3 Yohani
1 Jewe umugabo w’inararibonye+, ndakwandikiye wewe Gayo umukundwa, uwo nkunda vy’ukuri+.
2 Mukundwa+, ndasaba Imana yuko utunganirwa+ muri vyose kandi ukagira amagara meza+, nk’uko ubuzima bwawe buriko buratunganirwa+. 3 Kuko nanezerewe cane igihe bene wacu baza bagashingira intahe ukuri ugumije, nk’uko ubandanya kugendera mu kuri+. 4 Nta kindi mfise contera gukenguruka kiruta ibi bintu: ni uko nokwumva ko abana banje babandanya kugendera mu kuri+.
5 Mukundwa, uriko ukora igikorwa c’ubwizigirwa mu vyo ukorera bene wacu vyose+, kandi ari ba kavantara+, 6 abashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze abo uze ubarungike mu rugendo rwabo mu buryo bubereye Imana+. 7 Kuko icatumye bagira urugendo ari ku bw’izina ryayo, ata kintu batwaye+ kivuye ku banyamahanga. 8 Tubwirizwa rero kwakira neza mwene abo bantu+, kugira ngo tube abakozi bakorana mu kuri+.
9 Hari ikintu nandikiye ishengero, mugabo Diyotirefe, umwe akunda ivyo kugira ikibanza ca mbere+ muri bo, nta kintu na kimwe+ kivuye kuri twebwe yakirana icubahiro+. 10 Ni co gituma ninaza nzokwibukiriza ibikorwa vyiwe abandanya gukora+, avugavuga ivyacu mu majambo y’ububisha+. Vyongeye, ivyo ntibimubumba: mbere na bene wacu+ we ubwiwe ntabakirana icubahiro, kandi n’abashaka kubakira+ aragerageza kubabuza+ no kubata inyuma+ y’ishengero.
11 Mukundwa, ntiwigane ikibi, ahubwo wigane iciza+. Uwukora iciza akomoka ku Mana+. Uwukora ikibi ntiyabonye Imana+. 12 Demetiriyo yarashingiwe intahe na bose+ be n’ukuri ubwakwo. Nkako, na twebwe turashinga intahe+, kandi urazi yuko intahe dushinga ari iy’ukuri+.
13 Nari mfise ibintu vyinshi vyo kukwandikira, yamara sinshaka kubandanya kukwandikira nkoresheje irangi n’ikaramu+. 14 Mugabo nizigiye kukwibonera, tukazovugana amaso mu yandi+.
Ugire amahoro+.