2 Abami
11 Nayo Ataliya+ nyina wa Ahaziya+, abona ko umuhungu wiwe yari yapfuye. Arahaguruka rero, atikiza abo mu nda y’ingoma* bose+. 2 Ariko Yehosheba+ umukobwa w’Umwami Yehoramu, mushiki wa Ahaziya, atora Yehowasi+ mwene Ahaziya, amwiba mu bahungu b’umwami bari kwicwa, egome, we n’umurezi wiwe, amushira mu cumba kigenewe uburiri, baguma bamunyegeje+ amaso ya Ataliya, ntiyicwa. 3 Agumana na we mu nzu ya Yehova anyegeye, mu kiringo c’imyaka itandatu, mu gihe Ataliya yaganza igihugu+.
4 Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada+ atuma kuzana abakuru b’amajana b’inteko z’Abanyakariya+ zijejwe gucungera ubuzima, n’abakuru b’abirutsi+, maze abazana aho ari mu nzu ya Yehova, araheza agirana isezerano+ na bo yongera arabarahiza+ mu nzu ya Yehova, hanyuma abereka umuhungu w’umwami. 5 Maze abategeka ati: “Ibi ni vyo muzokora: Ica gatatu canyu kiza kw’isabato kizocungera rwose inzu y’umwami+; 6 ikindi ca gatatu kizoba kiri kw’Irembo+ ry’Umushinge, ikindi ca gatatu na co kibe kw’irembo ry’inyuma y’abirutsi; muze mucungere rwose iyo nzu+ mukurakuranwa. 7 Kandi muri mwebwe hari imigwi ibiri isohoka yose kw’isabato; ize icungere rwose inzu ya Yehova ku neza y’umwami. 8 Muze mukikuze umwami irya n’ino, umwe wese n’ibirwanisho vyiwe mu kuboko; umuntu wese azokwinjira mu misitari aze yicwe. Muze mugumane n’umwami iyo asohotse n’iyo yinjiye.”
9 Nya bakuru b’amajana+ bakora bisunze ivyo Yehoyada umuherezi yari yategetse vyose. Nuko umwe wese atora abantu biwe, abinjira kw’isabato+ hamwe n’abasohoka kw’isabato, maze binjira aho Yehoyada umuherezi ari. 10 Uwo muherezi aha rero nya bakuru b’amajana amacumu n’inkinzo z’umuzingi vyahora ari ivy’Umwami Dawidi, ivyari mu nzu ya Yehova+. 11 Nya birutsi+ baguma bahagaze umwe wese afise mu kuboko ibirwanisho vyiwe, kuva ku ruhande rw’iburyo rw’inzu gushika ku ruhande rw’ibubamfu rw’iyo nzu, iruhande y’igicaniro*+ n’iruhande y’iyo nzu, irya n’ino, hafi y’umwami. 12 Maze asohora umuhungu+ w’umwami, amushirako umugāra+ n’Igishingantahe+; gutyo bamugira umwami+, bamurobanuza amavuta+. Nuko batangura gukoma amashi+, bavuga bati: “Umwami nabeho+!”
13 Ataliya yumvise urwamo rw’abantu bariko biruka, aca aza aho abantu bari ku nzu ya Yehova+. 14 Maze aravye, abona umwami ahagaze iruhande y’inkingi+, nk’uko umugenzo wari usanzwe uri, abakuru n’abavuza inzumbete+ bari iruhande y’umwami, abanyagihugu bose na bo bariko banezerwa+ bongera bavuza inzumbete. Ataliya+ aca atantamura impuzu ziwe maze atangura kuvuza induru ati: “Ni umugambi mubi! Ni umugambi mubi+!” 15 Mugabo Yehoyada umuherezi ategeka abakuru b’amajana, abagenywe bo mu nteko za gisirikare+, ati: “Musohore mumukure mu misitari; kandi uwumukurikira wese yicishwe inkota+!” Kuko uwo muherezi yari yavuze ati: “Ntiyicirwe mu nzu ya Yehova.” 16 Nuko bamushorerako amaboko hanyuma bamujana bamucishije mu nzira y’urwinjiriro rw’amafarasi+ rw’inzu y’umwami+, maze yicirwa ng’aho+.
17 Maze Yehoyada apfundika isezerano+ hagati ya Yehova+ n’umwami+ n’abantu, kugira ngo berekane ko ari abantu ba Yehova; yongera agira isezerano hagati y’umwami n’abantu+. 18 Inyuma y’ivyo, abanyagihugu bose baza ku nzu ya Bayali, basiturira hasi ibicaniro vyayo+; ibishusho vyayo barabimenagura+, Matani+ umuherezi wa Bayali na we bamwicira imbere y’ivyo bicaniro+.
Nuko nya muherezi ashiraho abacungezi b’inzu ya Yehova+. 19 Vyongeye, atora ba bakuru b’amajana na za nteko z’Abanyakariya+ zijejwe gucungera ubuzima, na ba birutsi+ n’abanyagihugu bose, kugira ngo bamanukane umwami bamukuye ku nzu ya Yehova; amaherezo bashika ku nzu y’umwami baciye mu nzira y’irembo+ ry’abirutsi; nuko atangura kwicara ku ntebe y’ubwami+ y’abami. 20 Abanyagihugu bose babandanya kunezerwa+; igisagara na co ntihagira ikigihungabanya; nayo Ataliya, bari bamwicishije inkota ku nzu y’umwami+.
21 Yehowasi+ yari afise imyaka indwi igihe yatangura kuganza+.