2 Abami
19 Umwami Hezekiya+ akimara kuvyumva, aca atantamura impuzu ziwe+ maze yambara igunira+ araheza yinjira mu nzu ya Yehova+. 2 Vyongeye, atuma Eliyakimu+, uwagaba urugo, na Shebuna+ umunyamabanga n’abagabo b’inararibonye bo mu baherezi, bambaye amagunira, kuri Yesaya+ umuhanuzi mwene Amozi+. 3 Nuko bamubwira bati: “Hezekiya avuze ngo: ‘Uyu musi ni umusi w’amarushwa+ n’uw’uguhambara+ n’uw’ukutisonera kw’akagaye+; kuko tumeze nk’umugore agira yibaruke+ mugabo akaba atagira inkomezi zo kwibaruka+. 4 Hari aho Yehova Imana yawe yokwumva+ amajambo yose ya Rabushake, uwo umwami wa Ashuri umukama wiwe yatumye gucokora+ Imana nzima, maze akagira ico amubaza koko ku bw’amajambo Yehova Imana yawe yumvise+. Uture isengesho+ ku bw’amasigarira+ asigaye.’”
5 Nuko abasuku b’Umwami Hezekiya binjira kwa Yesaya+. 6 Maze Yesaya ababwira ati: “Mubwire umukama wanyu muti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze+: “Ntutinye+ kubera amajambo wumvise, ayo abasuku b’umwami wa Ashuri bakoresheje mu kumvuga nabi+. 7 Ehe ngira nshire impwemu+ muri we, kandi azokwumva inkuru+ maze asubire mu gihugu ciwe; kandi nzotuma koko agwishwa n’inkota mu gihugu ciwe+.”’”
8 Inyuma y’ivyo, Rabushake+ asubira inyuma maze asanga umwami wa Ashuri ariko ararwana na Libuna+; kuko yari yumvise ko nya mwami yavuye i Lakishi+ akagenda. 9 Yumva bivugwa ku bijanye na Tiruhaka umwami wa Etiyopiya ngo: “Ehe yasohotse kukurwanya.” Nuko yongera gutuma intumwa+ kuri Hezekiya ati: 10 “Mubwire Hezekiya umwami wa Yuda muti: ‘Imana wizigira ntiguhende+, mu kuvuga ngo: “Yeruzalemu+ ntizotangwa mu kuboko kw’umwami wa Ashuri+.” 11 Ehe! Wewe ubwawe warumvise ivyo abami ba Ashuri bakoreye ibihugu vyose mu kubitikiza+; none wewe uzorokorwa+? 12 Mbega imana+ z’amahanga ba sogokuruza banje bahoneje zarayarokoye, egome, Gozani+ na Harani+ na Rezefu na bene Edeni+ bari i Teli-asari+? 13 Ari hehe umwami wa Hamati+ n’umwami wa Arupadi+ n’umwami w’ibisagara vya Sefaruvayimu, Hena na Iva+?’”
14 Hezekiya atora rero nya makete mu kuboko kw’izo ntumwa maze arayasoma+, hanyuma aduga ku nzu ya Yehova araheza ayagaranzura imbere ya Yehova+. 15 Nuko Hezekiya atangura gusengera+ imbere ya Yehova ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, wewe wicaye ku bakerubi*+, ni wewe wenyene uri Imana y’ukuri y’ubwami+ bwose bw’isi+. Ni wewe wakoze amajuru+ n’isi+. 16 Tega ugutwi, Yehova we, wumve+. Ugurura amaso+, ewe Yehova, ubone, wumve amajambo ya Senakeribu, ayo yatumye gucokora+ Imana nzima. 17 Ego ni ko, ewe Yehova, abami ba Ashuri baratikije amahanga n’ibihugu vyayo+. 18 Kandi imana zayo bazihaye umuriro, kuko zitari imana+, mugabo zari izahinguwe n’amaboko y’umuntu+, izahinguwe mu biti no mu mabuye; ku buryo baziranduye. 19 None rero, ewe Yehova Mana yacu+, turakwinginze udukize+ mu kuboko kwiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene+.”
20 Nuko Yesaya mwene Amozi atuma kuri Hezekiya ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze+: ‘Isengesho+ wantuye ku vyerekeye Senakeribu umwami wa Ashuri naryumvise+. 21 Iri ni ryo jambo Yehova avuze kuri we:
“Umukobwa w’isugi wa Siyoni yagusuzuguye+, yagutwengeye mw’ijigo+.
