Zaburi
Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi, ni agahibongozo.
2 Kandi yarandugije ankura mu cobo kiroha+,
Mu rwondo rw’ibishanga vyo mu ndiba+.
Maze yadugije ibirenge vyanje ku rutare+;
Yashimangiye intambuko zanje+.
3 Vyongeye, yashize mu kanwa kanje ururirimbo rushasha,
Ururirimbo rwo gushemeza Imana yacu+.
Benshi bazobibona batinye+,
Kandi bazokwizigira Yehova+.
4 Hahiriwe umuntu w’umugabo yagize Yehova amizero yiwe+
Kandi atahindukirije mu maso hiwe ku bantu ata co bibanga,
Canke ku bantu bihereza ibinyoma+.
5 Wewe ubwawe wakoze ibintu vyinshi+,
Ewe Yehova Mana yanje, mbere n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe n’ivyiyumviro udufiseko+;
Nta n’umwe ariho yogereranywa nawe+.
Hamwe norondera kubivuga no kubiyaga,
Ni vyinshi kuruta ivyo nodonda+.
6 Ibimazi n’amashikanwa ntivyaguhimbaye+;
Aya matwi yanje warayazibūye+.
Amashikanwa aturirwa be n’amashikanwa y’igicumuro nta yo wasavye+.
8 Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye+,
Kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe+.
9 Naravuze inkuru nziza y’ubugororotsi mw’ishengero rinini+.
Ehe iminwa yanje sindayitangira+.
Ewe Yehova, wewe ubwawe ivyo urabizi neza+.
10 Ubugororotsi bwawe sinabupfukiranije mu mutima wanje+.
Ubwizigirwa bwawe n’ubukiriro bwawe narabitangaje+.
Sinanyegeje ubuntu bwuzuye urukundo bwawe n’ukuri kwawe mw’ishengero rinini+.”
11 Ewe Yehova, ubwawe ntutangīre ikigongwe cawe ngo ntikinshikire+.
Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe be n’ukuri kwawe nibinzigame nantaryo+.
12 Kuko ivyago vyankikuje ku buryo bidaharurika+.
Amakosa yanje yarampambije ari menshi kuruta ayo nashobora kubona+;
Yabaye menshi kuruta umushatsi wo ku mutwe wanje+,
Kandi umutima wanje waramvuyemwo+.
14 Nibamaramare barye ivyatsi bose hamwe+,
Abo barondera ubuzima bwanje ngo babuzimanganye+.
Nibahindukire bateterwe, abo bahimbarwa n’ivyago vyanje+.