Zaburi
Masikili. Ni izaburi ya Asafu+.
74 Kubera iki ga Mana wadushibuye ibihe bidahera+?
Kubera iki ishavu ryawe riguma rifumbukira umukuku wo mu buragiriro bwawe+?
2 Ibuka ikoraniro ryawe wironkeje kera+,
Wa muryango wacungura ngo ube intoranwa yawe+,
Uyu musozi Siyoni ubayemwo+.
3 Tera intambwe uje ahagizwe imisaka y’igihe kirekire+.
Ibintu vyose vy’ahantu heranda umwansi yabifashe nabi+.
4 Abakwanka baroheye hagati mu kibanza cawe c’ihuriro+.
Bishiriyeho ibimenyetso vyabo nka vyo bimenyetso+.
5 Umuntu azwi nabi yuko ameze nk’urya abangura amashoka ngo ateme igisaka c’inzitane c’ibiti.
6 None ubu udusaruro twaho, twose hamwe, badukubita incabiti n’ibiti bikwikiyeko icuma+.
8 Abo, mbere uruvyaro rwabo, bavugiye hamwe mu mutima wabo ngo:
“Ibibanza vy’ihuriro vy’Imana vyose bitegerezwa guturirwa mu gihugu+.”
9 Ibimenyetso vyacu nta vyo twabonye; nta muhanuzi akiriho+,
Kandi nta n’umwe muri twebwe azi igihe bizomara.
10 Ewe Mana, umurwanizi azoguma agusiga iceyi kugeza ryari+?
Mbega umwansi azoguma agaya izina ryawe ibihe bidahera+?
11 Kubera iki ukuboko kwawe, mbere ukuryo kwawe, uguma ugusokoye+
Ugukuye hagati mu gikiriza cawe kugira ngo utumare?
13 Wewe ubwawe wasebagije ikiyaga n’inkomezi zawe+;
Wamenaguye imitwe y’ibikoko amahero vyo mu biyaga, mu mazi+.
14 Wewe ubwawe wajanjaguye imitwe ya Lewiyatani+.
Wagihaye abantu ngo kibabere ibifungurwa, ugiha ababa mu turere tugadutse+.
18 Ibuka ibi: Umwansi yagusize iceyi, ewe Yehova+,
Kandi igisata c’abantu c’imburabwenge cagaye izina ryawe+.