2 Samweli
3 Intambara hagati y’inzu ya Sauli n’inzu ya Dawidi imara igihe kirekire+; Dawidi yaguma akomera+, inzu ya Sauli na yo ikaguma isubira hasi+.
2 Muri ico gihe, Dawidi avyarirwa abahungu+ i Heburoni+. Imfura yiwe iba Amunoni+, uwavutse kuri Ahinowamu+ Umuyezireyelikazi. 3 Umuhungu wiwe agira kabiri aba Kileyabu+, uwavutse kuri Abigayili+ umugore wa Nabali Umunyakarumeli; uwugira gatatu aba Abusalomu+ umuhungu wa Mayaka, Mayaka umukobwa wa Talimayi+ umwami wa Geshuri. 4 Uwugira kane aba Adoniya+ umuhungu wa Hagiti+; uwugira gatanu aba Shefatiya+ umuhungu wa Abitali. 5 Uwugira gatandatu na we aba Itireyamu+, uwavutse kuri Egula umugore wa Dawidi. Abo ni bo Dawidi yavyariwe i Heburoni.
6 Mu gihe intambara hagati y’inzu ya Sauli n’inzu ya Dawidi yariko irabandanya, Abuneri+ yaguma akomeza ikibanza ciwe mu nzu ya Sauli. 7 Kandi Sauli yari afise incoreke yitwa Rizipa+, umukobwa wa Aya+. Mu nyuma Ishi-bosheti+ abwira Abuneri ati: “Kubera iki waryamanye n’incoreke+ ya dawe?” 8 Abuneri ashavuzwa cane+ n’amajambo ya Ishi-bosheti, maze avuga ati: “Mbega mbaye umutwe w’imbwa+ ya Yuda? Uno musi mbandanya kugirira ubuntu bwuzuye urukundo inzu ya Sauli so wawe, na bene wabo, n’abagenzi biwe bwite, kandi sinaretse ngo ugwe mu kuboko kwa Dawidi; yamara uno musi unyagirije ikosa ku bijanye n’umugore. 9 Imana igirire gutyo Abuneri, mbere n’ibirenze ivyo+, nintagirira Dawidi nk’uko nyene Yehova yamurahiye+, 10 nkimura ubwami ndabukuye mu nzu ya Sauli kandi ngashinga intebe y’ubwami ya Dawidi, kuri Isirayeli no kuri Yuda, kuva i Dani gushika Beyeri-sheba+.” 11 Nuko ntiyashobora kugira irindi jambo yishura Abuneri, kuko yamutinya+.
12 Buno nyene Abuneri aca atuma intumwa kuri Dawidi, avuga ati: “Mbega igihugu ni ica nde?” Yongerako ati: “Nugirane nanje isezerano ryawe, kandi ehe ukuboko kwanje kuzobana nawe kugira nkebereze Isirayeli yose ku ruhande rwawe+.” 13 Aca avuga ati: “Ni vyiza! Jewe nzogirana isezerano nawe. Ariko hari ikintu kimwe ngusaba: ‘Ntuzobona mu maso hanje+, kiretse ubanje kuzana Mikali+ umukobwa wa Sauli, niwaza kuraba mu maso hanje.’” 14 Vyongeye, Dawidi atuma intumwa kuri Ishi-bosheti+ mwene Sauli, ati: “Mpa umugore wanje Mikali, uwo nirehereje ku dushato* ijana+ tw’Abafilisitiya.” 15 Ishi-bosheti atuma rero kumutora ku mugabo wiwe, Palitiyeli+ mwene Layishi. 16 Ariko umugabo wiwe ajana na we, agenda araririra inyuma yiwe gushika i Bahurimu+. Maze Abuneri amubwira ati: “Genda, subira inyuma!” Aca asubira inyuma.
17 Muri ico gihe Abuneri yari yavuganye n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli ati: “Ejo be n’imbere yaho+ mwarerekanye ko mushaka yuko Dawidi ababera umwami. 18 Ubu rero nimugire ico mukoze, kuko Yehova ubwiwe yabwiye Dawidi ati: ‘Ukuboko kwa Dawidi+ umusavyi wanje ni kwo nzokirisha abantu banje Isirayeli, ndabakure mu kuboko kw’Abafilisitiya no mu kuboko kw’abansi babo bose.’” 19 Maze Abuneri avugana kandi na Benyamini+; hanyuma Abuneri aja no kubwira Dawidi i Heburoni ivyari vyiza vyose mu maso ya Isirayeli no mu maso y’inzu ya Benyamini yose.
