanya amashi yicaye ku ndogobwa. Kalebu aca amubwira ati: “Ushaka iki+?” 19 Na we avuga ati: “Numpe umuhezagiro, kuko igice c’itongo co mu bumanuko ari co wampaye; ukwiye rero kumpa Guloti-mayimu.” Amuha rero Guloti yo Haruguru na Guloti yo Hepfo+.
20 Iyo ni yo yabaye intoranwa+ y’umuryango wa bene Yuda+, hakurikijwe imiryango yabo.
21 Kandi ibisagara vyo ku mpera y’umuryango wa bene Yuda amaja ku rubibe rwa Edomu+ mu bumanuko vyari Kabuzeyeli+ na Ederi na Yaguri, 22 na Kina na Dimona na Adada, 23 na Kedeshi na Hazori na Itunani, 24 Zifu na Telemu+ na Beyaloti, 25 na Hazori-hadata na Keriyoti-hezironi, ari ho Hazori, 26 Amamu na Shema na Molada+, 27 na Hazari-gada na Heshimoni na Beti-peleti+, 28 na Hazari-shuwali+ na Beyeri-sheba+ na Biziyotiya, 29 Bayala+ na Yimu na Ezemu+, 30 na Elitoladi na Kesili na Horuma+, 31 na Zikulagi+ na Madumana na Sansana, 32 na Lebayoti na Shilihimu na Ayini+ na Rimoni+; ibisagara vyose bikaba vyari mirongo ibiri n’icenda, hamwe n’imihana irundanye ibikukira.
33 Muri Shefela+ hari Eshitayoli+ na Zora+ na Ashina, 34 na Zanowa+ na Eni-ganimu na Tapuwa na Enamu, 35 Yarimuti+ na Adulamu+, Soko+ na Azeka+, 36 na Shayarayimu+ na Aditayimu na Gedera na Gederotayimu; ibisagara cumi na bine n’imihana irundanye ibikukira.
37 Zenani na Hadasha na Migidali-gadi, 38 na Dileyani na Mizipe na Yokiteyeli, 39 Lakishi+ na Bozikati+ na Eguloni+, 40 na Kaboni na Lahimamu na Kitilishi, 41 na Gederoti, Beti-dagoni na Nayama na Makeda+; ibisagara cumi na bitandatu n’imihana irundanye ibikukira.
42 Libuna+ na Eteri+ na Ashani, 43 na Ifuta na Ashina na Nezibu, 44 na Keyila+ na Akizibu+ na Maresha+; ibisagara icenda n’imihana irundanye ibikukira.
45 Ekuroni+ n’ibisagara bihakukira be n’imihana irundanye ihakukira. 46 Kuva i Ekuroni werekeza mu burengero, akarere kose kari iruhande ya Ashidodi n’imihana irundanye ihakukira.
47 Ashidodi+, ibisagara bihakukira n’imihana irundanye ihakukira; Gaza+, ibisagara bihakukira n’imihana irundanye ihakukira, gushika ku mwonga wa Misiri, n’Ikiyaga Kinini n’akarere bibangikanye+.
48 Mu karere k’imisozi na ho hari Shamiri na Yatiri+ na Soko, 49 na Dana na Kiriyati-sana, ari ho Debiri, 50 na Anabu na Eshitemo+ na Animu, 51 na Gosheni+ na Holoni na Gilo+; ibisagara cumi na kimwe n’imihana irundanye ihakukira.
52 Arabu na Duma na Eshani, 53 na Yanimu na Beti-tapuwa na Afeka, 54 na Humuta na Kiriyati-aruba, ari ho Heburoni+, na Ziyori; ibisagara icenda n’imihana irundanye ibikukira.
55 Mawoni+, Karumeli na Zifu+ na Yuta, 56 na Yezireyeli na Yokideyamu na Zanowa, 57 Kayine, Gibeya na Timuna+; ibisagara cumi n’imihana irundanye ibikukira.
58 Halihuli, Beti-zuri na Gedori, 59 na Mayarati na Beti-anoti na Elitekoni; ibisagara bitandatu n’imihana irundanye ibikukira.
60 Kiriyati-bayali+, ari ho Kiriyati-yeyarimu+, na Raba; ibisagara bibiri n’imihana irundanye ibikukira.
61 Mu gahinga hari Beti-araba+, Midini na Sekaka, 62 na Nibushani n’Igisagara c’Umunyu na Eni-gedi+; ibisagara bitandatu n’imihana irundanye ibikukira.
63 Ariko Abayebusi+ baba i Yeruzalemu+ bene Yuda ntibashoboye kubirukana+; kandi Abayebusi baracabana na bene Yuda i Yeruzalemu gushika n’uyu musi.