106 Shemeze Ya+!
Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.
2 Ni nde ashoboye kuvuga ibikorwa vy’ubushobozi vya Yehova+,
Canke agashobora kwumvikanisha ishemezo ryiwe ryose+?
3 Hahiriwe abubahiriza ubutungane+,
Bagakora ivy’ubugororotsi igihe cose+.
4 Nunyibuke, ewe Yehova, unyibukishe bwa butoni ugirira abantu bawe+.
Nunyitwararikishe ubukiriro bwawe+,
5 Kugira ngo mbone ineza igirirwa abo watoye+,
Kugira ngo nezerwe umunezero w’ihanga ryawe+,
Kugira ngo niratane n’intoranwa yawe+.
6 Twaracumuye cokimwe na ba sogokuruza bacu+;
Twaragize nabi; twakoze ivy’ububisha+.
7 Nayo ba sogokuruza bacu mu Misiri,
Nta gutahura kwimbitse na gukeyi berekanye ku bijanye n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe+.
Ntibibutse umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buhambaye+,
Ahubwo baragararije ku kiyaga, kuri ca kiyaga Gitukura+.
8 Hanyuma arabakiza ku bw’izina ryiwe+,
Kugira atume ubushobozi bwiwe bumenyekana+.
9 Nuko ahambarira ikiyaga Gitukura, kirakama+;
Abacisha mu nyenga y’amazi nko mu gahinga+;
10 Nuko abakiza ukuboko kw’umwankanyi+,
Abahabuza mu kuboko kw’umwansi+.
11 Amazi atangura gupfuka abarwanizi babo+;
Ntihasigara n’umwe+.
12 Maze bizera ijambo ryiwe+;
Batangura kuririmba ishemezo ryiwe+.
13 Bibagira ningoga ibikorwa vyiwe+;
Ntibarindira impanuro yiwe+.
14 Mugabo berekana icipfuzo cabo c’ubwikunzi mu gahinga+,
Bagerageza Imana mu bugaragwa+.
15 Na yo ibaha ivyo basavye+,
Mugabo ibarungikamwo indwara y’ubugesera+.
16 Batangura kugirira agashari Musa mw’ikambi+,
Na Aroni wa mweranda wa Yehova+.
17 Isi ica iruguruka imira miyonzwa Datani+,
Ipfukiranya ikoraniro rya Abiramu+.
18 Nuko umuriro urarurumba mw’ikoraniro ryabo+;
Urubeya rurigata ababisha+.
19 Vyongeye, bakora inyana i Horebu+,
Bunamira igishusho c’icuma gishongeshejwe+,
20 Ku buryo bakāba ubuninahazwa bwanje+
Ishusho y’ishūri, iyirya ibimera+.
21 Bibagira Imana yo Mukiza wabo+,
Iyakoze ibintu bikomeye mu Misiri+,
22 Ibikorwa vy’agatangaza mu gihugu ca Hamu+,
Ibintu biteye ubwoba kuri ca kiyaga Gitukura+.
23 Yagira ivuge ivy’ukubazimanganya+,
Iyo hataba Musa uwo yatoye,
Uwahagaze mu mukokwe imbere yayo+,
Kugira asubize inyuma ubushangashirwe bwayo ngo ntibubahonye+.
24 Bakengera ca gihugu gihimbaye+;
Ntibizeye ijambo ryayo+.
25 Baguma bidogera mu mahema yabo+;
Ntibumviriza ijwi rya Yehova+.
26 Nuko aduza ukuboko kwiwe ararahira ku biberekeye+,
Yuko yobatsinze mu gahinga+,
27 Yuko yotumye uruvyaro rwabo rugwa mu mahanga+,
Be n’uko yobasanzaje mu bihugu+.
28 Batangura kwifatanya na Bayali y’i Peyori+
No kurya ibimazi vy’abapfuye+.
29 Kubera ko bariko bamutera ishavu biciye ku bikorwa vyabo+,
Ikiza caciye caduka muri bo+.
30 Igihe Finehasi yahaguruka akabijamwo+,
Ni ho nya kiza cahagarikwa.
31 Abiharurwako nk’ubugororotsi
Uko iyaruka rikurikira irindi gushika igihe kitagira urugero+.
32 Vyongeye, batera ishavu kuri ya mazi ya Meriba+,
Ku buryo bigendera nabi Musa bivuye kuri bo+.
33 Kuko bababaje impwemu yiwe,
Atangura guhuruduka n’iminwa yiwe+.
34 Ntibazimanganije ibisata vy’abantu+,
Nk’uko Yehova yari yababwiye+.
35 Bivanga n’amahanga+,
Batangura kwiga ibikorwa vyabo+.
36 Baguma bakorera ibigirwamana vyabo+,
Bino biraheza bibabera umutego+.
37 Bashikana bwa bimazi abahungu babo+
N’abakobwa babo, babashikanira amadayimoni+.
38 Baguma bavisha amaraso y’intungane+,
Amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo,
Abo bashikaniye ibigirwamana vy’i Kanani+;
Igihugu kiraheza gihumanywa n’ugusesa amaraso+.
39 Bahumanywa n’ibikorwa vyabo+,
Baguma bashurashura biciye ku vyo bakora+.
40 Maze ishavu rya Yehova ritangura kururumbira abantu biwe+,
Araheza yanka urunuka intoranwa yiwe+.
41 Incuro n’izindi abatanga mu kuboko kw’amahanga+,
Kugira ngo ababanka babaganze+,
42 No kugira ngo abansi babo babahahaze,
Kugira ngo bamarwe igabo munsi y’ukuboko kwabo+.
43 Kenshi yarabarokora+,
Mugabo bo bakagarariza mu ngendo yabo y’ukugambarara+,
Bagacishwa bugufi kubera ikosa ryabo+.
44 Yarabona amarushwa yabo+
Igihe yumva akamo kabo k’ukwinginga+.
45 Yaribuka ku biberekeye isezerano ryiwe+,
Akumva yicujije, nk’uko umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe buhambaye uri+.
46 Yaratuma batera ikigongwe
Ababagira imbohe bose+.
47 Dukize, ewe Yehova Mana yacu+,
Utwegeranye udukuye mu mahanga+
Ngo dukengurukire izina ryawe ryeranda+,
Ngo tuvugane ukwigina tugushemeza+.
48 Hahezagirwe Yehova ya Mana ya Isirayeli+
Kuva igihe kitagira urugero no gushika igihe kitagira urugero;
Kandi abantu bose nibavuge Amen+.
Shemeze Ya+!