Zaburi
Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo, ururirimbo.
2 Nubagurure, nk’uko umwotsi ugururwa n’umuyaga+;
Nk’uko ishashara ishonga kubera umuriro+,
Ababisha nibayogere bave imbere y’Imana+.
4 Nimuririmbire Imana, muhibongoreze izina ryayo+;
Dugirize ururirimbo Umwe aca mu biyaya vy’ubugaragwa+,
Akabigira ari Ya*, ari ryo zina ryiwe+; mutambe mutarike imbere yiwe;
6 Imana ituma inyakamwe zibera mu nzu+;
Isohora imbohe ikaziha gutunganirwa bimwe bishitse+.
Ariko intumva zozo, zibwirizwa kuba mu gihugu kibabutse+.
Ijuru na ryo riratonyanga kubera Imana+;
9 Watanguye kugwisha umucuncubuko w’imvura y’isegenya, ewe Mana+!
Intoranwa yawe, n’igihe yari irambiwe, ubwawe warayisubijemwo ingoga+.
10 Ikigwati cawe c’amahema+, barakibayemwo+;
Mu kumera neza kwawe watanguye kugitegurira umurushwa, ewe Mana+!
12 Mbere n’abami b’ingabo barahunga, emwe, bagahunga+.
Nayo umugore yibera i muhira, araronka kw’isahu+.
13 Naho mwagumye muryamye hagati y’ibirundo vy’umunyota vy’ikambi,
Hazoba amababa y’inuma akuyengejeko ifeza,
Amubi yayo akaba akuyengejeko inzahabu y’urwatsi rutoto rugomba gusa n’umuhondo+.
15 Akarere k’imisozi ka Bashani+ ni umusozi w’Imana+;
Akarere k’imisozi ka Bashani ni umusozi w’amasonga+.
16 Kubera iki ga mwa misozi y’amasonga muguma murabana ishari
Umusozi Imana yashatse kubako+?
Mbere Yehova ubwiwe azohaba ibihe bidahera+.
17 Imikogote y’intambara y’Imana iharurwa mu bihumbi mirongo, mu bihumbi n’ibihumbi incuro n’izindi+.
Yehova ubwiwe yavuye i Sinayi yinjira ahantu heranda+.
Wajanye imbohe+;
Watwaye ingabirano zigizwe n’abagabo+,
Egome, mbere intumva+, ngo ube hagati muri bo+, ewe Ya, Mana!
19 Hahezagirwe Yehova atwikorerera umutwaro ku musi ku musi+,
We Mana y’ukuri y’ubukiriro bwacu+. Sela.
20 Imana y’ukuri kuri twebwe ni Imana y’ibikorwa vy’ugukiza+;
Kandi ivyanzo bikura umuntu mu rupfu+ ni ivya Yehova Umukama Segaba+.
21 Koko, Imana ubwayo izomenagura umutwe w’abansi bayo+,
Imenagure urutwariro rwuzuyeko umushatsi rw’uwo wese agendagendera mu caha ciwe+.
22 Yehova yavuze ati: “Nzobagarukana ndabakuye i Bashani+,
Nzobagarukana ndabakuye ibwina mu kiyaga+,
23 Kugira ngo woze ikirenge cawe mu maraso+,
Ngo ururimi rw’imbwa zawe ruronke umugabane warwo ku bansi+.”
25 Abaririmvyi bagendera imbere, abavuza ibicurarangisho vy’imirya bakabakurikira+;
Hagati hari abigeme bakubita utugoma+.
26 Nimuhezagire Imana mu makinja y’abantu akoranye+,
Muhezagire Yehova, yemwe abava kw’Isôko rya Isirayeli+!
27 Aho ni ho hari ka Benyamini kabamara igabo+,
Abaganwa ba Yuda kumwe n’isinzi ryabo ryiha akaruru,
Abaganwa ba Zebuloni, abaganwa ba Nafutali+.
28 Imana yawe yashingiye itegeko inkomezi zawe+.
Niwerekane inkomezi, ewe Mana, wewe wagize ico ukoze ku bwacu+.
30 Hambarira igikoko co mu marenga+, ikoraniro ry’amashūri+,
Kumwe n’inyana z’ibisata vy’abantu, imwe yose igakandagira ibipande vy’ifeza+.
Yasanzaje ibisata vy’abantu bihimbarwa n’indwano+.
31 Ibintu vy’umujumpu w’imvange bizoza bivuye mu Misiri+;
Kushi ubwayo izoramvurira Imana ningoga amaboko ifise amaturo+.
32 Emwe mwa bwami bwo mw’isi, nimuririmbire Imana+,
Nimuhibongoreze Yehova—Sela—
33 Umwe agendera kw’ijuru rya kera ry’amajuru+.
Yewe ga yee! Asamirana n’ijwi ryiwe, ijwi rikomeye+.