Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo.
109 Ewe Mana y’ishemezo ryanje+, ntugume ucereje+.
2 Kuko akanwa k’umubisha n’akanwa k’ubuhendanyi twasamye ngo tundotse+.
Bamvuze bakoresheje ururimi rw’ikinyoma+;
3 Bankikuje amajambo y’urwanko+,
Kandi baguma bandwanya ata gituma+.
4 Baguma bandwanya kubera urukundo rwanje+;
Mugabo iwanje hari isengesho+.
5 Banyishura ikibi ku ciza+,
N’urwanko ku rukundo rwanje+.
6 Gena umubisha abe ari we amuganza,
Kandi uwumurwanya+ agume ahagaze iruhande y’ukuryo kwiwe.
7 Niyacirwa urubanza, asohoke yiswe umubisha;
Isengesho ryiwe niricike igicumuro+.
8 Imisi yiwe nibe mike+;
Ibanga ry’ubucungezi ryiwe niritwarwe n’uwundi+.
9 Abana biwe nibacike impfuvyi+,
Umugore wiwe na we acike umupfakazi+.
10 Abana biwe nibayerere+;
Nibasegerereze,
Barondere ibifungurwa bavuye mu misaka yabo+.
11 Uwuguranira kwunguka natege imitego ivyo afise vyose+,
Ab’ahandi+ basahure ivyo yabiriye akuya+.
12 Nasigare atagira n’umuntu n’umwe amugirira ubuntu bwuzuye urukundo+,
Kandi ntihagire umuntu n’umwe agirira ubutoni impfuvyi ziwe.
13 Uruvyaro rwiwe nirube urwo kurandurwa+.
Mw’iyaruka rizokurikira, izina ryabo rize rihanagurwe+.
14 Ikosa rya ba sekuruza niryibukwe na Yehova+,
Kandi igicumuro ca nyina+, emwe, ntigihanagurwe+.
15 Nivyame imbere ya Yehova+;
Narandure ukwibukwa kwabo kuve kw’isi+;
16 Kubera ko atibutse kugira ubuntu bwuzuye urukundo+,
Ahubwo akaguma akurikirana umuntu w’umurushwa kandi w’umworo+
Be n’uwajonjogoye mu mutima, ngo amwice+.
17 Yagumye akunda umuvumo+, na wo umuzako+;
Kandi ntiyahimbawe n’umuhezagiro+,
Na wo uba kure yiwe+;
18 Yahavuye yambikwa umuvumo nka yo mpuzu yiwe+.
Nuko warinjiye nk’amazi hagati muri we+,
Winjira nk’amavuta mu magufa yiwe.
19 Numubere nk’impuzu yitwikira+,
Nk’umukanda yama yikenyeza+.
20 Iyo ni yo mpembo Yehova aha uwundwanya+,
Ari na yo ihabwa abamvugako inabi+.
21 Ariko wewe uri Yehova Umukama Segaba+.
Ivyo ungirira ubigire ku bw’izina ryawe+.
Kubera ko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari agahore, nundokore+.
22 Kuko ndi umurushwa n’umworo+,
Kandi umutima wanje watobekeranijwe muri jewe+.
23 Nk’igitutu iyo kiyonze, mbwirizwa kwigira+;
Nkunkumuwe nk’uruzige.
24 Amavi yanje aregaregeshejwe n’ukwisonzesha+,
Kandi inyama zanje zanyunyutse, nta tuvuta tukirimwo+.
25 Kuri bo jewe nacitse ikintu co gusigwa iceyi+.
Barambona, bagatangura kuzunza umutwe+.
26 Nuntabare, ewe Yehova Mana yanje+!
Nunkize nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+.
27 Nibamenye yuko ukwo ari ukuboko kwawe+,
Yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe wabikoze+.
28 Bobo nibavume+,
Ariko weho uhezagire+.
Barahagurutse, ariko nibamaramare+,
Umusavyi wawe na we anezerwe+.
29 Abandwanya nibambikwe agateterwe+,
Bitwikire ibimaramare vyabo nk’umwitero utagira amaboko+.
30 Nzohaya Yehova cane n’akanwa kanje+,
Kandi mu bantu benshi nzomushemeza+.
31 Kuko azohagarara iruhande y’ukuryo kw’umworo+,
Ngo amukize abamucira urubanza.