13 “Raba! Ivyo vyose ijisho ryanje ryabibonye,
Ugutwi kwanje kwavyumvise kurabirimbura.
2 Ivyo mwebwe muzi na jewe ndabizi;
Sindi munsi yanyu+.
3 Ariko, jeho nobwira Mushoboravyose ubwiwe+,
Kandi nohimbarwa no guharira n’Imana.
4 Nayo mwebwe muri abasigiririza ikinyoma+;
Mwese muri abaganga ata co bamaze+.
5 Ese iyaba gusa mwoguma mucereje koko,
Kugira ngo bibabere ubukerebutsi+!
6 Ndabinginze mwumvirize ivyiyumviro vyanje bibeshuza+,
N’imburano z’iminwa yanje muzitege ugutwi.
7 Mbega Imana ubwayo ni yo mwovugira ibitagororotse,
Kandi mukayivugira ivy’ububeshi+?
8 Mbega mwoyigirira nkunzi+,
Canke Imana y’ukuri mwoyiburanira mu rubanza?
9 Mbega vyoba vyiza ko ibasuzuma+?
Canke mwoyikina nk’uko bakina umuntu buntu?
10 Ntizobura kubakangira+
Nimwagerageza kugira nkunzi mu mpisho+;
11 Mbega iteka ryayo ntirizobaca ivutu,
N’uguterwa ubwoba na yo kukabagwako+?
12 Amajambo yanyu y’intibagirwa ni imigani y’iminyota;
Imikondo y’inkinzo zanyu ni nk’imikondo y’inkinzo z’ibumba+.
13 Nimucereze imbere yanje, kugira nanje mvuge.
Maze bice aho bishaka!
14 Kuki ntwara inyama z’umubiri wanje mu menyo,
Ngashira ubuzima bwanje mu kaga+?
15 Naho yonyica, mbega sinorindira+?
Noburanira gusa inzira zanje mu maso yayo.
16 Ni yo kandi izoba ubukiriro bwanje+,
Kuko ata muhuni azokwinjira imbere yayo+.
17 Nimwumve amajambo yanje gushika mpeze+,
Mureke ijambo ryanje ribe mu matwi yanyu.
18 Raba, ndabinginze! Nshingishije urubanza+;
Ndazi neza ko jewe ndi mu kuri.
19 Ni nde yonigana nanje+?
Kuko ubu hamwe nocereza noca ncikana!
20 Gusa Mana, ngusaba kutangirira ibintu bibiri;
Ni ho ntoheza ngo nihishe kubera wewe+;
21 Niwigize kure ukuboko kwawe kumveko,
N’ukugucikira ivutu, ntikuntere ubwoba+.
22 Hamagara kugira nanje nitabe;
Canke na ho mvuge, nawe unyishure.
23 Ni mu buryo ki mfise amakosa n’ibicumuro?
Numenyeshe umugararizo wanje n’igicumuro canje.
24 Kuki uhisha mu maso hawe+
Ukamfata nk’umwansi wawe+?
25 Mbega wojugumiza ibabi ry’ibabi riguruwe n’umuyaga,
Canke ukaguma woma inyuma ibishakara vyumye?
26 Kuko uguma wandika ibintu bimbera umururazi+,
Ukansubizako ingaruka z’amakosa y’ubuto bwanje+.
27 Ugumiza kandi ibirenge vyanje mu mpatane z’ibiti+,
Ukagumiza ijisho ku minyuro yanje yose;
Kuko ubworo bw’ibirenge vyanje ubucira umurongo wawe bwite.
28 Kandi ameze nk’ikibore kiriko kirashira+;
Nk’impuzu iriwe n’agakoko igahera+.