22 Ni nde wacokoye+ kandi ni nde watutse+?
Ni nde wadugirije ijwi+
Ukararamurira amaso hejuru+?
Ni wa Mweranda wa Isirayeli+!
23 Wacokoye Yehova biciye ku ntumwa zawe+, kandi ukaba uvuga uti+:
‘Nkoresheje ubwinshi bw’imikogote y’intambara yanje, jewe ubwanje+—
Nzoduga koko ahakirurutse h’uturere tw’imisozi+,
Imihingo ya Libani+ iri kure kuruta iyindi;
Kandi nzokwicira amasederi maremare+ yaho, ibiti vy’imiberoshi+ vyaho vy’intorwa.
Nzokwinjira mu kibanza c’uburaro caho ca nyuma, ikibira kimeze nk’umurima w’ivyamwa+ waho.
24 Jewe ubwanje nzokwimba koko amazi y’ahandi maze ndayanywe,
Kandi nzokamisha ubworo bw’ibirenge vyanje imigende yose ya Nili ya Misiri+.’
25 Mbega ntiwumvise+? Kuva mu bihe vya kera cane, ivyo ni vyo nzokora+.
Kuva mu misi ya kera na rindi naravyiyumviriye+.
Ubu rero ngira ndabishitse+.
Wewe uzokoreshwa mu gutuma ibisagara bikingijwe ibihome bicika umusaka nk’ibirundo vy’ibihomvagurike+.
26 Ababibamwo bazogira amaboko ya goyigoyi+;
Bazotekerwa koko n’ubwoba kandi bamaramare+.
Bazocika ata kabuza nk’ibimera vyo mw’ishamba n’ivyatsi bitoto biremvye+,
Nk’ivyatsi vyo ku bisenge+, igihe bibabuwe n’umuyaga wo mu buseruko+.
27 Ndazi neza+ ukwicara utekanye kwawe n’ugusohoka+ kwawe n’ukwinjira kwawe,
N’ukunshavurira kwawe+,
28 Kuko ukunshavurira kwawe+ n’ukuroha kwawe vyaduze bigashika mu matwi yanje+.
Ata gukeka nzoshira ingobe yanje mu zuru ryawe n’imijiginya hagati y’iminwa yawe+,
Nzogusubiza inyuma koko ngucishije mu nzira wazananye+.”
29 “‘Iki ni co kizokubera ikimenyetso+: Uwu mwaka bazorya ku bizomera ku dutete twakorotse+, mu mwaka ugira kabiri na ho barye intete zimejeje; mugabo mu mwaka ugira gatatu, muze mubibe imbuto+ maze mushwabure, muze muteragire imirima y’imizabibu maze murye ivyamye muri yo+. 30 Abazorokoka mu nzu ya Yuda, abazosigara+, ata gukeka bazoshora imizi munsi maze bame ivyamwa hejuru+. 31 Kuko amasigarira azosohoka avuye i Yeruzalemu+, n’abarokotse basohoke bavuye ku musozi Siyoni+. Umwete+ nyene wa Yehova nyen’ingabo uzobikora.
32 “‘Ni co gituma Yehova avuze ku vyerekeye umwami wa Ashuri+ ati: “Ntazokwinjira muri iki gisagara+ canke ngo aharase umwampi+ canke ngo ahahange n’inkinzo canke ngo aharundire igikuta co kuhasugereza+. 33 Inzira yazananye ni yo azocamwo mu gusubira inyuma, mugabo ntazokwinjira muri iki gisagara, ni ko Yehova avuze+. 34 Nzorwanira+ koko iki gisagara kugira ngo ndagikize ku bwanje+ no ku bwa Dawidi umusavyi wanje+.”’”
35 Nuko muri iryo joro umumarayika wa Yehova arasohoka maze asasika ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu mw’ikambi+ y’Abashuri+. Abantu bavyutse kare mu gitondo, erega, basanga bose bapfuye, ari imivyimba+. 36 Nuko Senakeribu+ umwami wa Ashuri afata inzira aragenda, asubira inyuma+, maze aba i Ninewe+. 37 Maze igihe yariko arunama mu nzu ya Nisiroki+ imana yiwe+, Adarameleki na Shareseri, abahungu biwe ubwabo, bamwicisha inkota+ hanyuma bahungira mu gihugu ca Ararati+. Nuko Esari-hadoni+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.