Umusiguzi
3 Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe+, mbere ikintu cose munsi y’amajuru kirafise igihe caco: 2 hari igihe co kuvuka+ n’igihe co gupfa+; igihe co gutera n’igihe co kurandura icatewe+; 3 igihe co kwica+ n’igihe co gukiza+; igihe co gusenyura n’igihe co kwubaka+; 4 igihe co kurira+ n’igihe co gutwenga+; igihe co kuboroga+ n’igihe co kwikina amatavu+; 5 igihe co gushibura amabuye+ n’igihe co kwegeraniriza amabuye hamwe+; igihe co kugumbira+ n’igihe co kureka kugumbira+; 6 igihe co kurondera+ n’igihe co guheba; igihe co kugumya n’igihe co guta+; 7 igihe co gutabura+ n’igihe co gushona+; igihe co kunuma+ n’igihe co kuvuga+; 8 igihe co gukunda n’igihe co kwanka+; igihe c’intambara+ n’igihe c’amahoro+. 9 Ni akarusho gaki uwukora aronka mu vyo akora agatama+?
10 Narabonye igikorwa Imana yahaye abana b’abantu ngo bakore+. 11 Ikintu cose yakigize ciza mu gihe caco+. Mbere n’igihe kitagira urugero yagishize mu mutima wabo+, ngo abantu ntibigere bubura igikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo+. 12 Naramenye yuko ata kintu kiriho kibarutira kunezerwa no gukora iciza mu buzima+; 13 kandi ko umuntu wese yorya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame+. Ni yo ngabirano y’Imana+.
14 Naramenye yuko ikintu cose Imana y’ukuri ikora, kizoba ic’igihe kitagira urugero+. Nta kiri bwongerwe kuri co kandi nta kiri bukurwe kuri co+; mugabo Imana y’ukuri ni yo yagikoze+, ngo abantu batinye kubera yo+.
15 Icabayeho, cari caramaze kubaho, kandi ikizobaho kiramaze kubaho+; kandi Imana y’ukuri+ ubwayo iguma irondera igikurikiranwa+.
16 Narongeye mbona munsi y’izuba ikibanza c’ubutungane, kandi muri co ni ho ububisha bwari; mbona n’ikibanza c’ubugororotsi, kandi muri co ububisha ni ho bwari+. 17 Jewe navuze mu mutima wanje+, nti: “Imana y’ukuri izocira urubanza umugororotsi n’umubisha+, kuko ikintu cose gifise igihe caco n’igikorwa cose ng’aho kikagira igihe caco+.”
18 Jewe ubwanje naravuze mu mutima wanje ku biraba abana b’abantu yuko Imana y’ukuri izobagosora, ngo babone yuko ubwabo ari ibikoko+. 19 Kuko hari iherezo ku bijanye n’abana b’abantu be n’iherezo ku bijanye n’igikoko, kandi bifise iherezo rimwe+. Uko kimwe gipfa, ni ko n’ikindi gipfa+; kandi vyose bifise impwemu+ imwe itarenga, ku buryo ata co umuntu asumvya igikoko, kuko vyose ari ubusa. 20 Vyose bija ahantu hamwe+. Vyose vyavuye mu mukungugu+, kandi vyose bisubira mu mukungugu+. 21 Ni nde azi impwemu y’abana b’abantu, ko yoba iduga hejuru; n’impwemu y’igikoko, ko yoba imanuka epfo mw’isi+? 22 Kandi nabonye yuko ata kintu kiruta ko umuntu yonezerwa mu bikorwa vyiwe+, kuko uwo ari wo mugabane wiwe; kuko, ni nde azomuzana ngo arabe ibizoba mu nyuma ziwe+?