Zaburi 93 Yehova ubwiwe acitse umwami+!Yambaye ubukuru+;Yehova arambaye, emwe, akenyeye inkomezi+.Ubutaka bwimbuka na bwo burashimangiwe ku buryo budashobora kunyiganyizwa+. 2 Intebe yawe y’ubwami ishimangiye kuva kera na rindi+;Uri uwo kuva igihe kitagira urugero+. 3 Inzuzi zadugije, ewe Yehova,Inzuzi zadugije ijwi ryazo+;Inzuzi ziguma ziduza umubomborano wazo+. 4 Yehova ni agakomeye+ iyo hejuruKuruta amajwi y’amazi menshi, imipfunda isuriranya y’ikiyaga y’agakomeye+. 5 Ivyibutsa vyawe vyabonetse ko ari ivyo kwizigirwa cane+.Ubweranda burabereye ku nzu yawe+, ewe Yehova, imisi itagira iherezo+.