Abacamanza
11 Buno Yefuta+ Umugileyadi+ yari yarabaye umugabo w’umunyenkomezi kandi w’intwari+, akaba yari umuhungu w’umugore w’umumaraya+, maze Gileyadi avyara Yefuta. 2 Nuko umugore wa Gileyadi aguma amuvyarira abahungu. Abahungu ba nya mugore bakuze, birukana Yefuta, bamubwira bati: “Ntuzogenda uronse intoranwa mu rugo rwa data+, kuko uri umuhungu w’uwundi mugore.” 3 Yefuta arahunga rero kubera bene wabo, aba mu gihugu ca Tobu+. Maze abagabo batagira ico bakora baguma bakoranira kuri Yefuta, bakaza barasohokana na we+.
4 Haciye igihe, bene Amoni batangura kurwanya Isirayeli+. 5 Nuko bene Amoni barwanije Isirayeli+, abagabo b’inararibonye ba Gileyadi ubwo nyene baca baja kuzana Yefuta mu gihugu ca Tobu+. 6 Maze babwira Yefuta bati: “Enda nuze utubere umukomanda, duheze turwanye bene Amoni.” 7 Mugabo Yefuta abwira nya bagabo b’inararibonye+ ba Gileyadi ati: “Si mwebwe mwanyanse mukanyirukana mu nzu ya dawe+? Kubera iki none muje kuri jewe ubu muri marushwa+?” 8 Nya bagabo b’inararibonye ba Gileyadi baca babwira Yefuta bati: “Ni co gituma ubu tugarutse+ kuri wewe; nujane natwe kurwanya bene Amoni, kandi utubere umukuru aganza ababa i Gileyadi+ bose.” 9 Yefuta abwira rero nya bagabo b’inararibonye ba Gileyadi ati: “Nimba mungarukanye kugira ndwanye bene Amoni, maze Yehova akabagabura+ koko mu kuboko kwanje, jewe nzoba umukuru wanyu!” 10 Abo bagabo b’inararibonye ba Gileyadi na bo babwira Yefuta bati: “Yehova nabe icabona* hagati yacu+, nitutakugirira nk’uko ijambo ryawe riri+.” 11 Yefuta rero ajana n’abagabo b’inararibonye ba Gileyadi maze abantu bamugira umukuru n’umukomanda wabo+. Nuko Yefuta avugira amajambo yiwe yose imbere ya Yehova+ i Mizipa+.
12 Maze Yefuta atuma intumwa ku mwami wa bene Amoni+ ati: “Mpuriye ku ki nawe+ ko uje kundwanya mu gihugu canje?” 13 Nuko umwami wa bene Amoni abwira izo ntumwa za Yefuta ati: “Ni kubera yuko Isirayeli yantwaye igihugu igihe baduga bavuye mu Misiri+, guhera kuri Arunoni+ gushika kuri Yaboki no gushika kuri Yorodani+. Ubu rero gisubize ku neza.” 14 Mugabo Yefuta yongera gutuma intumwa ku mwami wa bene Amoni, 15 amubwira ati:
“Ibi ni vyo Yefuta avuze: ‘Isirayeli ntiyatwaye igihugu ca Mowabu+ n’igihugu ca bene Amoni+. 16 Kuko igihe baduga bavuye mu Misiri, Isirayeli yaciye mu gahinga gushika ku kiyaga Gitukura+ hanyuma ishika i Kadeshi+. 17 Maze Isirayeli ituma intumwa ku mwami wa Edomu+ iti: “Ndakwinginze ureke nce mu gihugu cawe,” ariko umwami wa Edomu ntiyumviriza. Batuma no ku mwami wa Mowabu+, ariko ntiyemera. Isirayeli ibandanya rero kuba i Kadeshi+. 18 Igihe bashishikara kugenda baciye mu gahinga, barazungurutse igihugu ca Edomu+ n’igihugu ca Mowabu, ku buryo bagenda berekeza mu burasirazuba bw’igihugu ca Mowabu+ baraheza bakambika mu karere ka Arunoni; ntibarenze urubibe rwa Mowabu+, kuko Arunoni yari rwo rubibe rwa Mowabu+.
19 “‘Inyuma y’aho, Isirayeli ituma intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori, umwami wa Heshiboni+, maze Isirayeli imubwira iti: “Ndakwinginze ureke duce mu gihugu cawe kugira tuje ahantu hacu+.” 20 Mugabo Sihoni agira amakenga ku vy’uko Isirayeli yorenganye gusa iciye mu karere kiwe, maze Sihoni akoraniriza hamwe abantu biwe bose, akambika i Yahazi+ hanyuma arwanya Isirayeli+. 21 Yehova Imana ya Isirayeli aca atanga Sihoni n’abantu biwe bose mu kuboko kwa Isirayeli, barabakubita maze Isirayeli yigarurira igihugu cose c’Abamori baba muri ico gihugu+. 22 Gutyo bigarurira akarere kose k’Abamori, guhera kuri Arunoni gushika kuri Yaboki no guhera mu gahinga gushika kuri Yorodani+.
