Luka
11 Igihe kimwe yari ahantu hamwe ariko arasenga. Ahagaritse, umwe mu bigishwa biwe amubwira ati: “Mukama, twigishe gusenga+, nk’uko na Yohani yigishije abigishwa biwe+.”
2 Maze ababwira ati: “Igihe cose musenga+, muvuge muti: ‘Data, izina ryawe niryezwe+. Ubwami bwawe nibuze+. 3 Uduhe ibifungurwa*+ vyacu vy’uno musi nk’uko ivyo dukenera ku musi biri. 4 Kandi utubabarire ibicumuro vyacu+, kuko natwe ubwacu tubabarira umuntu wese adufitiye umwenda+; kandi ntutujane mu kigeragezo+.’ ”
5 Ababwira kandi ati: “Ni nde muri mwebwe yogira umugenzi akaja iwe mu gicugu akamubwira ati: ‘Mugenzi, ngurana imikate itatu, 6 kuko umugenzi wanje ahejeje gushika iwanje avuye ku rugendo, nkaba ntagira ico nshira imbere yiwe’? 7 Uno ari imbere mu nzu akamwishura ati: ‘Reka kungora+. Umuryango wamaze kwugarwa, kandi abana banje batoyi bari kumwe nanje mu gitanda; sinshobora kuvyuka ngo nguhe ikintu na kimwe.’ 8 Ndabibabwiye: Naho atazohaguruka ngo amuhe ikintu na kimwe kubera ari umugenzi wiwe, mu vy’ukuri kubera ugukovya n’umutima rugabo kwiwe+, azovyuka amuhe ibintu vyose akeneye. 9 Nuko rero ndabibabwiye: Mugume musaba+, muzohabwa; mugume murondera+, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa. 10 Kuko umuntu wese asaba ahabwa+, kandi umuntu wese arondera aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa. 11 Nkako, ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana wiwe+ amusavye ifi, azomuha kumbure inzoka aho kumuha ifi? 12 Canke kandi amusavye irigi, azomuha akamina? 13 Nimba rero mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu+ ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda+ abayimusaba!”
14 Mu nyuma yariko arirukana idayimoni y’ikiragi+. Nya dayimoni imaze gusohoka, wa muntu w’ikiragi aravuga. Amasinzi aratangara. 15 Mugabo abantu bamwe muri bo bavuga bati: “Yirukana amadayimoni biciye kuri Beyezebuli umutware w’amadayimoni+.” 16 Ariko abandi, kugira bamugerageze, batangura kumuronderako ikimenyetso+ kiva mw’ijuru. 17 Amenya ivyiyumviro vyabo+, ababwira ati: “Ubwami bwose bucanyemwo bukirwanya burahona, n’inzu icanyemwo ikirwanya iragwa+. 18 Nimba rero na Shetani yigabuye akirwanya, ubwami bwiwe buzorama gute+? Kuko muvuga yuko nirukana amadayimoni biciye kuri Beyezebuli. 19 Nimba nirukana amadayimoni biciye kuri Beyezebuli, abana+ banyu bo bayirukana biciye kuri nde? Ni co gituma bazobabera abacamanza. 20 Mugabo nimba nirukana amadayimoni biciye ku rutoke rw’Imana+, ubwami bw’Imana rero bwabashikiriye+. 21 Igihe umuntu w’inguvu+ kandi afise ibirwanisho bikwiye arinda ikirimba ciwe, ibintu atunze vyigumira mu mahoro. 22 Mugabo mu gihe umuntu amurusha inguvu+ aje kumurwanya akamutsinda+, aratwara ibirwanisho vyiwe vyose yari yizigiye, akagabura ibintu vyose yamunyaze. 23 Uwutari ku ruhande rwanje aba andwanya, kandi uwutegeraniriza hamwe nanje arasanzaza+.
24 “Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica ahantu hagadutse irondera aho kuruhukira, yahabura ikavuga iti: ‘Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo+.’ 25 Nuko ishitse, isanga ikubuye neza kandi isharije. 26 Maze iragenda igahitana izindi mpwemu indwi+ ziyirusha ububisha, hanyuma zimaze gushika imbere muri nya nzu, zikahaba; maze ivya nyuma vy’uwo muntu bikunyuka kuruta ivya mbere+.”
27 Buno ariko aravuga ivyo bintu, umugore umwe wo muri rya sinzi ashira ijwi hejuru amubwira ati: “Hahiriwe inda+ yagutwaye n’amabere wonse!” 28 Mugabo na we avuga ati: “Oya, ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya+!”