20 Abuneri aje kuri Dawidi i Heburoni, ari kumwe n’abagabo mirongo ibiri, Dawidi aha inzimano+ Abuneri n’abagabo bari kumwe na we. 21 Maze Abuneri abwira Dawidi ati: “Reka mpaguruke ngende, nkoranirize Isirayeli yose ku mukama wanje umwami, kugira bagiranire isezerano nawe, kandi uzoba koko umwami wo kuganza abo umutima wawe uhahamiye bose+.” Dawidi aca arungika Abuneri, yigira amahoro+.
22 Mugabo haza abasuku ba Dawidi na Yowabu bavuye kugaba igitero, kandi isahu+ bari bazanye ryari ryinshi. Ariko Abuneri ntiyari kumwe na Dawidi i Heburoni, kuko yari yamurungitse, akaba yariko yigira amahoro. 23 Yowabu+ n’ingabo zose zari kumwe na we barashika; nuko abantu bamenyesha Yowabu bati: “Abuneri+ mwene Neri+ yaje ku mwami, na we aramurungika, akaba ariko yigira amahoro.” 24 Yowabu aca yinjira iyo umwami ari, avuga ati: “Wakoze ibiki+? Ehe Abuneri yaje kuri wewe. Kubera iki wamurungitse akigira? 25 Urazi neza Abuneri mwene Neri, urazi neza ko yazanywe no kuguhenda, kugira amenye igihe usohokera mu rugamba n’igihe ugarukira+, kugira amenye ivyo ukora vyose+.”
26 Yowabu aca arasohoka avuye iyo Dawidi ari, maze atuma intumwa ngo zikurikire Abuneri, ziraheza zimugarurira+ kw’itangi y’i Sira; kandi Dawidi ntiyari abizi. 27 Abuneri agarutse i Heburoni+, Yowabu aca aramwikebukanya imbere mw’irembo kugira avugane na we mu mwiherero+. Ariko aho nyene aca amuzibura mu nda+, arapfa kubera amaraso ya Asaheli+ mwene wabo. 28 Aho Dawidi avyumviye, aca avuga ati: “Jewe n’ubwami bwanje imbere ya Yehova turacuna gushika igihe kitagira urugero* ku bijanye n’amaraso+ ya Abuneri mwene Neri. 29 Ayo maraso nagaruke nk’agashururu ku mutwe+ wa Yowabu no ku nzu ya se yose, kandi mu nzu ya Yowabu+ ntihakabure umugabo w’urunyigimbe rwisuka+ canke umunyamibembe+ canke umugabo afata agati kazungurutsa urunyuzi+ canke uwugwishwa n’inkota canke uwukenye umukate+!” 30 Nayo Yowabu na Abishayi+ mwene wabo, bishe Abuneri+ kubera yari yarishe Asaheli mwene wabo i Gibeyoni mu rugamba+.
31 Maze Dawidi abwira Yowabu n’abantu bose bari kumwe na we ati: “Nimutantamure impuzu zanyu+, mukenyere amagunira*+ hanyuma muboroge cane imbere ya Abuneri.” Umwami Dawidi na we nyene yariko agendera inyuma y’inderuzo. 32 Nuko bahamba Abuneri i Heburoni; umwami ashira ijwi hejuru, aririra ku mva ya Abuneri, n’abantu bose bararira+. 33 Maze umwami aririmbana agahinda ku bwa Abuneri, ati:
“Mbega Abuneri yari akwiye gupfa nk’uko umuntu w’imburabwenge+ apfa?
34 Amaboko yawe ntiyari aboshwe+,
Kandi amaguru yawe ntiyari yashizwe mu mapingu y’umujumpu+.
Waguye nk’uwugwa imbere y’abana b’ukutagororoka+.”
Abantu bose baca bongera kumuririra+.
35 Mu nyuma abantu bose baza guha Dawidi umukate+ ku bwo kumwirura, hakiri kuri uwo murango, mugabo Dawidi ararahira, ati: “Imana ingirire gutyo+, mbere n’ibirenze ivyo, ninahonja umukate canke ikindi kintu izuba ritararenga+!” 36 Nuko abantu bose barabibona, maze biba vyiza mu maso yabo. Nk’uko vyari ku kintu cose umwami yakora, ivyo biba vyiza mu maso y’abantu bose+. 37 Kuri uwo musi abantu bose na Isirayeli yose bamenya yuko umwami atari we yari yicishije Abuneri mwene Neri+. 38 Maze umwami abandanya kubwira abasuku biwe ati: “Mbega ntimuzi yuko umuganwa akaba n’umugabo akomeye ari we yaguye uyu musi muri Isirayeli+? 39 Nanje uno musi ndi goyigoyi, naho narobanujwe amavuta+ ngo mbe umwami, kandi aba bagabo, bene Zeruwiya+, barakaze birenze kuri jewe+. Yehova yishure uwukora ikibi nk’uko ububi bwiwe buri+.”