Luka
9 Maze akoranya bamwe cumi na babiri, hanyuma abaha ubushobozi n’ububasha ku madayimoni, no kugira ngo bakize indwara+. 2 Nuko abatuma kwamamaza ubwami bw’Imana no gukiza, 3 maze ababwira ati: “Ntimugire ikintu na kimwe mwitwaza ku bw’urugendo, yaba inkoni canke umupfuko w’ibifungurwa, canke umukate canke amafeza; canke ngo mugire impuzu zibiri zo munsi+. 4 Mugabo aho hose mwinjiye mu nzu, muhagume hanyuma muhave+. 5 Kandi aho hose abantu batabakiriye, muvuye muri ico gisagara+ mukunkumure umukungugu ku birenge vyanyu kugira ngo bibe intahe ibagiriza+.” 6 Maze bafata inzira baca muri ako karere bava mu kigwati baja mu kindi, bamenyesha inkuru nziza bongera bakiza indwara ahantu hose+.
7 Buno Herodi umutware w’intara yumva ibintu vyose biriko biraba, arazazanirwa cane kubera bamwe bariko bavuga yuko Yohani yari yazuwe mu bapfuye+, 8 mugabo abandi bakavuga ko Eliya yari yabonetse, mugabo abandi na bo bakavuga ko umwe mu bahanuzi ba kera yari yazutse. 9 Herodi avuga ati: “Yohani naramuciye umutwe+. None uwo numvako ibintu mwene ivyo ni nde?” Nuko arondera+ kumubona.
10 Hanyuma intumwa zigarutse zimwiganira ibintu vyose zakoze+. Aca arazijana, arazihereranya+ mu gisagara citwa Betsayida. 11 Mugabo amasinzi abimenye, aramukurikira. Hanyuma ayakirana ubugwaneza aca atangura kuyabwira ivyerekeye ubwami bw’Imana+, yongera akiza abari bakeneye gukizwa+. 12 Maze umusi utangura kwira. Bamwe cumi na babiri buno baraza, bamubwira bati: “Rungika iryo sinzi kugira ngo rigende mu bigwati no mu gihugu hagati mu micungararo ryironse uburaro rironke n’ibifungurwa, kuko ng’aha turi mu gahinga+.” 13 Mugabo ababwira ati: “Be ari mwebwe mubaha ico barya+.” Bavuga bati: “Nta kindi dufise atari imikate itanu n’ifi zibiri+, kiretse kumbure twebwe ubwacu tugiye tukagurira ivyo kurya aba bantu bose+.” 14 Kukaba nkako, bari abagabo nk’ibihumbi bitanu+. Mugabo abwira abigishwa biwe ati: “Nimubicarike nko mu gihe co gufungura, mu migwi y’abantu nka mirongo itanitanu+.” 15 Babigira kuno, barabicarika bose. 16 Maze atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, arabihezagira hanyuma arabimanyagura, aca atangura kubiha abigishwa ngo babishire imbere ya nya sinzi+. 17 Nuko bose bararya barahaga, hanyuma ibisagutse baravyegeranya, haboneka ibisimbo cumi na bibiri vy’utumanyu+.
18 Mu nyuma, igihe yariko arasenga ari wenyene, abigishwa bakoranira kuri we, hanyuma arababaza, ati: “Amasinzi avuga ko ndi nde+?” 19 Bishura bati: “Bamwe ngo uri Yohani Umubatizi; mugabo abandi ngo uri Eliya, abandi na bo bakavuga yuko umwe mu bahanuzi ba kera yazutse+.” 20 Maze ababwira ati: “Mweho none muvuga ko ndi nde?” Petero yishura+ ati: “Uri Kristu+ w’Imana.” 21 Maze abategeka abihanikiriza kutagira n’umwe babibwira+, 22 mugabo avuga ati: “Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, hanyuma akicwa+, maze ku musi ugira gatatu akazurwa+.”
23 Maze abandanya kubwira bose ati: “Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke+ atore igiti co kubabarizwako ciwe imisi yose, hanyuma agume ankurikira+. 24 Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwuheba ubuzima bwiwe kubera jewe azobukiza+. 25 Mu vy’ukuri, umuntu vyomumarira iki yungutse isi yose, mugabo agahomba ubuzima bwiwe canke akamererwa nabi+? 26 Kuko uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje, Umwana w’umuntu azoterwa isoni n’uyo muntu niyashika mu buninahazwa bwiwe n’ubwa Se n’ubw’abamarayika beranda+. 27 Mugabo ndababwiye ukuri: Hariho bamwe mu bahagaze ng’aha batazohonja urupfu na gato batabanje kubona ubwami bw’Imana+.”