29 Igihe amasinzi yariko arundanira hamwe, atangura kuvuga ati: “Iri yaruka ni iyaruka ribi; rirondera ikimenyetso+. Mugabo nta kimenyetso rizohabwa atari ca kimenyetso ca Yona+. 30 Kuko nk’uko Yona+ yacitse ikimenyetso ku Banyaninewe, ni ko n’Umwana w’umuntu azoba kuri iri yaruka. 31 Umwamikazi+ wo mu bumanuko azohagurutsanywa n’abagabo b’iri yaruka mu rubanza abatsindishe; kuko yaje ava ku mpera z’isi kugira ngo yumve ubukerebutsi bwa Salomo, mugabo, ehe uwuruta+ Salomo ari ng’aha. 32 Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’iri yaruka mu rubanza baritsindishe; kuko bigaye aho bumviye ivyo Yona yamamaza+; mugabo, ehe uwuruta+ Yona ari ng’aha. 33 Iyo umuntu amaze kudomeka itara, ntarishira mu nzu yo mu kuzimu canke munsi y’igisimbo co gupimisha, ahubwo arishira ku gitereko caryo+, kugira abinjira babone umuco. 34 Itara ry’umubiri ni ijisho ryawe. Iyo ijisho ryawe riremuruye, umubiri wawe wose na wo nyene urakaka+; mugabo iyo ari ribi, umubiri wawe na wo nyene ucura umwiza. 35 Ba maso rero. Kumbure umuco uri muri wewe ni umwiza+. 36 Nuko rero, nimba umubiri wawe wose wakaka ata na hamwe ucuze umwiza, uzokwakaka wose+ nk’igihe itara rikurasira umuco biciye ku mishwarara yaryo.”
37 Aho amariye kuvuga ivyo, Umufarizayo umwe amusaba gusangira+ na we ibifungurwa vyo ku mutaga. Nuko arinjira, aja ku meza. 38 Ariko nya Mufarizayo atangazwa no kubona atabanje gukaraba+ imbere yo gufungura. 39 Mugabo Umukama amubwira ati: “Erega mwebwe Abafarizayo mwoza inyuma igikombe n’isahani, mugabo imbere+ muri mwebwe huzuye ubusahuzi n’ububisha+. 40 Mwa mburabwenge mwe! None uwaremye inyuma+ si na we yaremye imbere? 41 Yamara rero, bwa mfashanyo y’umworo*+ nimutange ibiri imbere, kandi n’ibindi bintu vyose bizoba bihumanuwe ku biberekeye. 42 Mugabo muragowe mwa Bafarizayo mwe, kubera ko mutanga ic’icumi+ ca menta n’isogi be n’ic’izindi mboga zose, mugabo mugaca ku ruhande ubutungane n’ugukunda Imana! Ivyo bintu mwabwirizwa kubigira, mugabo ivyo bindi ntimuvyiyobagize+. 43 Muragowe mwa Bafarizayo mwe, kubera ko mukunda ivyicaro vy’imbere mu masinagogi n’indamutso mu tuguriro+! 44 Muragowe, kubera ko mumeze nka zirya mva zitibonekeza, ku buryo abantu bazicako ntibabimenye+!”
45 Umwe mu bahanga+ mu vy’Itegeko aca amwishura ati: “Mwigisha, mu kuvuga ivyo bintu natwe uradututse.” 46 Na we aca avuga ati: “Muragowe na mwebwe abahanga mu vy’Itegeko, kubera ko muremeka abantu imitwaro igoye itwara, mugabo mwebwe ubwanyu iyo mitwaro ntimuyikozeko intoke+!
47 “Muragowe, kubera ko mwubaka imva z’abahanuzi, mugabo ba sogokuruza banyu ari bo babishe+! 48 Egome, muri ivyabona vy’ibikorwa vya ba sogokuruza banyu yamara mukabishigikira+, kuko abo bishe+ nya bahanuzi mugabo mwebwe mukubaka imva zabo. 49 Ku bw’ivyo ubukerebutsi+ bw’Imana bwaravuze kandi buti: ‘Nzotuma kuri bo abahanuzi n’intumwa, kandi bazokwica bamwe muri bo bongere babahame, 50 kugira ngo amaraso y’abahanuzi bose+ yavishijwe kuva kw’ishingwa ry’isi abazwe iri yaruka+, 51 kuva ku maraso ya Abeli+ gushika ku maraso ya Zekariya+, uwagandaguriwe hagati y’igicaniro na ya nzu+.’ Egome, ndabibabwiye, azobazwa iri yaruka.
52 “Muragowe mwebwe abahanga mu vy’Itegeko, kubera ko mwatwaye urupfunguruzo rw’ubumenyi+; mwebwe ubwanyu ntimwinjiye, kandi n’abinjira mwarababujije+!”
53 Nuko asohotse akava ng’aho, abanditsi n’Abafarizayo batangura kumubanda bimwe biteye ubwoba no kumucucagira ibibazo ku vyerekeye ibindi bintu, 54 bamureretse+, ngo bagire ico bacakira+ kivuye mu kanwa kiwe.