Ururirimbo. Agahibongozo ka Asafu+.
83 Ewe Mana, ntucereze+;
Ntugume winumiye, ntugume utekereje, ewe Nyenubumana+!
2 Kuko, ehe abansi bawe bari mu ntureka+;
Abakwanka urunuka badugije umutwe+.
3 Bashishikara ku rwenge ikiyago cabo c’akabanga ngo bagirire nabi abantu bawe+;
Kandi bagīra umugambi abantu bahishijwe bawe+.
4 Bavuze ngo: “Ingo tubazimanganye bareke kuba ihanga+,
Kugira ngo izina rya Isirayeli ntiryongere kwibukwa+.”
5 Kuko bagiye inama mu mutima bagize urunani+;
Mbere bapfunditse isezerano ngo bakurwanye+,
6 Amahema ya Edomu+ n’Abishimayeli, Mowabu+ n’Abahaguri+,
7 Gebali na Amoni+ na Amaleki,
Filisitiya+ hamwe n’ababa i Tiro+.
8 Na Ashuri nyene yabiyunzeko+;
Babereye ukuboko bene Loti+. Sela.
9 Nubagirire nk’uko wagiriye Midiyani+, nk’uko wagiriye Sisera+,
Nk’uko wagiriye Yabini+ ku mwonga Kishoni+.
10 Barazimanganijwe i Eni-dori+;
Bacitse intabire y’ubutaka+.
11 Nayo abanyacubahiro babo, nubagire nka Orebu na Zeyebu+,
Abatware babo bo hasi bose na bo ubagire nka Zeba na Zalumuna+,
12 Abavuze ngo: “Twigarurire ahantu Imana iba+.”
13 Ewe Mana yanje, nubagire nk’agashururu k’ibitovu+,
Nk’ibishakara imbere y’umuyaga+.
14 Nk’umuriro uturira ikibira+,
Nk’urubeya rutongora imisozi+,
15 Ukwo abe ari ko ubakurikirana n’igihuhusi cawe+,
Ubahagarike umutima n’umuyaga wawe w’ikirura+.
16 Uzuza mu maso habo agateterwe+,
Kugira abantu barondere izina ryawe, ewe Yehova+!
17 Ese bomaramara, bagahagarika umutima ibihe vyose+,
Bakarya ivyatsi, bakayogera+,
18 Kugira bamenye+ yuko wewe, uwitwa Yehova+,
Ari wewe wenyene Musumbavyose+ kw’isi yose+.