Mika
5 “Ubu urikebagura+, ewe mukobwa atewe; yadusugereje+. Umucamanza wa Isirayeli bazomukubita inkoni kw’itama+.
2 “Nayo wewe, ewe Betelehemu Efurata+, wewe mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu bihumbi vya Yuda+, muri wewe+ hazomviramwo uwuzoba umutware muri Isirayeli+, amamo yiwe akaba ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera*+.
3 “Ni co gituma azobaheba+ gushika aho uwibaruka azokwibarukira koko+. Kandi amasigarira ya bene wabo azogaruka kuri bene Isirayeli.
4 “Emwe, azohagarara aragire umukuku mu nkomezi za Yehova+, mu bukuru bw’izina rya Yehova Imana yiwe+. Bazoguma baba ng’aho+, kuko ico gihe azoba uwuhambaye gushika ku mpera z’isi+. 5 Uwo vy’ukuri azocika amahoro+. Nayo Umwashuri, niyinjira mu gihugu cacu agakandagira ku minara yacu yo kubamwo+, tuzomuhagurukiriza rero abungere indwi, egome, abatware umunani bo mu bantu. 6 Bazoragiza inkota igihugu ca Ashuri+, n’igihugu ca Nimurodi+ mu minjiriro yaco. Azoturokora vy’ukuri adukize Umwashuri+, niyinjira mu gihugu cacu, niyakandagira mu karere kacu.
7 “Amasigarira ya Yakobo+, hagati mu bisata vy’abantu vyinshi azoba nk’ikime kivuye kuri Yehova+, nk’imicuncubuko y’imvura ku bimera+, bititega umuntu canke ngo birindire abana b’umuntu yakuwe mw’ivu+. 8 Kandi amasigarira ya Yakobo, mu mahanga menshi, mu bisata vy’abantu vyinshi, azoba nk’intambwe mu bikoko vyo mu kibira, nk’intambwe y’umukangara y’umugāra mu masho y’intama, iyikandagira ikongera igatabagura iyo irenganye+; kandi nta murokozi aboneka. 9 Ukuboko kwawe kuzoba hejuru cane y’abarwanizi bawe+, kandi abansi bawe bose bazorandurwa+.”
10 “Kuri uwo musi,” ni ko Yehova avuze, “nzorandura amafarasi yawe hagati muri wewe kandi ntikize imikogote yawe+. 11 Nzorandura ibisagara vyo mu gihugu cawe, nsambure ibibanza vyawe vyose bikingijwe ibihome+. 12 Nzorandura ubupfumu ndabukure mu kuboko kwawe, kandi ntuzoba ukigira abanyamageza+. 13 Nzorandura muri wewe ibishusho vyawe bibajwe be n’inkingi zawe, kandi ntuzoba ucunamira ivyakozwe n’amaboko yawe+. 14 Nzorandura muri wewe ibikingi vyawe vyeranda+ nongere nzimanganye ibisagara vyawe. 15 Nzokwihora amahanga atagamburutse, nshavuye kandi nshangashiwe+.”