Luka
22 Ico gihe umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, uwo bita Pasika+, wariko uregereza. 2 Vyongeye, abakuru b’abaherezi n’abanditsi bariko bararondera uburyo nyabwo bwo kumukuraho+, kuko batinya abantu+. 3 Mugabo Shetani yinjira muri Yuda, umwe yitwa Isikariyoti, uwaharurwa muri bamwe cumi na babiri+; 4 na we aragenda avugana n’abakuru b’abaherezi be n’abakuru b’abarinzi b’urusengero ku vyerekeye uburyo nyabwo bwo kumugabura kuri bo+. 5 Emwe, baranezerwa, baca bemera kumuha amafeza+. 6 Nuko aremera, aca atangura kurondera akaryo keza ko kumugabura kuri bo ata sinzi riri hafi+.
7 Nuko umusi w’imikate itarimwo umwambiro urashika, uwo imbagwa ya pasika yategerezwa gutangirwako ikimazi+; 8 hanyuma atuma Petero na Yohani ati: “Gende mudutegurire pasika+ turye.” 9 Bamubwira bati: “Ni hehe ushaka ko tuyitegurira?” 10 Ababwira+ ati: “Ehe! Nimwinjira mu gisagara, murahwana n’umuntu yikoreye ikarabo ry’amazi. Mumukurikire mu nzu yinjiramwo+. 11 Muheze mubwire nyen’inzu muti: ‘Umwigisha akubwiye ati: “Icumba c’abashitsi kiri hehe, ico ndi buriremwo pasika ndi kumwe n’abigishwa banje+?” ’ 12 Uwo muntu na we araheza abereke icumba cagutse co hejuru, kirimwo ivya nkenerwa. Muhategurire pasika+.” 13 Nuko baragenda babisanga nk’uko yari yababwiye, baraheza bategura pasika+.
14 Amaherezo isaha igeze, aja ku meza, n’intumwa ziri kumwe na we+. 15 Azibwira ati: “Naripfuje cane kurya iyi pasika ndi kumwe namwe imbere y’uko mbabazwa; 16 kuko ndabibabwiye: Sinzokwongera kuyirya kugeza ivyayo birangutse mu bwami bw’Imana+.” 17 Maze yakira igikombe+ arakenguruka, avuga ati: “Akire iki mugihanahane hagati yanyu; 18 kuko ndabibabwiye: Kuva ubu sinzokwongera kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu kugeza ubwami bw’Imana bushitse+.”
19 Atora n’umukate+, arakenguruka, arawumanyura, arawubaha, avuga ati: “Iki gisobanura umubiri wanje+ ugiye gutangwa ku bwanyu+. Muragume mugira ibi mu kunyibuka+.” 20 N’igikombe+ nyene akigenza kuno bamaze kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, avuga ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha+ hishimikijwe amaraso yanje+, ayagiye guseswa ku bwanyu+.
21 “Mugabo, ehe ukuboko kw’uwungura+ kuri kumwe nanje ku meza+. 22 Kubera ko Umwana w’umuntu agira agende nk’uko ivyashinzwe biri+; ariko aragowe uwo muntu bicako ngo Umwana w’umuntu agurwe+!” 23 Nuko batangura kubazanya hagati yabo uwari agiye koko gukora ico kintu muri bo+.
24 Ariko havyuka kandi ibihari bikomeye hagati yabo vyo kumenya uwoba yasa na mukuru muri bo+. 25 Mugabo ababwira ati: “Abami b’amahanga barayakandamiza, kandi abayafiseko ububasha bitwa Abagiraneza+. 26 Ariko mweho ntimukwiye kumera gutyo+. Mugabo umukuru muri mwebwe nacike nk’umutoyi+, uwutegeka na we acike nk’uwukora+. 27 Kuko, uwuruta abandi ni nde, ni uwuri ku meza canke ni uwuriko arakora? Si uwuri ku meza none? Mugabo jewe ndi hagati yanyu nk’uwukora+.
28 “Ariko ni mwebwe mwumiye+ kuri jewe mu bigeragezo vyanje+; 29 nanje ngiraniye isezerano namwe, nk’uko Dawe yagiraniye isezerano+ nanje, ku bw’ubwami+, 30 kugira ngo murire+ kandi munywere ku meza yanje mu bwami bwanje+, mwongere mwicare ku ntebe z’ubwami+ kugira mucire imanza ya miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.
31 “Simoni, Simoni, ehe Shetani+ yabasavye ngo abagosore nk’ingano+. 32 Mugabo natakamvye+ ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere; nawe, niwamara kugaruka, ukomeze+ bene wanyu.” 33 Maze amubwira ati: “Mukama, nditeguye kujana nawe mw’ibohero no mu rupfu+.” 34 Mugabo avuga ati: “Ndabikubwiye, Petero: Isake ntibika uno musi utarahakana gatatu ko unzi+.”
35 Ababwira kandi ati: “Igihe nabatuma+ mutagira isaho n’umupfuko w’ibifungurwa be n’inkweto, hari ico mwakenye?” Bavuga bati: “Oya!” 36 Maze ababwira ati: “Mugabo ubu uwufise isaho nayitore, n’uwufise umupfuko w’ibifungurwa agire ukwo nyene; kandi uwudafise inkota nagurishe impuzu yiwe yo hejuru agure imwe. 37 Kuko ndababwiye yuko ibi bintu vyanditswe bitegerezwa kurangukira muri jewe, ari vyo vy’ibi: ‘Kandi yaharuranywe n’abagarariji+.’ Kuko ikinyerekeye kiriko kiraranguka+.” 38 Maze bavuga bati: “Mukama, ehe ng’izi inkota zibiri.” Ababwira ati: “Birahagije.”
