Zaburi
Ni izaburi ya Dawidi. Masikili.
32 Hahiriwe umuntu umugararizo wiwe uhariwe, uwo igicumuro ciwe gipfutswe+.
2 Hahiriwe umuntu Yehova adaharurako ikosa+,
Mu mutima wiwe akaba ata buhendanyi buriyo+.
3 Igihe naguma ncereje, amagufa yanje yashirira mu kuniha kwanje bukarinda bwira+.
4 Kuko ukuboko kwawe kwandemēra umurango n’ijoro+.
Amazimazi y’ubuzima bwanje ahindutse nko mu bushuhe bugadutse bw’ici+. Sela.
5 Igicumuro canje naratevye ndakikwaturira, kandi ikosa ryanje sinaripfutse+.
Navuze nti: “Nzokwaturira Yehova ibigabitanyo vyanje+.”
Nawe warahariye ikosa ry’ibicumuro vyanje+. Sela.
6 Ku bw’ivyo, umuntu w’intahemuka wese azogusenga+
Ku gihe gusa ushobora kuronkeka+.
Nayo amazi menshi y’isegenya, ntazogenda amukozeko+.
7 Uri ubwihisho bwanje; uzonzigama unkize amarushwa+.
Uzonkikuza akamo k’umunezero, ako umuntu yiha iyo arokowe+. Sela.
8 “Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo+.
Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe+.
9 Ntimwigire nk’ifarasi canke inyumpu bitagira ubwenge+,
Bimwe amanyama yavyo abwirizwa kugundishwa imijiginya canke ibiziriko+
Muko biheza bikakwegera+.”