23 “‘Ubu rero Yehova Imana ya Isirayeli ni we yomoye Abamori abakura imbere y’abantu biwe ari bo Isirayeli+, none nawe ugomba kwomora abantu biwe. 24 Mbega uwo wese Kemoshi+ imana yawe itumye womora, si we womora? Kandi umuntu wese Yehova Imana yacu yomoye imbere yacu, ni we tuzokwomora+. 25 None wewe uruta Balaki mwene Zipori, umwami wa Mowabu+? Hari aho yigeze agiranira amatati na Isirayeli, canke hari aho yigeze abarwanya? 26 Ko Isirayeli yamaze imyaka amajana atatu iba i Heshiboni no mu bisagara bihakukira+, n’i Aroweri+ no mu bisagara bihakukira, no mu bisagara vyose biri iruhande y’inkombe za Arunoni, kubera iki none utigeze ubishikura Isirayeli muri ico gihe+? 27 Jewe sinagucumuyeko, mugabo wewe uriko urangirira nabi mu kundwanya. Yehova Umucamanza+ nace urubanza uno musi hagati ya bene Isirayeli na bene Amoni.’”
28 Mugabo umwami wa bene Amoni ntiyumviriza amajambo ya Yefuta, ayo yari yamutumyeko+.
29 Nuko impwemu ya Yehova iza kuri Yefuta+, maze aca muri Gileyadi no muri Manase, aca no muri Mizipe ha Gileyadi, hanyuma ava i Mizipe ha Gileyadi+, ararengana aja kuri bene Amoni.
30 Maze Yefuta araganira indagano+ Yehova ati: “Niwatanga koko bene Amoni mu kuboko kwanje, 31 uwuzosohoka, agasohokana mu miryango y’inzu yanje aje kunsanganira ngarutse amahoro+ mvuye kuri bene Amoni, emwe, azoba uwa Yehova+, kandi nzomushikana bwa shikanwa riturirwa+.”
32 Nuko Yefuta arashishikara aja kuri bene Amoni kugira abarwanye, maze Yehova abatanga mu kuboko kwiwe. 33 Atangura rero kubasasika kuva i Aroweri gushika i Miniti+—ibisagara mirongo ibiri—no gushika i Abeli-keramimu: inganda ziratikira bimwe bikomeye. Gutyo bene Amoni bamarwa igabo imbere ya bene Isirayeli.
34 Amaherezo Yefuta ashika i Mizipa+ i muhira iwe, maze ehe umukobwa wiwe arasohoka kumusanganira avuza akagoma yongera atamba+! Kandi yari umwana umwe rudende. Uretse we, nta muhungu canke umukobwa yari afise. 35 Amukubise ijisho, aca atantamura impuzu ziwe+, maze avuga ati: “Yoo, ewe mukobwa wanje! Unteye kwicurikira koko, kandi ni wewe ubaye uwo nariko nkumīra. Jewe nateranuriye akanwa Yehova, nkaba rero ntashobora kwisubirako+.”
36 Mugabo amubwira ati: “Dawe, nimba wateranuriye akanwa Yehova, nungirire nk’uko vyakwiviriye mu kanwa+, kuko Yehova yaguhaye kwihora abansi bawe, ari bo bene Amoni.” 37 Abandanya kubwira se wiwe ati: “Ningirirwe iki kintu: Undeke mu kiringo c’amezi abiri, ngende; nzomanuka ku misozi, ndirire ubusugi+ bwanje, twe n’abagenzi banje b’abakobwa.”
38 Na we aca avuga ati: “Genda!” Nuko aramurungika kumara amezi abiri; aragenda, ari kumwe n’abagenzi biwe b’abakobwa, aririra ubusugi bwiwe ku misozi. 39 Amezi abiri aheze, agaruka kwa se, hanyuma se ashitsa indagano yiwe yari yaragize ku bijanye na we+. Uwo mukobwa ntiyigeze aryamana n’umugabo. Nuko ibi biba ingingo nyobozi muri Isirayeli: 40 Ku mwaka ku mwaka, abakobwa ba Isirayeli baragenda gukeza umukobwa wa Yefuta Umugileyadi, imisi ine mu mwaka+.