28 Nkako, imisi nk’umunani inyuma y’ayo majambo, ahitana Petero na Yohani na Yakobo hanyuma aduga ku musozi gusenga+. 29 Igihe yariko arasenga, mu maso hiwe+ hahinduka ukundi, ivyambarwa vyiwe na vyo birererana bica ibibatsi+. 30 Vyongeye, ehe abagabo babiri bariko barayaga na we, bakaba bari Musa na Eliya+. 31 Abo, baboneka bari n’ubuninahazwa hanyuma batangura kuganira ivyerekeye ukugenda kwiwe yabwirizwa gushitsa i Yeruzalemu+. 32 Buno Petero n’abari kumwe na we bari baremerewe n’itiro; mugabo aho bamariye kwikangura koko, babona ubuninahazwa bwiwe+ na ba bagabo babiri bahagararanye na we. 33 Nuko igihe bano bariko baratandukana na we, Petero abwira Yezu ati: “Mwigisha, ni vyiza kuba turi ng’aha; reka rero dushinge amahema atatu, rimwe ryawe, irindi rya Musa, irindi rya Eliya,” mugabo adatahura ivyo yariko aravuga+. 34 Mugabo ariko aravuga ivyo bintu, igicu kirirema hanyuma gitangura kubatwikiriza igitutu. Binjiye muri ico gicu, bagira ubwoba+. 35 Hanyuma ijwi+ riva muri nya gicu, rivuga riti: “Uyu ni Umwana wanje, uwatowe+. Nimumwumvirize+.” 36 Hanyuma iryo jwi ryumvikanye, Yezu aboneka ari wenyene+. Mugabo baguma banumye kandi ntibagira umuntu n’umwe biganira muri iyo misi ikintu na kimwe mu vyo babonye+.
37 Ku musi ukurikira, bamanutse bavuye kuri nya musozi, isinzi rinini riza kumusanganira+. 38 Maze umugabo umwe arasemerera ari muri nya sinzi, ati: “Mwigisha, ndakwinginze undabire umuhungu wanje, kuko ndamufise ari ikinege+, 39 kandi ehe, impwemu+ iramufata, buno nyene agakoma akaruru, hanyuma ikamuhotagura akabimba ifuro, kandi imuvamwo bigoranye imaze kumutera inguma. 40 Nanje ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane, mugabo ntibabishoboye+.” 41 Yezu yishura ati: “Ewe wa yaruka ritagira ukwizera kandi rigoramanze+, nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Zana umuhungu wawe ng’aha+.” 42 Mugabo n’igihe nyene yariko aregera, nya dayimoni imukubita hasi iramuhotagura bimwe bikaze. Ariko Yezu akankamira nya mpwemu ihumanye hanyuma akiza wa muhungu, maze amushikiriza se wiwe+. 43 Erega, bose bajorezwa n’ububasha bw’agakomeye+ bw’Imana.
Buno igihe bose bariko baratangarira ibintu vyose yariko arakora, abwira abigishwa biwe ati: 44 “Mushire aya majambo mu matwi yanyu, kuko Umwana w’umuntu abwirizwa gutangwa mu maboko y’abantu+.” 45 Mugabo baguma badategera iryo jambo. Nkako, bararihishijwe ngo ntibaritahure, na bo baratinya kumubaza ivy’iryo jambo+.
46 Maze ivyiyumviro bibinjiramwo ku bijanye n’uwobaye mukuru muri bo+. 47 Yezu amenya ivyiyumviro biri mu mitima yabo, afata umwana mutoyi, amushira iruhande yiwe+, 48 hanyuma ababwira ati: “Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye, kandi uwo wese anyakiriye aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwigenza nk’umuto+ muri mwebwe mwese ari we mukuru+.”
49 Yohani aca asubizayo ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni+ akoresheje izina ryawe, natwe tugerageza kumubuza+, kubera atari kumwe natwe+.” 50 Mugabo Yezu amubwira ati: “Ntimugerageze kumubuza, kuko uwutabarwanya abashigikiye+.”
51 Imisi iri mu gukwira ngo aduganwe+, yerekeza amaso yiwe i Yeruzalemu yiyemeje kujayo. 52 Nuko atuma intumwa ngo zimwitangire imbere. Na zo ziragenda zinjira mu gisagara c’Abasamariya+, kumugirira imyiteguro; 53 mugabo ntibamwakira, kubera ko amaso yiwe yari yerekeje i Yeruzalemu ngo ajeyo+. 54 Abigishwa Yakobo na Yohani+ ngo babibone, bavuga bati: “Mukama, ushaka tubwire umuriro+ umanuke uvuye mw’ijuru ubarigate?” 55 Mugabo arahindukira arabahambarira. 56 Nuko baja mu kindi kigwati.
57 Buno bari mu nzira bagenda, umuntu umwe amubwira ati: “Nzogukurikira iyo uzoja hose+.” 58 Yezu na we amubwira ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe+.” 59 Maze abwira uwundi ati: “Nkurikira.” Nya muntu avuga ati: “Ndeka mbanze ngende mpambe dawe+.” 60 Mugabo amubwira ati: “Reka abapfu+ bahambe abapfu babo, mugabo wewe genda umenyekanishe hose ubwami bw’Imana+.” 61 Hanyuma uwundi na we avuga ati: “Ndagukurikira, Mukama; mugabo banza undeke nsezere+ abo mu rugo rwanje.” 62 Yezu amubwira ati: “Nta muntu ashize ukuboko kw’isuka irimishwa n’ibitungwa+ araba ibiri inyuma+, abereye ubwami bw’Imana.”