35 Elihu abandanya kwishura, ati:
2 “Mbega ivyo ni vyo wabonye ko ari ubutungane?
Wavuze ngo: ‘Ubugororotsi bwanje buruta ubw’Imana+.’
3 Kuko uvuga ngo: ‘Bukumariye iki+?
Ni inyungu nki mfise indutira gucumura+?’
4 Jewe ndakwishura
Mwe na bagenzawe+ bari kumwe nawe.
5 Rangamiza mw’ijuru+ urabe,
Witegereze ibicu+, ingene koko biri hejuru kukuruta.
6 Nimba ucumuye koko, uyigira iki+?
Kandi nimba imigararizo yawe yongerekanye koko, uyitwara iki?
7 Nimba koko uri mu kuri, uyiha iki,
Canke ironka iki mu kuboko kwawe+?
8 Ububisha bwawe bwobangamira umuntu nkawe+,
N’ubugororotsi bwawe bwogira ico bukoze ku mwana w’umuntu yakuwe mw’ivu+.
9 Kubera agahahazo kenshi cane, baguma batabaza+;
Baguma batabaza kubera ukuboko kw’abahambaye+.
10 Yamara nta wavuze ngo: ‘Imana yo Muremyi wanje Ahambaye iri hehe+,
Imwe itanga uduhibongozo mw’ijoro+?’
11 Ni yo itwigisha+ kuruta ibikoko vyo kw’isi+,
Kandi itugira inkerebutsi kuruta ibiremwa biguruka vyo mu kirere.
12 Ng’aho baguma barira, ariko ntiyishura+,
Kubera ubwishime+ bw’ababi.
13 Ububeshi ni bwo gusa Imana itumva+,
Kandi Mushoboravyose ubwiwe ntabwitegereza+.
14 Nkanswe rero igihe uvuze ko utayitegereza+!
Urubanza ruri imbere yayo, ukaba rero ukwiye kuyirindira ubishashaye+.
15 Ubu rero kubera ko ishavu ryayo ritāgize ico ribaza+,
Na yo ntiyitayeho ukwo guhuruduka gukabije+.
16 Kandi Yobu atabururira akanwa kiwe ubusa gusa;
Agwiza amajambo masa ata bumenyi+.”