39 Asohotse, aja ku musozi w’Imyelayo nk’uko yamenyereye; n’abigishwa na bo baramukurikira+. 40 Ashitse nya hantu ababwira ati: “Mubandanye gusenga, kugira ntimuje mu kigeragezo+.” 41 Na we yigira kure yabo nk’ahoterwa ibuye, hanyuma arapfukama, atangura gusenga, 42 avuga ati: “Data, nimba ubishaka, igizayo iki gikombe kimveko. Yamara rero, ntihabe ukugomba kwanje+, ahubwo habe ukugomba kwawe+.” 43 Maze umumarayika avuye mw’ijuru aramubonekera, aramukomeza+. 44 Mugabo agira agahinda kenshi, aguma arushirizaho gusengana ubwira+; icuya ciwe na co gicika nk’amama y’amaraso atibagurikira hasi+. 45 Hanyuma arahaguruka amaze gusenga, aja ku bigishwa, asanga bariko barahunikira kubera intuntu+; 46 ababwira ati: “Kubera iki muriko murasinzira? Haguruke mubandanye gusenga, kugira ntimuje mu kigeragezo+.”
47 Akiriko aravuga, haza isinzi, kandi wa wundi yitwa Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, yariko agendera imbere yabo+; hanyuma yegera Yezu ngo amusome+. 48 Mugabo Yezu amubwira ati: “Yuda, mbega uragabura Umwana w’umuntu mu kumusoma+?” 49 Aho abari hafi yiwe baboneye ivyagira bibe, bavuga bati: “Mukama, dukubite n’inkota+?” 50 Umwe muri bo mbere yarakubise umushumba w’umuherezi mukuru, amukurako ugutwi kw’iburyo+. 51 Mugabo Yezu yishura ati: “Nimugeze aho.” Hanyuma akora kuri kwa gutwi, aramukiza+. 52 Maze Yezu abwira abakuru b’abaherezi n’abakuru b’abarinzi b’urusengero be n’abagabo b’inararibonye bari baje ng’aho kumufata, ati: “Mbega mwaje mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi+? 53 Igihe nari kumwe namwe mu rusengero+ imisi yose ntimwaramvuye amaboko ngo mumfate+. Mugabo iyi ni yo saha+ yanyu, kandi ni bwo bubasha+ bw’umwiza+.”
54 Maze baramufata baramujana+, bamwinjiza mu nzu y’umuherezi mukuru+; mugabo Petero yagenda arakurikira ari nka hariya+. 55 Igihe bacana umuriro hagati mu rugo hanyuma bakicara hamwe, Petero yari yicaye muri bo+. 56 Mugabo umusukukazi umwe amubona yicaye iruhande ya nya gacanwa kabengagira, aramwitegereza, avuga ati: “Uyu na we nyene yari kumwe na we+.” 57 Mugabo arabihakana+, ati: “Sindamuzi, wa mugore we+.” 58 Haciye akanya uwundi muntu aramubona, avuga ati: “Na wewe uri uwo muri bo.” Mugabo Petero avuga ati: “Wa muntu we, sindi muri bo+.” 59 Haciye nk’isaha, uwundi muntu atangura kuvuga ashimika ati: “Ni ivy’ukuri n’uyu yari kumwe na we; kuko kanatsinda, ni Umunyagalilaya+!” 60 Mugabo Petero avuga ati: “Wa muntu we, sinzi ivyo uriko uravuga.” Ako kanya nyene, akiriko aravuga, isake irabika+. 61 Maze Umukama arahindukira, araba Petero, Petero na we aca yibuka rya jambo ry’Umukama igihe yamubwira ati: “Imbere y’uko isake ibika uno musi, uza kunyihakana gatatu+.” 62 Aca arasohoka hanze, ararira arabogoza+.
63 Buno abagabo bari bamucunze batangura kumushinyaguriza+, bamukubita+; 64 bamaze kumupfuka, baza baramubaza bati: “Pfindura. Ni nde agukubise+?” 65 Babandanya kuvuga n’ibindi bintu vyinshi vyo kumurogotako+.
66 Amaherezo hakeye, ikoraniro ry’abagabo b’inararibonye bo muri ico gisata, abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, bakoranira hamwe+, baramukwega bamutwara mu ngoro y’Inama Nkuru* yabo, bavuga+ bati: 67 “Nimba uri Kristu+, bitubwire.” Mugabo ababwira ati: “Naho nobibabwira, ntimwogenda muvyemeye+. 68 Vyongeye, hamwe nobabaza, ntimwogenda mwishuye+. 69 Ariko kuva ubu Umwana w’umuntu+ azoba yicaye iburyo+ bw’Imana+ h’ububasha.” 70 Kuri ivyo bose bavuga bati: “Uri Umwana w’Imana rero?” Ababwira ati: “Mwebwe ubwanyu muravuze+ ko ndi we.” 71 Bavuga bati: “Turacakenerera iki iyindi ntahe+? Kuko twebwe ubwacu tuvyiyumviye mu kanwa kiwe bwite+.”