Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi.
133 Raba! Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye
Ko abavukana babana mu bumwe+!
2 Ni nka ya mavuta meza ku mutwe+,
Ashunguruka ku bwanwa,
Ubwanwa bwa Aroni+,
Ashunguruka gushika kw’izosi ry’impuzu ziwe+.
3 Ni nk’ikime+ ca Herumoni+
Kimanuka ku misozi ya Siyoni+.
Kuko aho ari ho Yehova yategetse ko umuhezagiro uba+,
Mbere ubuzima gushika igihe kitagira urugero+.