Yobu
34 Elihu abandanya kwishura, ati:
2 “Umviriza amajambo yanje, yemwe bantu b’inkerebutsi;
Namwe abazi ibintu, ntega ugutwi.
4 Twihitiremwo urubanza;
Twimenyere hagati yacu iciza ico ari co.
6 Mbega nobesha ku bijanye n’urubanza rwanje bwite?
Igikomere canje gikaze ntigikira naho ata kugabitanya kuhari+.’
8 Ni ukuri ari mu nzira yo kwunga ubugenzi n’abakora ibintu bibabaza,
Mu nzira yo kugendana n’abantu b’ububisha+.
10 Rero, yemwe bantu muri n’ugutahura+, nimunyumvirize.
Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha+,
Yuko Mushoboravyose yorenganya+!
11 Kuko umuntu yakuwe mw’ivu izomuhemba+ nk’uko akora,
Kandi uko umunyuro w’umuntu umeze, ni na ko izotuma umugarukako.
13 Ni nde yamushinze isi,
Kandi ni nde yamuragije ubutaka bwimbuka, mbere bwose uko bwakabaye?
14 Niyashira umutima wiwe ku muntu,
Impwemu y’uwo muntu n’impemu ziwe akavyiyegeranirizako+,
15 Ibiri n’umubiri vyose bizocikanira hamwe,
Kandi umuntu yakuwe mw’ivu azosubira mu mukungugu+.
16 Nimba rero ufise ugutegera, umviriza ibi;
Tega ugutwi ijwi ry’amajambo yanje.
17 None vy’ukuri uwanka ubutungane azoganza+?
Kandi nimba umunyabubasha agororotse, uzomwita umubisha+?
18 Mbega umuntu yobwira umwami ngo: ‘Uri imburakimazi’?
Akabwira abanyacubahiro ngo: ‘Muri ababisha+’?
19 Hariho Uwutagiriye nkunzi abaganwa
Kandi atitwararitse umunyacubahiro kumurutisha umutoyi+,
Kuko bose ari igikorwa c’amaboko yiwe+.
20 Bapfa nk’aka kanya+, mbere hagati mw’ijoro+;
Abantu barazungazunga bagahita,
Abanyabubasha bakanyika ata kuboko kubikoze+.
23 Kuko adashingira igihe umuntu n’umwe
Co kurenguka imbere y’Imana mu rubanza.
26 Abakubita nk’ababisha
Akabakubitira ahantu hari abarorerezi+;
27 Kubera bakebeje ntibamukurikire+,
Kandi nta n’imwe mu nzira ziwe barimbūye+,
28 Ngo batume amaborogo y’umuntu mutoyi amushikira,
Gutyo akumva amaborogo y’abarushwa+.
29 Mu gihe ubwiwe atumye haba impore, ni nde none yomutsindisha?
Mu gihe ahishije mu maso hiwe+, ni nde yomwitegereza,
Vyaba bigiriwe ihanga+ canke umuntu, akaba ari cokimwe?
31 Nakare, mbega hari umuntu vy’ukuri yobwira Imana ati:
‘Ndarubonye, naho ata nabi nkora+;
32 Naho ata co mbona, ubwawe nunyigishe;
Nimba hari ikitagororotse nakoze,
Sinzosubira+’?
33 Mbega wibaza ko izobikosora kubera ko wanse urubanza,
Kubera ko ari wewe uhisemwo, atari jewe?
Emwe, ico uzi neza, kivuge.